Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro  |  Myandagaro 2016

 UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ZABURI 102-105

Yehova aribuka ko turi umukungugu

Yehova aribuka ko turi umukungugu

Dawidi aradondora imbabazi za Yehova akoresheje imvugo ngereranyo.

  • 103:11

    Kurya nyene tudashobora kumenya neza ingene ikirere kiri hagati y’ijuru n’isi kingana, ni na ko tudashobora gutahura neza ukuntu ubuntu bwuzuye urukundo bwa Yehova bungana

  • 103:12

    Yehova ashira ibicumuro vyacu kure rwose yacu, nka kurya nyene uburasirazuba buri kure y’uburengerazuba

  • 103:13

    Nka kurya sebibondo agirira impuhwe umwana wiwe igihe ababaye, Yehova aragirira imbabazi abacumuzi bigaya batuntujwe n’ibicumuro vyabo