Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 126

Guma uri maso, ushikame, ukomere

Select an Audio Recording
Guma uri maso, ushikame, ukomere
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(1 Abakorinto 16:13)

  1. 1. Gum’uri maso, shikama,

    Eka mber’ukomere,

    Urinduke nk’umugabo,

    Kukw’intsinz’ir’imbere.

    Kristu Yezu turamwumvira

    Duhagaray’ah’atubwira.

    (ICITABIRIZO)

    Ba maso, shikama, komera

    Gushika no ku mpera!

  2. 2. Gum’uri maso mu bwenge,

    Vyongey’ugamburuke.

    Wumvire na wa mushumba,

    Ico kint’ucibuke.

    Wumvire n’abakurambere

    Bo bajejwe kudukingira.

    (ICITABIRIZO)

    Ba maso, shikama, komera

    Gushika no ku mpera!

  3.  3. Tube maso twunz’ubumwe

    Twame tuburanira

    Ya nkuru nziza twajejwe

    Naho batoyakira.

    Ingo tuvuge bwa butumwa

    Kuko wa mus’uri mu nzira.

    (ICITABIRIZO)

    Ba maso, shikama, komera

    Gushika no ku mpera!