Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU—AGATABU K’IKORANIRO RUHUHUMA 2017

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nufashe abana bawe barushirize kwizera Umuremyi

Nufashe abana bawe barushirize kwizera Umuremyi

Ivyaremwe bitangaza ubuninahazwa bwa Yehova. (Zb 19:1-4; 139:14) Ariko isi ya Shetani yoyo ikwiragiza inyigisho zisiga iceyi Imana ku bijanye n’inkomoko y’ubuzima. (Rm 1:18-25) None wokora iki kugira ukingire abana bawe ntibandukirwe n’izo nyigisho? Nubafashe kuva bakiri bato kugira barushirize kwizera ko Yehova abaho kandi ko abitaho. (2Kr 10:4, 5; Ef 6:16) Numenye ivyo biyumvira ku bijanye n’ivyo babigisha kw’ishure, maze ukoreshe ibikoresho bitandukanye dufise kugira ubakore ku mutima.Img 20:5; Yak 1:19.

NIMURABE AKAVIDEWO KAVUGA NGO IVYO URUNGANWE RWAWE RUVUGA—KWEMERA IMANA, MAZE MUCE MUGANIRA KURI IBI BIBAZO:

  • Abantu bakunze kuvuga iki ku bijanye no kwemera Imana?

  • Kw’ishure iwanyu babigisha ibiki?

  • Ni ibiki bikujijura ko Yehova abaho?

  • Wofasha gute umuntu gutahura ko Imana ari yo yaremye vyose?