Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro  |  Ruheshi 2016

 UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ZABURI 45-51

Yehova ntiyirengagiza umutima umenaguritse

Yehova ntiyirengagiza umutima umenaguritse

Zaburi ya 51 yanditswe na Dawidi igihe umuhanuzi Natani yamwereka igicumuro gikomeye yakoranye na Batisheba. Ijwi ryo mu mutima ryaramubujije amahoro aca aricisha bugufi aratura igicumuro.2Sm 12:1-14.

Naho Dawidi yari yacumuye, vyari bigishoboka ko asubira gushimwa n’Imana

51:3, 4, 8-12, 17

  • Ataratura igicumuro ngo yigaye, ijwi ryo mu mutima ntiryamuha amahoro

  • Yaratuntujwe n’uko atagishimwa n’Imana ku buryo yumva umengo amagufa yiwe yajanjaguritse

  • Yari ashashaye guharirwa, gusubira gushimwa n’Imana no kugira umunezero yahorana

  • Yaringinze Yehova ngo amuhe umutima ukunze wo kugamburuka

  • Yari yizigiye ko Yehova yomuhariye