Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU—AGATABU K’IKORANIRO NTWARANTE 2016

 UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOBU 11-15

Yobu yarizigira izuka

Yobu yarizigira izuka

Yobu yarizera yuko Imana ishoboye kumuzura

14:7-9, 13-15

  • Yobu yarakoresheje ikigereranyo c’igiti, kumbure igiti c’umwelayo, mu kwerekana ko yizera yuko Imana ishoboye kumuzura

  • Imizi miremire y’igiti c’umwelayo iratuma cisubiza itoto mbere n’igihe umutumba waco uba wariciwe. Igihe cose imizi yaco iba itarabora, kirasubira kunaga

  • Naho hoba haciye igihe haka uruzuba, igishitsi c’umwelayo cumye kirashobora guhembuka igihe imvura iguye maze kigasubira kunaga, kikazana “ishami nk’igiterwa gishasha”