Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Abamamaji bo muri Jeworojiya bariko bashikiriza agatabu Urugo rwanyu

UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU—AGATABU K’IKORANIRO Munyonyo 2017

Ingene twotanguza ibiyago

Ingene twotanguza ibiyago dukoresheje ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi n’ingene twokwigisha ukuri ku bijanye n’izina ry’Imana. Ufatiye ku vyiyumviro vyatanzwe niwitegurire uburyo bwawe.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

‘Rondera Yehova, ubone kubandanya kubaho’

Kurondera Imana bisobanura iki? Ni icigwa ikihe dukura ku vyashikira Abisirayeli igihe baba baretse kurondera Yehova?

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Kugira amasubirayo

Ni ibiki vyogufasha kugira amasubirayo ari n’ico avamwo? Nugume ugendera uwashimishijwe, umugendere ufise intumbero wipfuza gushikako, kandi ugumize mu bwenge ivyo gutanguza inyigisho ya Bibiliya.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Gira ico wigiye ku makosa yawe

Inkuru ya Yona irerekana ko Yehova adaca aduheba igihe dukoze amakosa, ariko yiteze ko twigira ku makosa yacu maze tukagira ivyo duhinduye.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ivyigwa dukura mu gitabu ca Yona

Kuzirikana ku vyashikiye Yona birashobora kudufasha kwigumya igihe ivyo twari twiteze bitarangutse, kubona ko ibintu bizogenda neza mu ndimiro, no kuruhurirwa biciye kw’isengesho.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Yehova adusaba iki?

Ni isano irihe riri hagati y’ugusenga kwacu be n’imigenderanire dufitaniye n’abakirisu bagenzi bacu?

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Guma ugavye mu vy’impwemu kandi ufise umwete

Vyasa n’ibidashoboka ko Abanyababiloni basangangura Yuda. Ariko rero ubwo buhunazi bworangutse. Ico Habakuki yari akeneye kwari kuguma abirindiriye.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Guma ugavye mu vy’impwemu kandi ufise umwete igihe ibintu bihindutse

Ibintu nivyahinduka maze bikagomba kugeramira ugusenga kwacu be n’ubucuti dufitaniye na Yehova Imana, ni ibiki bizodufasha kuguma tugavye mu vy’impwemu kandi dufise umwete?