Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Hitamwo ururimi Ikirundi

 UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Kuyagisha abantu mu ntumbero yo gushinga intahe

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Kuyagisha abantu mu ntumbero yo gushinga intahe

Kuba Yezu yabanje kuyagisha Umusamariyakazi mu buryo busanzwe, vyaratumye ashinga intahe akaryo kizanye. Ni ibiki vyodufasha kuganiriza abantu tutazi tubigiranye ubuhanga?

  • Nuyagishe abantu ubigiranye umutima mwiza. Naho Yezu yari arushe, yatanguje ikiyago mu kwisabira gusa amazi yo kunywa. Nawe rero woshobora guhera ku kuramutsa umuntu n’igishika hanyuma ukagira ico uvuze ku kuntu ikirere kimeze canke ukavuga ikintu giherutse kuba. Kubera ko intumbero ya mbere ari ugutanguza ikiyago, ukwiye rero kuvuga ikintu coshimisha uwo muganira. Nimba atavyakiriye neza, nta ngorane. Bigerageze ku wundi. Nusabe Yehova umutima rugabo.​—Neh 2:4; Ivk 4:29.

  • Ntugishe akaryo ko kuvuga inkuru nziza, gusa ntiwihutagize. Nuyagishe umuntu mu buryo busanzwe. Umuhase, yoshobora kwumva ubuyega mbere n’ikiyago kigahagarara. Bishitse ico kiyago kikarangira udashinze intahe, ntubabare. Nimba bigutera ubwoba kwinjiza inkuru nziza mu kiyago mwarimwo, imenyereze gutanguza ibiyago udafise intumbero yo gushinga intahe. [Nimurabe ividewo ya 1 muce muyiganirako.]

  • Gerageza gucira inzira ikiyago c’ivy’Imana mu kuvuga ikintu cagukoze ku mutima kijanye n’ivyo wemera cotuma akubaza ibibazo. Yezu yavuze amajambo akwegera yatumye uwo mugore amubaza ibibazo. Mu kwishura nya bibazo, Yezu yari yatanguye kumubwira inkuru nziza. [Nimurabe ividewo ya 2 muce muyiganirako, murabe n’iya 3 na yo nyene muyiganireko.]