Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UBUZIMA BWACU N’IGIKORWA CACU—AGATABU K’IKORANIRO GITUGUTU 2016

 UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | IMIGANI 12-16

Ubukerebutsi buruta inzahabu

Ubukerebutsi buruta inzahabu
UKO VYIPANGA
Ishusho
Igisomwa

Kubera iki ubukerebutsi buva ku Mana ari ubw’agaciro cane? Burakingira umuntu ingeso mbi bukanamuzigamira ubuzima. Buratuma aba umuntu ameze neza, akagira imvugo nziza n’ingeso nziza.

Ubukerebutsi buraturinda ubwishime

16:18, 19

  • Umuntu w’inkerebutsi aratahura ko Yehova ari we Sôko ry’ubukerebutsi bwose

  • Umuntu aroraniwe canke aronse amabanga yiyongereye akwiye kugaba cane ku bijanye n’ubwishime be n’ubwibone

Ubukerebutsi butuma umuntu agira imvugo nziza

16:21-24

  • Umuntu w’inkerebutsi arakoresha ugutahura kwimbitse mu kurondera iciza mu bandi kandi akabavuga neza

  • Amajambo y’ubukerebutsi atuma umuntu anyurwa kandi asosa nk’ubuki. Ntasogota canke ngo avyure ibihari