Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU—AGATABU K’IKORANIRO MUKAKARO 2016

 UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Kworosha ubuzima biradufasha gushemeza Imana

Kworosha ubuzima biradufasha gushemeza Imana

Muri iki gihe, biroroshe ko umuntu yiremereza ibintu vyinshi. Usanga bisaba umwanya n’inguvu kugira umuntu agure ibintu, avyishure, abikoreshe, abibungabunge yongere abikingire. Yezu yahisemwo ubuzima bubayabaye kugira ngo amatungo y’umubiri ntamusamaze mu gikorwa ciwe.Mt 8:20.

None wokworosha gute ubuzima kugira wongereze umwete mu ndimiro? Nk’akarorero, mugize ivyo muhinduye, hoba hari uwo mu rugo iwanyu yofata ubutsimvyi? Nimba na ho uri mu murimo w’igihe cose, woba wosuzuma ko ata bintu vy’umubiri wagiye uriremereza? Igihe woroheje ubuzima mu murimo wa Yehova, bituma uhimbarwa kandi ukabumbwa n’ivyo ufise.1Tm 6:7-9.

Andika ingene wipfuza kworosha ubuzima.