Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU—AGATABU K’IKORANIRO GITUGUTU 2016

 UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IMIGANI 22-26

“Rera umwana wisunze inzira imubereye”

“Rera umwana wisunze inzira imubereye”

Mu Migani hariyo impanuro nziza zofasha abavyeyi. Ngo ‘igiti kigororwa kikiri gito,’ igihe abana batojwe indero biroroha cane ko bakorera Yehova bamaze gukura.

22:6

  • Kurera neza abana bisaba umwanya n’akigoro

  • Abavyeyi bategerezwa kwerekana akarorero keza kandi bakigisha neza abana babo, bakabakebura, bakabaremesha bakanabatoza indero

22:15

  • Indero nziza itanganwa urukundo, igakosora ivyiyumviro vy’umwana n’umutima wiwe

  • Abana ntibatozwa indero cokimwe