Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU—AGATABU K’IKORANIRO RUHUHUMA 2017

Ingene twotanguza ibiyago

Ingene twotanguza ibiyago

BE MASO!

Ikibazo: Igitigiri c’imiyabaga irwara akabonge gitera congerekana bimwe biteye ubwoba. Wibaza ko iyo ngorane yotorerwa umuti gute?

Ivyo wovuga: Iki kinyamakuru kirerekana ivyo imiyabaga irwaye akabonge yokora, be n’ivyo abavyeyi babo bokora kugira babafashe.

NIWIGISHE UKURI

Ikibazo: Ni ibiki vyotuma umubano urangwa agahimbare?

Icanditswe: Ef 5:33

Iciyumviro: Urugo rurarama igihe rushingiye ku rukundo n’ukwubahana.

INKURU NZIZA IVA KU MANA

Ikibazo: Hari benshi babona ko ivyo Bibiliya yari yaravuze ko vyobaye, bisa n’ivyo twama twumva mu makuru. Muri ibi bintu vyari vyaravuzwe, ni ibihe umaze kubona canke kwumva?

Icanditswe: 2Tm 3:1-5

Ivyo wovuga: Aka gatabu karasigura igituma ivyo bintu ari inkuru nziza ku bakunda Imana. [Nufatire ku cigwa ca 1, ikibazo ca 2.]

ANDIKA HANO UBURYO BWAWE

Ufatiye ku burorero bwatanzwe, niwitegurire uburyo bwawe bwo gutanguza ibiyago.