Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU—AGATABU K’IKORANIRO RUHUHUMA 2016

 UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | NEHEMIYA 9-11

Abasavyi b’Imana b’abizigirwa barashigikira intunganyo za gitewokarasi

Abasavyi b’Imana b’abizigirwa barashigikira intunganyo za gitewokarasi

Abasavyi b’Imana barashigikiye babikunze ugusenga kw’ukuri mu mice myinshi

10:28-30, 32-39; 11:1, 2

  • Ihanga ryarateguye ryongera rirahimbaza Umusi mukuru w’insago mu buryo bubereye

  • Buri musi abantu barahurira hamwe kugira bumvirize igihe Itegeko ry’Imana ryaba ririko rirasomwa, ivyo bikaba vyaratumye bagira akanyamuneza

  • Baratuye ibicumuro vyabo, barasenga bongera barasaba Yehova ngo abahezagire

  • Baremeye kubandanya bashigikira intunganyo za gitewokarasi

Kubandanya bashigikira intunganyo za gitewokarasi vyarimwo:

  • Kwabirana gusa n’abasenga Yehova

  • Gutanga intererano z’amahera

  • Kwubahiriza isabato

  • Gutanga inkwi zo ku gicaniro

  • Guha Yehova umushuzo w’ivyimburwa be n’imfura z’ivyo mu mikuku yabo