Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU—AGATABU K’IKORANIRO KIGARAMA 2016

 UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YESAYA 1-5

“Nimuze tuduge ku musozi wa Yehova”

“Nimuze tuduge ku musozi wa Yehova”

2:2, 3

“Mu kiringo ca nyuma c’imisi”

Ikiringo tubayemwo

“Umusozi w’inzu ya Yehova”

Ugusenga gutyoroye kandi kuri hejuru kwa Yehova

“Amahanga yose azorindiga koko aja kuri wo”

Abaza mu gusenga gutyoroye barakoranira hamwe mu bumwe

“Nimuze tuduge ku musozi wa Yehova”

Abasavyi b’Imana b’ukuri baratumira abandi ngo babiyungeko

“Izotwigisha inzira zayo, natwe tuzogendera mu minyuro yayo”

Yehova aratwigisha akongera akadufasha kugendera mu nzira ziwe, akoresheje Ijambo ryiwe

2:4

“Ntibazokwongera kwiga kurwana”

Yesaya yavuze ko abasavyi ba Yehova bofashe ibirwanisho vy’intambara bakabicuramwo ibikoresho vy’uburimyi. Bisobanura ko bobaye indemeshamahoro. Mu gihe ca Yesaya, ivyo bikoresho vyari ibihe?

“Inkota zabo bazobwirizwa kuzicuramwo ibirimisho”

1 Ivyo birimisho ni ubwoko bw’amasuka yarimishwa n’ibitungwa, akagenda arimburura aho aciye. Amwamwe yari akozwe mu cuma.1Sm 13:20

“Amacumu yabo bayacuremwo imihoro yo gututūra”

2 Iyo mihoro ishobora kuba yari ikozwe mu cuma, ifise n’ikirindi. Bayikoresha mu gututurira imizabibu.Yes 18:5