Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro  |  Gitugutu 2017

 UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nubeho uninahaza Yehova

Nubeho uninahaza Yehova

Ubuzima ni ingabire y’agaciro. Ukuntu tuyikoresha buri musi birerekana agaciro tuyiha. Twebwe Ivyabona vya Yehova turihatira gukoresha ubuhanga dufise mu gutera iteka no mu kuninahaza Yehova, we mutanzi w’ubuzima. (Zb 36:9; Ivy 4:11) Ariko rero, biroroshe ko amaganya y’ubuzima muri iyi si mbi atuma tutitaho ivy’impwemu. (Mr 4:18, 19) Umwe wese muri twebwe vyoba vyiza yibajije ati: ‘Noba koko ndiko ndaha Yehova ivyiza kuruta ibindi? (Hs 14:2) Akazi nkora koba kabangamira umurimo ndangurira Yehova? Mfise imigambi iyihe yo mu vy’impwemu? Nokwagura gute umurimo wanje?’ Nimba ubonye hari aho ukeneye kuryohora, nusabe Yehova agufashe maze uhindure ibikenewe. Ata gukeka, kuninahaza Yehova buri musi bituma ugira ubuzima bwiza kandi buhimbaye.​—Zb 61:8.

Ubuhanga ufise uriko ubukoresha ku bwa nde?

RABA AKAVIDEWO KAVUGA NGO KORESHA INGABIRANO UFISE MU GUKORERA YEHOVA, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Ni kubera iki ari ubujuju gukoresha ubuhanga bwacu mw’isi ya Shetani? (1Yh 2:17)

  • Abaha Yehova ivyiza kuruta ibindi bironkera imihezagiro iyihe?

  • Ni mu mice iyihe y’igikorwa ceranda wokoreshamwo ubuhanga bwawe?