Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro  |  Rusama 2017

8-14 Rusama

YEREMIYA 35-38

8-14 Rusama
  • Ururirimbo rwa 33 n’isengesho

  • Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

  • Ebedi-meleki ni akarorero keza k’umutima rugabo n’ubuntu”: (Imin. 10)

    • Yr 38:4-6​—Kubera ugutinya abantu, Zedekiya yaremeye ko Yeremiya atabwa n’abansi biwe mw’itangi ririmwo urwondo ngo apfireyo (it-2 1119 ing. 4)

    • Yr 38:7-10​—Ebedi-meleki yaragize umutima rugabo arafasha Yeremiya (w12 1/5 31 ing. 2-3)

    • Yr 38:11-13​—Ebedi-meleki yarerekanye ubuntu (w12 1/5 31 ing. 4)

  • Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)

    • Yr 35:19​—Kubera iki Abarekabu bahezagiwe? (it-2 758)

    • Yr 37:21​—Yehova yitwararitse gute Yeremiya? Ivyo bituremesha gute igihe turi mu ngorane? (w98 1/2 16 ing. 16-17; w95 1/8 5 ing. 5-6)

    • Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi cakwigishije iki ku vyerekeye Yehova?

    • Hari ubundi butunzi woba warabonye mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

  • Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Yr 36:27–37:2

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

  • Ururirimbo rwa 127

  • Twitwararike ibibanza dusengeramwo: (Imin. 15) Ikiganiro c’ibibazo n’inyishu gitangwa n’umukurambere. Muhejeje kuraba akavidewo Twitwararike ibibanza dusengeramwo no kuganira ku bibazo bijanye, baza muri make uwuserukira ishengero ryanyu muri Komite ijejwe Ingoro y’Ubwami. (Mutamufise, baza umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere. Nimba ata rindi shengero musangiye Ingoro, baza uwuhagarikira ibikorwa vyo kuyibungabunga.) Ni ibikorwa ibihe vyo gusanura Ingoro biherutse gukorwa? Ni ibiki mutegekanya gukora? Nimba hari uwufise ubuhanga mu vyo kubungabunga Ingoro canke uwushaka kuvyiga mu gukorana n’ababufise, yokora iki? Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, twese twofasha gute mu vyo kwitwararika Ingoro?

  • Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) kr ikig. 12 ing. 9-15, n’inzitiro “Ukuntu ivy’ubucungezi vyaryohowe” na “Ingene inama nyobozi yitwararika ivy’ubwami

  • Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)

  • Ururirimbo rwa 125 n’isengesho