Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro  |  Ntwarante 2016

 UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOBU 6-10

Wa mwizigirwa Yobu aserura intuntu afise

Wa mwizigirwa Yobu aserura intuntu afise

Naho Yobu ata co yari asigaranye, akaba yari aherutse kubura abiwe kandi arwaye cane, ntiyigeze ahemuka. Shetani yararondeye kumuca intege ngo ahebe ugutungana kwiwe. Abitwa ngo ni bagenziwe batatu baraje. Wamenga baramubabaye. Bamaranye na we indwi yose banumye, habe no kumuremesha. Ivyo bavuze mu nyuma kwari ukumucurira no kumwagiriza.

Yobu yagumye ari intahemuka kuri Yehova naho yari mu mibabaro ikomeye

6:3; 7:16; 9:20-22; 10:1, 12

  • Umubabaro urenze Yobu yarimwo watumye atabona ibintu neza. Yashitse ku ciyumviro kitari co c’uko naho yoguma ari umwizigirwa Imana itari ibinezwe

  • Kubera ugucika intege, Yobu ntiyiyumviriye ibindi bintu bishobora kuba ari vyo vyariko bituma ashikirwa n’imibabaro

  • Naho Yobu yari yishwe n’intuntu, yagumye abwira abo bamwagiriza ingene akunda Yehova