NUBE UMUGENZI WA YEHOVA
Ibiranga Yehova
Ni ibintu nyamukuru bine ibihe biranga Yehova tubona igihe turavye ivyaremwe?
Bavyeyi, nimusome mwongere muganire ku Vyahishuwe 4:11 muri kumwe n’abana banyu.
Voma wongere usohore ako gakorwa.
Muhejeje kuraba iyo videwo, nimufashe abana banyu kwiga ibintu nyamukuru bine biranga Yehova. Nimukate amashusho y’intambwe, inkona, imbogo be n’iy’umugabo ari ku rupapuro rwa 1. Muce muraba aho ayo mashusho mwoyashira kw’ifoto y’igisagara yakuwe mw’ividewo iri ku rupapuro rwa 2, hanyuma muyamadike mu bibanza bihuye. Nimuganire ku kuntu imwimwe muri ayo mashusho agereranya ibintu nyamukuru biranga Yehova. Kugira umenye n’ibindi, raba ikigabane ca 4 c’igitabu Yehova asubizaho ugusenga kw’ukuri (mu gifaransa).