Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro  |  Nyakanga 2016

 UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Iyo tudodoye hakitaba umwana

Iyo tudodoye hakitaba umwana

Iyo tudodoye hakitaba umwana, dukwiye kumubaza nimba twovugana n’abavyeyi biwe. Ivyo birerekana ko twubaha ubukuru bwabo. (Img 6:20) Uwo mwana aduhaye ikaze ngo twinjire, ntidukwiye kuvyemera. Igihe abavyeyi biwe atari ho bari, dukwiye kugaruka ikindi gihe.

Naho uwo mwana yoba yisumbuye gatoyi, kumbure afise nk’imyaka iri hagati ya 15 na 19, dukwiye kumusaba ngo tuvugane n’abavyeyi biwe. Batabonetse, twoshobora kumubaza nimba bamwemerera gusoma ivyo ashatse. Nimba babimwemerera, twoshobora kumusigira akantu ko gusoma canke tukamubwira ivy’urubuga rwacu jw.org.

Igihe dusubiye kuraba uwukiri muto yashimishijwe, dukwiye kumubaza nimba twobonana n’abavyeyi biwe. Ivyo bizotuma tubabwira ikitugenza twongere tubereke impanuro zo kwizigirwa Bibiliya itanga ku miryango. (Zb 119:86, 138) Nitwabereka urupfasoni n’icubahiro bizoshinga intahe nziza vyongere biduhe utundi turyo two kubwira inkuru nziza uwo muryango.1Pt 2:12.