Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU—AGATABU K’IKORANIRO NZERO 2016

 UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Agateka twatewe ko kwubaka no kubungabunga ibibanza dusengeramwo

Agateka twatewe ko kwubaka no kubungabunga ibibanza dusengeramwo

Kwubaka urusengero rw’Abisirayeli vyatwaye inguvu nyinshi n’uburyo bwinshi. Yamara, Abisirayeli barashigikiye ico gikorwa n’umwete. (1Ng 29:2-9; 2Ng 6:7, 8) Urwo rusengero rumaze kwuzura, ivyo bokoze mu kurubungabunga vyokwerekanye nimba baha agaciro ibijanye no gusenga canke ko babifata minenerwe. (2Bm 22:3-6; 2Ng 28:24; 29:3) Muri iki gihe, abakirisu baritanga cane mu kwubuka Ingoro z’Ubwami be n’Ingoro z’amateraniro, mu kuzisukura no mu kuzibungabunga. Ariko ntiwumve, gukorana na Yehova muri uwo muce ni agateka gahambaye kandi ni kimwe mu bigize umurimo mweranda turangura.Zb 127:1; Ivy 7:15.

TURASHOBORA GUFASHA MU . . .

  • Gusubiza ibintu ku rutonde inyuma y’amakoraniro. Bivanye n’uko ivyawe vyifashe, nugerageze gusiga usukuye iruhande yawe.

  • Kwama twaje kugira isuku no kubungabunga Ingoro y’Ubwami. Nakare abitanga babaye benshi ibikorwa biroroha.lv 92-93 ing. 18.

  • Gutanga intererano z’amahera. Mbere n’intererano y’“uduceri tubiri dufise agaciro gatoyi” itanzwe bivuye ku mutima irahimbara Yehova.Mr 12:41-44.

  • Kwitanga mu bikorwa vyo kwubaka no gusanura inyubakwa z’ivya gitewokarasi nimba bishoboka. Si ngombwa ngo ube uzi ivyo kwubaka.