Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro  |  Ntwarante 2018

 UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ingene twotsimbataza ugukunda Imana na bagenzi bacu

Ingene twotsimbataza ugukunda Imana na bagenzi bacu

Naho abakirisu batakigengwa na rya Tegeko rya Musa, ya mabwirizwa abiri asumba ayandi yo muri iryo tegeko, ari yo ugukunda Imana na mugenzi wacu, aracatwereka muri make ivyo Yehova adusaba. (Mt 22:37-39) Urwo rukundo si mvukanwa. Dutegerezwa kurutsimbataza. Uti gute? Kimwe mu bintu bihambaye vyodufasha ni ugusoma Bibiliya ku musi ku musi. Iyo turiko turasoma Bibiliya tukabona kamere zitandukanye z’Imana, turitegereza “ubwiza bwa Yehova.” (Zb 27:4) Ivyo bituma urwo tumukunda rukomera, ivyiyumviro vyacu na vyo bikarushiriza kumera nk’ivyiwe. Bica bituvyurira umutima wo kwubahiriza amabwirizwa yiwe, ushizemwo na rimwe ridusaba gukunda abandi bimwe bizira ubwikunzi. (Yoh 13:34, 35; 1Yh 5:3) Ehe raba ivyiyumviro bitatu vyotuma gusoma Bibiliya bikuryohera:

  • Niwihe ishusho y’ibiriko biraba. Iyumvire ko ari ho uri. Ubona ibiki? Wumva ibiki? Hari akamōto wumva? Abavugwa muri iyo nkuru ubona biyumva gute?

  • Koresha uburyo butandukanye. Gerageza ibi bikurikira: Soma n’ijwi ryumvikana, canke ukurikire muri Bibiliya yawe ujana n’igisomwa cafashwe amajwi. Soma ibijanye n’umuntu kanaka canke inkuru kanaka, aho gusoma ibigabane uko bikurikirana. Nk’akarorero,nimba ushaka gusoma ibijanye na Yezu, koresha igihimba ca 4 be n’ica 16 vyo muri ka Gatabu gafasha kwiga Ijambo ry’Imana. Soma ikigabane cose cakuwemwo icanditswe c’umusi. Soma ibitabu vya Bibiliya wisunze igihe vyandikiwe.

  • Soma kugira utahure. Gusoma bikeyi, naho coba ari ikigabane kimwe ku musi ariko ukagitahura kandi ukakizirikanako, biraruta gusoma ibigabane vyinshi urondera gusa kubirangiza. Rimbura ukuntu ibintu vyari vyifashe. Ihweze utuntu tw’ido n’ido. Koresha amakarata be n’amarabiro yo mu nkingi. Gira ubushakashatsi n’imiburiburi ku ciyumviro kimwe udatahuye. Nimba bishoboka, umwanya umara uriko urasoma ba ari wo ugerageza gukoresha no mu kuzirikana.