Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubuzima bwabayeho gute?

Ubuzima bwabayeho gute?

Heraheza:

UBUZIMA BWABAYEHO . . .

  1. BICIYE KW’IHINDAGURIKA

  2. BICIYE KW’IREMA

 Hari abokwiyumvira yuko abakunda ivya siyansi bovuga ko ubuzima bwabayeho biciye kw’ihindagurika, abakunda ivy’Imana na bo bakavuga ko bwabayeho biciye kw’irema.

 Ariko si ko vyama.

 Mu bisanzwe abantu benshi bize, harimwo n’abahinga batari bake, ntibemera iyo nyigisho y’ihindagurika.

 Iyumvire nk’akarorero ivyerekeye Gerard, umuhinga mu bijanye n’udukoko tuguruka. Kuri kaminuza, yarize ivyerekeye ihindagurika. Avuga ati: “Igihe twaba turiko turakora ibibazo, abatwigisha ivy’ihindagurika nabishura ivyo bashaka ko twishura, ariko sinemera ivyo bigisha.”

 Kubera iki none n’abantu bamwebamwe bakunda ivya siyansi bibagora kwemera yuko ubuzima bwabayeho biciye kw’ihindagurika? Kugira twishure ico kibazo, reka duce irya n’ino ibibazo bibiri bigishusha umutwe abashakashatsi benshi: (1) Ubuzima bwatanguye gute? (2) Vyagenze gute ngo ibinyabuzima bitandukanye bibeho?

Ubuzima bwatanguye gute?

 BAMWEBAMWE BABIVUGAKO IKI? Ubuzima bwariyadukije buturutse ku bintu bidafise ubuzima.

 KUBERA IKI HARI ABATANYURWA N’IYO NYISHU? Abahinga basigaye bazi vyinshi ku bijanye n’ibigize ibinyabuzima, ariko biracabagora gusigura neza ubuzima ico ari co. Mbere n’akagingo ngengabuzima kitwa ko gasanzwe cane, karatandukanye rwose n’ibintu bidafise ubuzima.

 Abahinga mu vya siyansi ntibashobora kwemeza ingene ibintu vyari vyifashe kw’isi kera cane, hakaba haheze imyaka amamiliyaridi. Ntibahuza ku bijanye n’ahantu ubuzima bwatanguriye. Bamwe ngo bwatanguriye mu birunga, abandi ngo mu nda y’ibahari. Hari n’abavuga yuko ibigize ubuzima vyiremaremeye ahandi hantu mu kirere, bica bizanwa kw’isi n’ibimuri vy’imishwarara vyitwa Nyakotsi. Mu kuvuga ivyo, baba berekanye ko ubuzima bwatanguriye ahandi, ariko ntibaba basiguye ingene bwatanguye.

 Abahinga bamwebamwe biyumvira yuko utugingo tugenga kamere yacu tukayobora n’ikura ry’ibihimba vy’umubiri (gènes) tuzwi muri iki gihe, twoba twakomotse ku duhimba twitwa molekile. Bavuga yuko bishoboka cane ko utwo duhimba molekile twiyadukiza dukomotse ku bintu bidafise ubuzima tukongera tukagwira. Ariko nta bimenyamenya siyansi iratora vyemeza ko utwo duhimba twigeze tubaho, eka nta n’utwo abahinga mu vya siyansi barashobora guhingura aho bagirira ubushakashatsi.

 Ibinyabuzima biratandukanye cane n’ibindi bintu mu kuntu bibika amakuru bikongera bikayakoresha. Utugingo ngengabuzima turarungika amakuru ari mu tugingo ngengakamere twatwo, tukayasigura tukongera tukayisunga mu gukora. Ayo makuru, abahinga bamwebamwe bayagereranya n’ubuhinga buri muri orodinateri, ibigize akagingo ngengabuzima na vyo bakabigereranya n’ivyuma bigize orodinateri. None ayo makuru yo mu tugingo ngengakamere yavuye hehe? Inyigisho y’ihindagurika ntishobora kubisigura.

 Akagingo ngengabuzima karakenera indemamubiri kugira ngo gashobore gukora. Indemamubiri isanzwe usanga igizwe n’uduhimba amajana twitwa acides aminés dufatanye hisunzwe urutonde iyo ndemamubiri yisangije. Vyongeye, indemamubiri itegerezwa kwizinga mu buryo budasanzwe kugira ngo ishobore kugira ico ifashije. Ni co gituma abahinga mu vya siyansi bamwebamwe bavuga ko bigoye cane rwose ko indemamubiri yokwiyadukiza. Umuhinga mu vya fizike yitwa Paul Davies yanditse ati: “Uravye ukuntu hakenerwa indemamubiri ibihumbi n’ibihumbi z’ubwoko butandukanye kugira ngo akagingo ngengabuzima gakore, biragoye cane kwemera ko zoba zariyadukije.”

 TUVUGE IKI NONE? Ubushakashatsi bwagizwe mu mice nka yose ya siyansi mu myaka mirongo iheze, bwerekana ko igifise ubuzima kiva ku kintu gisanzwe gifise ubuzima.

Vyagenze gute ngo ibinyabuzima bitandukanye bibeho?

 BAMWEBAMWE BABIVUGAKO IKI? Biciye kw’ihindagurika ryagiye ririyadukiza, akagingo ka mbere gafise ubuzima kagiye buhorobuhoro karavamwo ubwoko butandukanye bw’ibifise ubuzima, ushizemwo n’abantu.

 KUBERA IKI HARI ABATANYURWA N’IYO NYISHU? Utugingo ngengabuzima tumwe usanga duhanitse gusumba utundi. Igitabu kimwe kivuga ko ivy’uko akagingo ngengabuzima gasanzwe kohinduka kakaba agahanitse, “kenshi bibonwa ko ari co kintu gikomeye kigira kabiri abemera ihindagurika badashobora gusigura. Ica mbere badashobora gusigura ni inkomoko y’ubuzima.”

 Abahinga mu vya siyansi basanze akagingo ngengabuzima kose kagizwe n’indemamubiri nyinshi zikorana kugira zikore ibikorwa bihanitse. Muri ivyo bikorwa harimwo ugutwara ingaburo mu mubiri no kuzihinguramwo inguvu, gusanasana ibihimba vy’akagingo ngengabuzima bifise ingorane, no gutwara amakuru muri nya kagingo. Ivyo bintu bihanitse bigize akagingo ngengabuzima be n’ukuntu bikora, vyoba vyarapfuye kwiyadukiza? Abantu benshi babona ko ivyo bigoye kwemera.

 Abantu be n’ibikoko bitangura kubaho igihe imbuto z’ingabo n’imbuto z’ingore zinywanye zikavamwo agasamo. Muri ako gasamo, utugingo ngengabuzima turagwira, mu nyuma tugatangura gufata imero zitandukanye kugira tuzovemwo ibihimba bitandukanye vy’umubiri. None akagingo ngengabuzima kamwekamwe kose kamenya gute ico kazovamwo be n’iyo gakwiye kuja? Inyigisho y’ihindagurika ntishobora kubisigura.

 Abahinga mu vya siyansi baramaze gutahura ko kugira ngo igikoko c’ubwoko bunaka gihinduke igikoko c’ubundi bwoko, vyosaba ko haba amahinduka mu duhimba twitwa molekile two mu tugingo ngengabuzima. None ko abahinga badashobora kwerekana ingene ihindagurika ryotuma haboneka n’akagingo ngengabuzima twovuga ko gasanzwe cane, wumva hari uwokwemera ko amoko atandukanye y’ibikoko biba kw’isi yabayeho biciye kw’ihindagurika? Umuhinga w’ibinyabuzima yitwa Michael Behe avuga ko naho ubushakashatsi “bwerekanye yuko [umubiri w’ibikoko] ukozwe mu buryo buhanitse kandi butangaje cane, abantu ntituratahura na gato ukuntu uwo mubiri ukozwe mu buryo buhanitse woba warabayeho ata kintu gifise ubwenge kibiyoboye.”

 Abantu barazi ko ari abantu. Barafise ubushobozi bwo kwiyumvira, imico myiza nk’ugutanga n’ukwihebera abandi, bakagira n’ubushobozi bwo gutandukanya ikibi n’iciza. Ni igiki none catumye abantu bagira ivyo bintu bisangije? Inyigisho y’uko ibiriho vyiyadukije hanyuma bigenda birahindagurika, ntishobora gusigura ico kintu.

 TUVUGE IKI NONE? Naho abantu benshi bemeza ko ata woharira ko ubuzima bwabayeho biciye kw’ihindagurika, hari abandi batanyurwa n’ivyo iyo nyigisho ivuga ku kuntu ubuzima bwatanguye n’ingene vyagenze ngo ibinyabuzima bitandukanye bibeho.

Inyishu wosuzuma

 Abantu benshi bamaze kwihweza ibimenyamenya, bashika ku ciyumviro c’uko ubuzima bwashizweho n’uwufise ubwenge burengeye ubw’abantu. Raba nk’akarorero ivyerekeye umwigisha wa filozofiya yitwa Antony Flew yahoze ari umuhakanamana akomeye. Igihe yamenya ukuntu ibifise ubuzima bikozwe mu buryo buhanitse rwose, akamenya n’ivyerekeye amategeko agenga ibiri mu kirere, yarahinduye ivyiyumviro. Yarasubiyemwo amajambo yavuzwe n’abafilozofe ba kera, ati: “Dutegerezwa gushira aho ibimenyamenya bishize.” Uwo mwigisha Flew yabona ko ibimenyamenya vyerekana yuko hariho Umuremyi.

 Gerard, umwe twavuga mu ntango z’iki kiganiro, na we nyene yashitse kuri ico ciyumviro. Naho yize amashure menshi akaba n’umuhinga mu bijanye n’udukoko tuguruka, yavuze ati: “Nta kimenyamenya na kimwe nabonye cemeza ko ubuzima bwapfuye kwiyadukiza buvuye ku bintu bidafise ubuzima. Ndavye ukuntu ibifise ubuzima bikozwe mu buryo buhanitse kandi burimwo urutonde, narajijutse yuko hategerezwa kuba hariho Umuremyi yabiteguye akongera akabitunganya.”

 Nk’uko nyene umuntu ashobora kumenya ivyerekeye umuhinguzi w’utugenegene mu kwihweza utugenegene yahinguye, ni ko na Gerard yahavuye amenya ingene Umuremyi ameze mu kwihweza ibintu yaremye. Gerard yarafashe n’umwanya wo gusuzuma igitabu cahumetswe n’Umuremyi, ari co Bibiliya. (2 Timoteyo 3:16) Bibiliya yaramufashije kuronka inyishu zimushika ku nyota z’ibibazo yibaza ku bijanye na kahise k’abantu, iramufasha no kubona umuti w’ingorane zihanze abantu muri iki gihe. Ivyo vyatumye ajijuka yuko Bibiliya na yo nyene yakomotse ku wufise ubwenge burengeye ubw’umuntu.

 Nk’uko na Gerard yavyiboneye, inyishu Bibiliya itanga ni ngirakamaro. Tukuremesheje kuzisuzumira.