Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Hitamwo ururimi Ikirundi

Abagize ishengero rimwe bariko barumviriza ingingo yafashwe n’inama nyobozi

 UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IVYAKOZWE 15-16

Barahurije ku ngingo imwe bisunze Ijambo ry’Imana

Barahurije ku ngingo imwe bisunze Ijambo ry’Imana

Ukuntu iki kibazo catunganijwe bitwigisha iki?

15:1, 2—Kwicisha bugufi no kwihangana. Aho gutunganya ico kibazo ubwabo, Paulo na Barunaba baciye bagitura ishirahamwe rya Yehova.

15:28, 29—Kwizigira ishirahamwe ry’Imana. Ishengero ryari ryizigiye ko Yehova yoyoboye ibintu abicishije ku mpwemu yiwe nyeranda no kuri Kristu Yezu.

16:4, 5—Kugamburuka. Amashengero yarasagamvye igihe yakurikiza ubuyobozi bwatanzwe n’inama nyobozi.