Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro  |  Myandagaro 2017

 UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Dutsimbataze kamere zishimwa n’Imana—Kwicisha bugufi

Dutsimbataze kamere zishimwa n’Imana—Kwicisha bugufi

IGITUMA BIHAMBAYE:

  • Kwicisha bugufi biratuma ducudika na Yehova.​—Zb 138:6

  • Kwicisha bugufi biratuma tugiranira imigenderanire myiza n’abandi.​—Fp 2:3, 4

  • Ubwibone burakwega akarambaraye.​—Img 16:18; Ezk 28:17

UKO TWOBIGIRA:

  • Saba impanuro kandi uyikurikize.​—Zb 141:5; Img 19:20

  • Nukorere abandi ibikorwa biciye bugufi n’umutima ukunze.​—Mt 20:25-27

  • Ntureke ngo ubuhanga canke uduteka ufise bigutere ubwibone.​—Rm 12:3

Norushiriza gute kwerekana ko nicisha bugufi?

RABA AKAVIDEWO KAVUGA NGO NIWIRINDE IBINTU VYOTUMA UHEMUKA​—UBWIBONE, UCE WISHURA IBI BIBAZO:

  • Ukuntu twakira impanuro vyerekana ko dufise agatima akahe?

  • Isengesho ridufasha gute gutsimbataza ukwicisha bugufi?

  • Twokwerekana gute ko twicisha bugufi?