UKO VYIPANGA
Igisomwa
Ishusho

(Ivyakozwe 20:35)

  1. 1. Naho tugoyagoya

    Ntikibuza ko

    Yehov’atubabara

    Mu bitubako.

    Uyo mutabazi

    Yuzuy’imbabazi.

    Natwe gukund’abandi

    Twobishikako.

  2. 2. Bamw’usang’ukwizera

    Guhobahoba.

    Tubaremeshe boye

    Kugir’ubwoba.

    Na bo n’ab’Imana;

    Ntibatererana.

    Tubabaranye na bo

    Bizobahoza.

  3. 3. Aho kubanegura,

    Nitubakeze;

    Tube n’abanyabuntu,

    Tubakomeze.

    Oya ntiduheshe;

    Nitubaremeshe.

    Tubahojeje gutyo

    Bogir’urweze.