Ikirundi
Dutegerezwa kugira ukwizera (Ururirimbo rwa 119)
/assets/ct/29206d32a6/images/syn_placeholder_sqr.png
sjj ururirimbo 119

URURIRIMBO RWA 119

Dutegerezwa kugira ukwizera

Dutegerezwa kugira ukwizera

(Abaheburayo 10:38, 39)

  1. 1. Kensh’Imana yavuze biciye

    Ku bahanuzi ba kera.

    Ubu isaba ‘bose kwigaya’

    Bakagir’ukwizera.

    (ICITABIRIZO)

    Mbe turafis’ukwizera

    Kuzotuma turokoka?

    Mbe kujana n’ibikorwa?

    Kurokoka ni ho vyoshoboka.

  2. 2. Kristu turamugamburukira,

    Twigish’ata co twikanga.

    Ya nkuru y’Ubwami yizigiza

    Ntitwoyigir’ibanga.

    (ICITABIRIZO)

    Mbe turafis’ukwizera

    Kuzotuma turokoka?

    Mbe kujana n’ibikorwa?

    Kurokoka ni ho vyoshoboka.

  3. 3. Nya kwizera ni kwo kutugumya,

    Ntidusuha; nta co tuba.

    Tuguma kuri Yehova kuko

    Azodukiza vuba.

    (ICITABIRIZO)

    Mbe turafis’ukwizera

    Kuzotuma turokoka?

    Mbe kujana n’ibikorwa?

    Kurokoka ni ho vyoshoboka.