Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Hitamwo ururimi Ikirundi

 UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nugume urindiranye umushasharo kandi wihanganye

Nugume urindiranye umushasharo kandi wihanganye

Umaze igihe kingana gute urindiriye ko Ubwami bw’Imana buza? Woba wagumye urindiriye wihanganye naho wari mu ngorane? (Rm 8:25) Abakirisu bamwebamwe barankwa, bagafatwa nabi, bagapfungwa canke mbere bagahakwa kwicwa. Abandi batari bake na bo usanga barwaye indwara zidakira canke barembejwe n’ubusaza.

Ni ibiki none bizodufasha kurindira twihanganye mu ngorane izo ari zo zose zodushikira? Dutegerezwa gukomeza ukwizera kwacu biciye ku gusoma Bibiliya buri musi no ku kuzirikana. Dutegerezwa kugumiza ubwenge ku vyo twasezeraniwe. (2Kr 4:16-18; Heb 12:2) Dutegerezwa gutakambira Yehova mw’isengesho, tukamusaba n’impwemu yiwe ngo iduhe inkomezi. (Lk 11:10, 13; Heb 5:7) Uwo Muvyeyi wacu munyarukundo arashobora kudufasha ‘kwihangana bimwe bishitse kandi tunezerewe.’​—Kl 1:11.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO DUTEGEREZWA ‘KWIRUKA TWIHANGANYE’: NIWIZIGIRE KO UZOTAHUKANA INTSINZI, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Ni ibintu ibihe bishobora ‘kudushikira giturumbuka’? (Ums 9:11)

  • Isengesho ridufasha gute igihe turi mu ngorane?

  • Nimba bitagishoboka ko dukorera Yehova cane nka kera, kubera iki dukwiye gushira umutima ku vyo dushoboye gukora uko vyoba bingana kwose?

  • Nugume ubona intsinzi

    Ni igiki gituma ugumana icizigiro c’uko uzotahukana intsinzi?