Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Hitamwo ururimi Ikirundi

 UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | LUKA 8-9

Gukurikira Yezu bisaba iki?

Gukurikira Yezu bisaba iki?

9:62

Kugira ngo umurimyi wo mu bihe vya kera agorore neza imirongo, yategerezwa kudasamazwa n’ibiri inyuma. Umukirisu na we nyene ntakwiye kureka ngo ibintu yasize inyuma muri iyi si bimusamaze.​—Fp 3:13.

Igihe turi mu ngorane, biroroshe ko dukumbura ubuzima twahozemwo, kumbure ubuzima bw’imbere y’uko tumenya ukuri. Bigenze gutyo, tuguma tubona gusa ivyiza twaciyemwo mugabo tukirengagiza ingorane zadushikiye. Ivyo ni vyo vyashikiye Abisirayeli bamaze kuva mu Misiri. (Gh 11:5, 6) Tugumye twiyumvira gutyo, twoshobora kwipfuza gusubira mu buzima twahozemwo. Birarushiriza kuba vyiza rero tugumye twiyumvira imihezagiro twironkera ubu kandi tukagumiza umutima ku munezero tuzokwironkera ku ngoma y’Ubwami bw’Imana.​—2Kr 4:16-18.