Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU—AGATABU K’IKORANIRO KIGARAMA 2016

 UBUZIMA BW’UMUKIRISU

“Ndi hano! Ntuma”

“Ndi hano! Ntuma”

Yesaya yaratubereye akarorero mu bijanye no kwitanga. Akimenya ko hakenewe uwitanga, yaciye abigira abitumwe n’ukwizera, naho atari afise amakuru yose. (Yes 6:8) Woba wogira ivyo uhinduye mu buzima kugira uje gufasha ahakenewe cane abamamaji? (Zb 110:3) Ni ivy’ukuri ko utegerezwa ‘guharura’ ico vyogusaba kugira ujeyo. (Lk 14:27, 28) Ariko niwemere kugira ivyo uhevye kugira uteze imbere igikorwa co kwamamaza. (Mt 8:20; Mr 10:28-30) Nk’uko ividewo ivuga ngo Kuja gukorera ahakenewe cane abamamaji ivyerekana, ivyo duheba nta co bivuze tubigereranije n’imihezagiro turonka mu gukorera Yehova.

UMAZE KURABA IYO VIDEWO, NIWISHURE UTU TUBAZO:

  • Ni ibiki umuryango uvugwa muri iyo videwo wahevye kugira uje gufasha muri Équateur?

  • Ni ibiki bisunze kugira bahitemwo aho bazoja gukorera?

  • Ni imihezagiro iyihe baronse?

  • Ni hehe wokura amakuru ajanye n’ugukorera ahakenewe cane abamamaji?

MU GUSENGA KWO MU MURYANGO MUZOGIRA UBUTAHA, NIMUGANIRE KURI IBI BIBAZO:

  • Twokwagura gute umurimo uko tugize umuryango? (km 8/11 4-6)

  • Nimba tutoshobora kuja gukorera ahakenewe cane abamamaji, twofasha gute mw’ishengero ryacu? (w16.03 23-25)