Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU—AGATABU K’IKORANIRO RUHUHUMA 2016

 UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nutumire uwo ari we wese mu cibare cawe ku Cibutso

Nutumire uwo ari we wese mu cibare cawe ku Cibutso
UKO VYIPANGA
Ishusho
Igisomwa

Mw’isekeza rizotangura ku wa 27 Ruhuhuma, tuzotumira abantu benshi bashoboka mu kibano iwacu ngo bazoze kwifatanya natwe mu guhimbaza Icibutso c’urupfu rwa Kristu. Dukwiye kandi kwitwararika cane abazoba bagaragaje ugushimishwa kugira tuzogume tubagendera.

IVYO WOKORA

INGENE UZOTANGA UBUTUMIRE

“Turiko turatumira abantu ku bw’umusi uhambaye cane. Ku wa 23 Ntwarante, abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi bazohurira mu bibanza bitandukanye kugira bibuke urupfu rwa Yezu Kristu kandi bazokwumviriza ku buntu insiguro ishingiye kuri Bibiliya ivuga igituma urupfu rwiwe rutugirira akamaro. Ubu butumire burerekana ikibanza be n’umwanya iryo koraniro rizoberako aha iwacu. Turagusavye uzoze niwaronka akanya.”

Niba uwo muntu yerekanye ugushimishwa . . .

  • MUHE UMUNARA W’INDERETSI

    Nucire inzira isubirayo.

  • MWEREKE IVIDEWO IJANYE N’ICIBUTSO

    Nucire inzira ikiyago kizokurikira.

Usubiyeyo, woshobora . . .

  • KUMWEREKA YA VIDEWO NI KUBERA IKI UKWIYE KWIGA BIBILIYA?

    Ugaca umuha igitabu gifasha kwiga Bibiliya.

  • KUMUHA IGITABU MU VY’UKURI BIBILIYA YIGISHA IKI?

    Mwereke ayandi makuru ajanye n’Icibutso ku rup. 206-208, uce umuha ico gitabu.

  • KUMUHA AGATABU NIWUMVIRIZE IMANA

    Nimuganire ku co urupfu rwa Kristu rusobanura, ku rup. 18-19, uce umuha ako gatabu.