Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Turirimbire Yehova tunezerewe

 URURIRIMBO RWA 122

Dushikame, ntitunyiganyige!

Select an Audio Recording
Dushikame, ntitunyiganyige!
UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(1 Abakorinto 15:58)

  1. 1.Ub’amahanga yagiz’ubwoba.

    Abantu baratiny’ibizoba.

    Twiyemeze kwama dushikama

    Mw’is’igum’igorama.

    (ICITABIRIZO)

    Nidushikame rwose

    Twirind’isi ntitwoshe.

    Bwa buzima bwiza

    Ntibuzoducika.

  2. 2. Imitego yo mw’is’iruzuye;

    Twirinde, twiber’abatanduye.

    Twans’ikibi tutagikinisha

    Azodushikamisha.

    (ICITABIRIZO)

    Nidushikame rwose

    Twirind’isi ntitwoshe.

    Bwa buzima bwiza

    Ntibuzoducika.

  3. 3. Nuseng’ubikuye ku mutima,

    Ukorer’Iman’izogushima.

    Ya nkuru twame twayitangaje.

    Iherezo riraje.

    (ICITABIRIZO)

    Nidushikame rwose

    Twirind’isi ntitwoshe.

    Bwa buzima bwiza

    Ntibuzoducika.

(Raba kandi Luka 21:9; 1 Pet. 4:7.)