Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU—AGATABU K’IKORANIRO RUHESHI 2016

 UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro—Koresha amavidewo mu kwigisha

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro—Koresha amavidewo mu kwigisha

IGITUMA BIHAMBAYE:

Amavidewo arakora abantu ku mutima biciye ku vyo babona n’ivyo bumva. Aratuma bakurikira neza kandi ntibibagire ivyo babonye. Yehova ni we karorero ruheta mu bijanye no kwigisha hakoreshejwe ibintu abantu babona.Ivk 10:9-16; Ivy 1:1.

Utuvidewo Imana yoba ifise izina?, Bibiliya ikomoka kuri nde?, na Ni ibiki bitwemeza ko Bibiliya ikomoka ku Mana? turunganira icigwa ca 2 n’ica 3 vyo mu gatabu Inkuru nziza. Utuvidewo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?, Ingene dufasha abantu kwiga Bibiliya, n’akitwa Ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga turaremesha abantu kwigana Bibiliya n’Ivyabona no kwitaba amakoraniro. Twoshobora no gukoresha amwe mu masinema yacu igihe tuyobora inyigisho.km 5/13 3.

UKO WOBIGIRA:

  • Voma videwo wipfuza kwerekana mu ndimiro

  • Tegura akabazo kamwe canke tubiri twishurwa muri iyo videwo wobaza umuntu

  • Nimurabire hamwe iyo videwo

  • Nimuganire ku vyiyumviro nyamukuru

GERAGEZA IBI:

  • Hindukiza agapapuro k’inkuru nziza wereke uwo muganira akamenyetso kamujana ku kavidewo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?

  • Erekana akavidewo Ni ibiki bitwemeza ko Bibiliya ikomoka ku Mana? wongere ushikirize agatabu Inkuru nziza wisunze icigwa ca 3