Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Hitamwo ururimi Ikirundi

 UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Dufashe “abafise agatima kabereye” gucika abigishwa

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Dufashe “abafise agatima kabereye” gucika abigishwa

IGITUMA BIHAMBAYE: Yehova aratuma imbuto z’ukuri zikurira mu mitima y’“abafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera.” (Ivk 13:48; 1Kr 3:7) Turakorana na we mu ndimiro igihe twihatira gufasha canecane abipfuza gushira mu ngiro ivyo biga. (1Kr 9:26) Abo twigisha Bibiliya barakeneye gutahura ko umukirisu ategerezwa kubatizwa kugira ngo azorokoke. (1Pt 3:21) Tubafasha gucika abigishwa igihe tubigisha kugira ivyo bahinduye mu buzima, kwamamaza no kwigisha, be no kwegurira Yehova ubuzima bwabo.​—Mt 28:19, 20.

UKO TWOBIGIRA:

  • Bibutse ko tubigisha kugira ngo tubafashe ‘kumenya’ Yehova no kumuhimbara.​—Yoh 17:3

  • Bafashe gutsinda intambamyi zose boba bafise, nk’ingeso mbi canke abagenzi babi, maze batere imbere mu vy’impwemu.

  • Bakomeze wongere ubaremeshe imbere y’ibatisimu be n’inyuma yaho.​—Ivk 14:22

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO YEHOVA IMANA AZOGUFASHA, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Ni ibiki bishobora gutuma umuntu atinya kwiyegurira Imana no kubatizwa?

  • Abakurambere bofasha gute abatohoji ba Bibiliya gutera imbere?

  • Muri Yesaya 41:10 hatwigisha iki ku vyerekeye Yehova?

  • Ni kamere izihe zizodufasha gukorera Yehova mu buryo yemera naho tudatunganye?

Dukorana gute na Yehova mu guhindura abantu abigishwa?