Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro  |  Rusama 2016

 UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ZABURI 26-33

Yehova aradufasha kugira umutima rugabo

Yehova aradufasha kugira umutima rugabo

Dawidi yaragize umutima rugabo yibutse ingene Yehova yamurokoye

27:1-3

  • Yehova yarakijije Dawidi intambwe igihe yari akiri muto

  • Yehova yarafashije Dawidi kwica idubu kugira akingire ubusho

  • Yehova yarafashije Dawidi igihe yica Goliyati

Ni igiki codufasha kugira umutima rugabo nka Dawidi?

27:4, 7, 11

  • Isengesho

  • Kwamamaza inkuru nziza

  • Kwitaba amakoraniro

  • Kwiyigisha n’ugusenga kwo mu muryango

  • Kuremesha abandi

  • Kwibuka ingene Yehova yadufashije muri kahise