Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 128

Twihangane gushika kw’iherezo

Select an Audio Recording
Twihangane gushika kw’iherezo
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Matayo 24:13)

  1. 1. Ivyanditswe biratuma

    Twama twihangana.

    Ivyo wize ni ’vy’ukuri,

    Gum’ubizirikana.

    Ntunyigange mu kwizera,

    Kand’ugum’ukomezwa.

    Gumana kwa gutungana,

    Naho wogeragezwa.

  2. 2. Rwa rukundo war’ufise

    Gum’uruzigamye.

    N’igihe wogeragezwa,

    Nugume wihanganye.

    Ntukekeranye, ntutinye,

    Yehov’azogukiza.

    Azokwam’akuri hafi.

    Azoguhumuriza.

  3.  3. Abaguma bihanganye

    Ni bo bazokizwa.

    Mu gitabu c’ubuzima

    Ni ho bazokwandikwa.

    Wame rero wihangana,

    Ubigir’intumbero.

    Yehov’azokwikundira

    Wuzur’umunezero.