Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro  |  Kigarama 2016

 UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Inyigisho iva ku Mana ituma tutinubana

Inyigisho iva ku Mana ituma tutinubana

Yehova ntagira nkunzi. (Ivk 10:34, 35) Aremera abantu “bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose.” (Ivy 7:9) Ni co gituma ukwinubana canke aka mwana wa mama ata kibanza bifise mw’ishengero ry’abakirisu. (Yak 2:1-4) Inyigisho iva ku Mana yatumye twibera mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu aho twibonera ukuntu abantu bagenda barahinduka. (Yes 11:6-9) Akigoro tugira ko kurandurana n’imizi agatima ko kwinuba abandi, karerekana ko turiko turigana Imana.Ef 5:1, 2.

RABA AKAVIDEWO KAVUGA NGO JOHNY NA GIDEON: KERA BARI ABANSI ARIKO UBU NI ABAVUKANYI. CA WISHURA UTU TUBAZO:

  • Kubera iki twovuga ko inyigisho iva ku Mana iruta cane utwigoro abantu bagira two kurwanya amacakubiri n’ukwinubana?

  • Ni igiki kigukora ku mutima uravye umuryango wacu w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose?

  • Kuzigama ubumwe bwacu bininahaza gute Yehova?