Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU—AGATABU K’IKORANIRO NZERO 2016

4-10 Nzero

2 NGOMA 29-32

4-10 Nzero
  • Ururirimbo rwa 114 n’isengesho

  • Intangamarara (Imin. 3 canke idashika)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

  • Ugusenga kw’ukuri gusaba akigoro”: (Imin. 10)

    • 2Ng 29:10-17—Hezekiya arasubizaho ugusenga kw’ukuri abigiranye umwete

    • 2Ng 30:5, 6, 10-12—Hezekiya arasaba ab’umutima ugororotse bose guhurira hamwe ku bw’ugusenga

    • 2Ng 32:25, 26—Hezekiya arakosora ubwibone bwiwe yicishije bugufi (w05 15/10 25 ing. 20)

  • Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya: (Imin. 8)

    • 2Ng 29:11—Hezekiya yatanze gute akarorero keza mu bijanye n’ibikwiye kuja imbere y’ibindi? (w13 15/11 17 ing. 6-7)

    • 2Ng 32:7, 8—Ni intambwe ngirakamaro izihe twotera kugira twitegurire ibigeragezo? (w13 15/11 20 ing. 17)

    • Igisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi kinyigisha iki ku vyerekeye Yehova?

    • Ni ivyiyumviro ibihe vyo mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi nokoresha mu ndimiro?

  • Igisomwa ca Bibiliya: 2Ng 31:1-10 (Imin. 4 canke idashika)

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

  • Tegura uburyo bwo gutanguza ibiyago muri uku kwezi. (Imin. 15) Guhanahana ijambo. Nimwerekane ividewo ya mbere y’Uburyo bwo gushikiriza Umunara w’Inderetsi, muce muganira ku bintu nyamukuru mwabonye. Nimushimike ku kuntu umwamamaji yaciriye inzira isubirayo. Nimubigenze gutyo no ku buryo bugira kabiri bwo gushikiriza Umunara w’Inderetsi muce mubigira no ku gatabu Inkuru nziza. Raba n’ibiri ahavuga ngo “Ingene twoyobora inyigisho dukoresheje agatabu Inkuru nziza.” Nuremeshe abamamaji kwitegurira uburyo bwabo bwo gutanguza ibiyago.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

  • Ururirimbo rwa 127

  • Agateka twatewe ko kwubaka no kubungabunga ibibanza dusengeramwo”: (Imin. 15) Guhanahana ijambo. Nusabe abo bose bagize uruhara mu kwubaka Ingoro z’Ubwami bavuge umunezero bironkeye. Nubaze muri make umuvukanyi ajejwe isuku canke kubungabunga Ingoro y’Ubwami avuge ingene aho iwanyu bitunganijwe.

  • Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero: ia ikig. 6 ing. 1-14 (Imin. 30)

  • Isubiramwo ry’ivyo mwize, n’incamake y’ivyo mu ndwi iza (Imin. 3)

  • Ururirimbo rwa 142 n’isengesho

    Ivyibukijwe: Turabasavye mubanze muvuze umuziki w’urwo ruririmbo incuro imwe, hanyuma abagize ishengero bace baririmba bajana n’umuziki.