Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro  |  Rusama 2017

1-7 Rusama

YEREMIYA 32-34

1-7 Rusama

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

  • Ikimenyetso c’uko Isirayeli yogarukanywe”: (Imin. 10)

    • Yr 32:6-9, 15​—Yehova yategetse Yeremiya kugura itongo bwa kimenyetso c’uko yogarukanye Isirayeli (it-1 116 ing. 1)

    • Yr 32:10-12​—Yeremiya yarakurikije ibintu vyose vyasabwa n’amategeko ku bijanye n’ubuguzi (w07 15/3 11 ing.3)

    • Yr 33:7, 8​—Yehova yasezeranye ko ‘yotyoroye’ abari baragizwe imbohe (jr 152 ing. 22-23)

  • Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)

    • Yr 33:15​—Uwo “munago” ukomoka kuri Dawidi ni nde? (jr 173 ing. 10)

    • Yr 33:23, 24​—Iyo “miryango ibiri” ivugwa ng’aha ni iyihe? (w07 15/3 11 ing. 4)

    • Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi cakwigishije iki ku vyerekeye Yehova?

    • Hari ubundi butunzi woba warabonye mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

  • Igisomwa ca Bibiliya: (Imin. 4 canke idashika) Yr 32:1-12

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

  • Tegura uburyo bwo gutanguza ibiyago muri uku kwezi: (Imin. 15) Ikiganiro c’uguhana ijambo gishingiye ku gice kivuga ngo “Ingene twotanguza ibiyago.” Kuri buri buryo, nimwerekane akavidewo bijanye muce muganira ku vyiyumviro nyamukuru. Igihe abamamaji batanga agatabu Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare baremeshe gukoresha akavidewo bijanye.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

  • Ururirimbo rwa 6

  • Ibikenewe iwanyu: (Imin. 15) Murashobora kuganira ku vyigwa dukura mu Gitabu c’umwaka. (yb16 67-71)

  • Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: (Imin. 30) kr ikig. 12 ing.1-8, n’uruzitiro “Yaricishije bugufi aremera gukosorwa

  • Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)

  • Ururirimbo rwa 23 n’isengesho