Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro  |  Gitugutu 2017

 UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | DANIYELI 10-12

Yehova yaravuze imbere y’igihe ibizoshikira abami

Yehova yaravuze imbere y’igihe ibizoshikira abami

11:2

Mu Buperesi hohagurutse abami bane. Uwa kane ‘yohagurukije vyose agatera ubwami bw’Ubugiriki.’

  1. Kuro Mukuru

  2. Kambize wa kabiri

  3. Dariyo wa mbere

  4. Zeruzi wa mbere (Vyiyumvirwa ko yari Umwami Ahasuwerusi, umugabo wa Esiteri)

11:3

Umwami akomeye w’Umugiriki yohagurutse akaganza igice kinini cane c’isi.

  • Alegizandere Mukuru

11:4

Abajenerali bane ba Alegizandere bogabanganye Inganji y’Ubugiriki.

  1. Kasandere

  2. Lizimake

  3. Seleyukisi wa mbere

  4. Putoleme wa mbere