Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro  |  Nzero 2016

 UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | EZIRA 6-10

Yehova yipfuza abamukorera babikunze

Yehova yipfuza abamukorera babikunze

Ezira yariteguriye gusubira i Yeruzalemu

7:6, 22; 8:26, 27

  • Umwami Aritazeruzi araha Ezira uruhusha rwo gusubira i Yeruzalemu kugira ateze imbere ugusenga kw’ukuri

  • Umwami araha Ezira “ivyo yasavye vyose” ku bw’inzu ya Yehova: Inzahabu, ifeza, ingano, umuvinyu, amavuta, be n’umunyu; ivyo vyose vyararenza imiliyoni 100 z’amadolari y’Abanyamerika y’ubu

Ezira yarizigiye ko Yehova yokingiye abasavyi biwe

7:13; 8:21-23

  • Gusubira i Yeruzalemu vyobaye bigoye

  • Inzira yashoboka yareha n’urugendo rw’ibilometero nka 1.600 kandi baca mu karere gateye akaga

  • Urwo rugendo rwamaze nk’amezi 4

  • Abasubiye i Yeruzalemu bari bakeneye kugira ukwizera gukomeye, kugirira umwete ugusenga kw’ukuri be n’ukugira umutima rugabo

EZIRA YAGIYE AJANYE . . .

Inzahabu n’ifeza vyapima italanto 750 canke nk’ibiro vy’inzovu 3 z’impfizi

INGORANE ZASHIKIYE ABASUBIYE I YERUZALEMU . . .

Akarwi k’abambuzi, ubugaragwa, ibikoko biryana