Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 134

Abana ni ingabire iva ku Mana

Select an Audio Recording
Abana ni ingabire iva ku Mana
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Zaburi 127:3-5)

  1. 1. Umugabo n’umugore

    Bibaruts’ikibondo vyitezwe

    Ko baguma bibuka neza

    K’uwo mwana bamujejwe.

    Ni ’ngabire bompi bahawe

    Na Yehova, Sôko ry’ubuzima.

    Ah’abavyey’ubuyobozi

    Bazokwamiza ku mutima.

    (ICITABIRIZO)

    Ni ’ngabire nziza mwaronse,

    Uwo mwana mwaragijwe.

    Mumwigishe mutiziganya

    Mukoreshej’Ivyanditswe.

  2. 2. Amategeko y’Imana

    Muyamize ku mutima wanyu.

    Muze mwame muyababwira.

    Ico ni ’gikorwa canyu.

    Yababwire muri ku nzira,

    Mwikanguye canke muruhutse.

    Bazoyibuka bayisunge,

    Binovor’ivyiza bungutse.

    (ICITABIRIZO)

    Ni ’ngabire nziza mwaronse,

    Uwo mwana mwaragijwe.

    Mumwigishe mutiziganya

    Mukoreshej’Ivyanditswe.