UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Abaroma 7:14-25)

  1. 1. Gukunda Yehov’ukamwubaha

    Bisab’ukwigumya, kwirind’icaha.

    Twank’ivyipfuzo vy’ubuhemu,

    Twibereho twisung’impwemu.

  2. 2. Shetan’arondera kutugwisha.

    N’icaha gishaka kuduhubisha.

    Ukuri ni kwo kuturinda.

    Ku bwa Yehova tuzotsinda.

  3. 3. Mu ngeso zacu twokwiyubara.

    Tugumye twicunga vyomuhimbara.

    Mu vyo dukora twihangane,

    Ukwigumya tukugumane.