Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Abamamaji bariko barayobora inyigisho muri Shili

UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU—AGATABU K’IKORANIRO KIGARAMA 2016

Ingene twotanguza ibiyago

Ingene twotanguza ibiyago dukoresheje ikinyamakuru Be maso! be n’ukuri kwo muri Bibiliya kwerekana igituma hari imibabaro. Ufatiye ku vyiyumviro vyatanzwe niwitegurire uburyo bwawe.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

“Nimuze tuduge ku musozi wa Yehova”

Umuhanuzi Yesaya yavuze ko abasavyi ba Yehova bofashe ibirwanisho vy’intambara bakabicuramwo ibikoresho vy’uburimyi. Bisobanura ko bobaye indemeshamahoro. (Yesaya 2:4)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro—Dushikire umutima dukoresheje igitabu “Urukundo rw’Imana”

Igitabu “Urukundo rw’Imana” kirafasha abatohoji ba Bibiliya gutahura ingene boshira mu ngiro ingingo ngenderwako z’Imana mu buzima bwabo.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Mesiya yarashikije ubuhanuzi

Yesaya yaravuze ko Mesiya yovuze inkuru nziza mu karere ka Galilaya. Yezu yarashikije ubwo buhanuzi igihe yagendagenda i Galilaya yamamaza inkuru nziza.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

“Ndi hano! Ntuma”

Twokwigana gute umutima wo kwitanga Yesaya yari afise be n’ukwizera kwiwe? Raba ivyo wokwigira ku muryango umwe wagiye kwamamaza ahakenewe cane abamamaji.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Isi izokwuzura ubumenyi bwerekeye Yehova

Ivyo Yesaya yavuze ku bijanye n’Iparadizo yo kw’isi vyarangutse gute muri kahise? Biranguka gute muri iki gihe? Bizoranguka gute muri kazoza?

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Inyigisho iva ku Mana ituma tutinubana

Abagabo babiri bahora ari abansi barunze ubumwe biciye ku bushobozi bw’inyigisho iva ku Mana.

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Ukoresha nabi ubukuru ukabutakaza

Shebuna yari gukoresha gute ubukuru bwiwe? Kubera iki Yehova yamukuyeho akamusubiriza Eliyakimu?