Akarenganyo koba kazokwigera kavaho kw’isi?
Iyi si yuzuye akarenganyo. Raba uburorero bubiri bw’abarenganijwe:
Muri Nzero 2018, umucamanza umwe wo muri Amerika yaratanze itegeko ry’uko umugabo umwe yari amaze imyaka hafi 38 apfunzwe yorekurwa. Ibipimo vya ADN ni vyo vyagiye kwerekana ko yari yararenganijwe.
Muri Nyakanga 1994, abasore batatu bo mu gihugu kimwe co muri Afrika barapfunzwe kubera ko ijwi ryabo ryo mu mutima ritabemerera kuja mu gisoda. Gushika muri Nyakanga 2020, bari bamaze imyaka 26 mu gasho batarigera barengutswa imbere ya sentare ngo bamenyeshwe icaha bagirizwa.
Nimba umaze kurenganywa, ushobora kuba wiyumva nk’umuntu avugwa muri Bibiliya yitwa Yobu, uwavuze ati: «Nguma ntabaza, ariko nta butungane buhari.» (Yobu 19:7) Ariko rero, naho hari ababona ko ata butungane nyakuri buzokwigera buhaba, Bibiliya iravuga ko hazogera igihe akarenganyo kagahera. Vyongeye, impanuro dusanga muri Bibiliya zirashobora kugufasha kwihanganira akarenganyo muri iki gihe.
Ni ibiki bituma haba akarenganyo?
Akarenganyo kava ku bantu birengagiza impanuro Imana itanga. Bibiliya ivuga ko ubutungane nyakuri buva ku Mana. (Yesaya 51:4) Muri Bibiliya, amajambo yahinduwe ngo «ubutungane» n’«ubugororotsi» arafitaniye isano cane. (Zaburi 33:5) Ibikorwa bigororotse canke ivyo Imana ibona ko ari vyiza kandi bibereye, bituma haba ubutungane. Ku rundi ruhande, akarenganyo kava ku gicumuro, ni ukuvuga kurenga ku vyo Imana isaba bigororotse. Raba uburorero bukurikira:
Ubwikunzi. Ivyipfuzo vy’ubwikunzi be n’igicumuro birafitaniye isano rya hafi. (Yakobo 1:14, 15) Abantu benshi kugira baronke ivyo bipfuza, bararenganya abandi. Ariko Imana yipfuza ko dushira imbere ineza y’abandi.—1 Abakorinto 10:24.
Gukora ibintu mu kutamenya. Hari abarenganya abandi batanabizi, ariko n’ivyo nyene Imana ibona ko ari bibi. (Abaroma 10:3) Mbere gukora ibintu mu kutamenya, vyaratumye Yezu Kristu yicwa, akaba ata wundi muntu arigera arenganywa nka we.—Ivyakozwe 3:15, 17.
Amashirahamwe n’amadini vyarananiwe. Vyari vyitezwe ko amashirahamwe y’ivya politike, ay’ivy’urudandazwa hamwe n’amadini, bikuraho akarenganyo kandi abantu bagatunganirizwa kumwe. Ariko mu vy’ukuri, ayo mashirahamwe n’amadini ni vyo akenshi bituma abantu bakora amakosa, bakarya igiturire, bakinubana, bakagira umwina, hakaba ubusumbasumbane mu vy’ubutunzi hamwe n’ukurekerana ibintu, kandi ivyo vyose bigaca bikwega akarenganyo. Abashinga amwe muri ayo mashirahamwe baba bafise intumbero nziza. Ariko rero, utwigoro twose abantu bagira mu kwirengagiza impanuro Imana itanga nta co tuvamwo.—Umusiguzi 8:9; Yeremiya 10:23.
Imana yoba yanka akarenganyo?
Ego, iranka akarenganyo hamwe n’inyifato be n’ibikorwa bituma haba akarenganyo. (Imigani 6:16-18) Yarahumekeye umuhanuzi Yesaya ngo yandike ati: «Jewe Yehova a nkunda ubutungane, nkanka ubusuma hamwe n’ibitagororotse.»—Yesaya 61:8.
Amategeko Imana yahaye Abisirayeli ba kera yarerekana ko yipfuza yuko abantu bakurikiza ubutungane. Yategetse abacamanza babo kwirinda igiturire hamwe n’ibindi bikorwa vy’akarenganyo vyoshobora gutuma badakurikiza ubutungane. (Gusubira mu vyagezwe 16:18-20) Imana yariyamirije Abisirayeli bayigambararira mu kurenganya abakene n’abantu baciye bugufi, yongera irabiyamiriza yivuye inyuma kubera ko banka gukora ivyo ibasaba.—Yesaya 10:1-3.
Imana yoba izokuraho akarenganyo?
Ego. Biciye kuri Yezu Kristu, Imana izokuraho igicumuro, akaba ari yo mvo nyamukuru ituma haba akarenganyo, yongere itume abantu basubira gutungana. (Yohani 1:29; Abaroma 6:23) Yaranashinze Ubwami buzozana isi nshasha irangwamwo ubugororotsi n’ubutungane ku bantu bose. (Yesaya 32:1; 2 Petero 3:13) Kugira umenye vyinshi ku vyerekeye ubwo Bwami bwo mw’ijuru, nurabe ividewo ivuga ngo Ubwami bw’Imana ni iki?
Ubuzima buzoba bumeze gute mw’isi nshasha irangwamwo ubugororotsi?
Igihe ubutungane buzoba burangwa kw’isi, abantu bose bazogira amahoro n’umutekano. (Yesaya 32:16-18) Abantu bose barangana imbere y’Imana. Rero bose bazofatwa kumwe. Intuntu, amaborogo n’ububabare biterwa n’akarenganyo bizokurwaho buhere. Mbere n’akarenganyo kadushikiye tuzogenda turakibagira. (Yesaya 65:17; Ivyahishuwe 21:3, 4) Kugira umenye vyinshi, nurabe ikiganiro kivuga ngo «Ubwami bw’Imana buzokora ibiki?»
Woba wokwizigira ivyo Imana isezerana yuko hazobaho isi itarimwo akarenganyo?
Ego. Muri Bibiliya, turahasanga ibimenyamenya vyumvikana vyerekana ko ubuhanuzi buri muri yo buranguka, ko ivyo ivuga ku vyerekeye kahise na siyansi ari ukuri be n’uko ibiri muri yo bihuza, kandi ivyo vyose vyerekana ko dushobora kwizigira ivyo isezerana. Ibiganiro bikurikira biratanga amakuru yiyongereye:
«Ubuhanuzi ivuga bwama buranguka»
«Imvo zituma twizigira Bibiliya» (mu gifaransa)
Tuvuge iki ku bijanye no kurwanya akarenganyo muri iki gihe?
Hari abantu benshi bavugwa muri Bibiliya bakoze uko bashoboye kwose kugira ntibarenganywe. Nk’akarorero, intumwa Pawulo yarafashwe nabi mu gucirirwa urubanza rwari gushobora kumuhitana. Aho guca apfa kwemera ako karenganyo, yarisunze amategeko yari asanzwe ahari mu kwungururiza kwa Sezari.—Ivyakozwe 25:8-12.
Yamara, nta ko abantu badakora kugira bakureho akarenganyo kose, ariko vyarabananiye. (Umusiguzi 1:15) Naho biri ukwo, kwizigira ko Imana izozana isi irangwamwo ubugororotsi, nk’uko yabisezeranye, vyarafashije abantu benshi kwihanganira umubabaro bagira igihe barenganijwe maze bakaguma batekanye.
a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.—Zaburi 83:18.