Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

“Mwigumize mu rukundo rw’Imana”

 IKIGABANE CA 10

Umubano w’ababiranye ni ingabirano iva ku Mana y’urukundo

Umubano w’ababiranye ni ingabirano iva ku Mana y’urukundo

“Umugozi nyabutatu ntucika ningoga.”—UMUSIGUZI 4:12.

1, 2. (a) Ni ibiki dushobora kwibaza ku bijanye n’abahejeje kurushinga, kandi kubera iki? (b) Ni ibibazo ibihe tugira twihweze muri iki kigabane?

WOBA ukunda kwitaba imanza z’ubugeni? Benshi barabikunda kuko mwene ivyo birori usanga biryoshe cane. Abageni baba bashajije rwose. Ariko igihimbaye kuruta ni ukuntu usanga akamwemwe kariko karabasya ubaravye mu maso. Kuri uwo musi baba bafise umunezero ntangere kandi baba biteze kazoza keza.

2 Yamara rero, nta wohakana ko umubano w’ababiranye uhanzwe n’ingorane nyinshi muri iki gihe. Naho twipfuza ko abo bageni baroranirwa, birashika tukibaza duti: ‘Ubwo uwu mubano uzobamwo agahimbare? Woba uzorama?’ Inyishu z’ivyo bibazo zivana n’ingene abo bageni bizigira impanuro Imana itanga zijanye n’umubano w’ababiranye kandi bakazikurikiza. (Soma Imigani 3:5, 6.) Ivyo ni ntahara kugira bigumize mu rukundo rw’Imana. Reka rero twihweze inyishu Bibiliya itanga ku bibazo bine bikurikira: Ni igiki gikwiye gutuma wubaka urwawe? Nimba ushaka kurushinga, wohitamwo gute uwo mwokwubakana? Ni gute wokwitegurira gushinga urwawe? Vyongeye, ni ibiki vyofasha abubakanye kuguma bahimbawe mu mubano wabo?

NI IGIKI GIKWIYE GUTUMA WUBAKA URWAWE?

3. Kubera iki bitoba bibereye umuntu yubatse urwiwe kubera imvo zidafashe?

3 Hari abiyumvira ko kwubaka ari vyo bituma umuntu aronka  agahimbare, bakavuga ko umuntu adashobora kunezerwa mu buzima atarubaka urwiwe. Ico ni ikinyoma cambaye ubusa! Yezu ntiyigeze yubaka urwiwe. Naho ari ukwo, yavuze ko kutubaka ari ingabirano, aca ahimiriza ababishoboye ngo bavyemere. (Matayo 19:11, 12) Intumwa Paulo na we nyene yaravuze ivyiza umuntu atubatse yironkera. (1 Abakorinto 7:32-38) Yaba Yezu canke Paulo, nta n’umwe yashinze itegeko ribuza abantu kwubaka. Nkako, kubuza kwabirana biri mu rutonde rw’“inyigisho z’amadayimoni.” (1 Timoteyo 4:1-3) Ariko ntiwumve, kutubaka birimwo inyungu nyinshi ku bipfuza gukorera Yehova ata kibasamaza. Ntivyoba bibereye rero umuntu yubatse urwiwe abitumwe n’imvo zidafashe, nk’akosho k’urunganwe.

4. Kubera iki mu mubano uroraniwe ari ahantu habereye ho kurerera abana?

4 Ariko none, hoba hariho imvo zumvikana zotuma umuntu yubaka urwiwe? Egome, zirahari. Umubano w’ababiranye na wo nyene ni ingabirano iva ku Mana yacu y’urukundo. (Soma Itanguriro 2:18.) Ku bw’ivyo, hariho ivyiza biva ku mubano w’ababiranye kandi urashobora gutuma abubakanye bagira agahimbare. Nk’akarorero, umubano uroraniwe ni wo mushinge mwiza cane w’ubuzima bwo mu rugo. Abana barakeneye kuba ahantu hatekanye bafise abavyeyi babarera, babakunda, babatoza indero kandi bakabayobora. (Zaburi 127:3; Abanyefeso 6:1-4) Ariko rero, kuvyara si vyo vyonyene vyotuma umuntu yubaka urwiwe.

5, 6. (a) Twisunze ibivugwa mu Musiguzi 4:9-12, ni ivyiza ibihe vyo kugira umugenzi ashika? (b) Ni ryari umubano w’ababiranye wogereranywa n’igitsibo c’imigozi itatu?

5 Zirikana ku majambo akikuje icanditswe c’ishimikiro c’iki kigabane. Agira ati: “Babiri baruta umwe, kuko bafise impera nziza ku bw’igikorwa cabo c’ubutame. Kuko umwe muri bo aramutse aguye, uwundi arashobora kuvyura mugenziwe. Mugabo bizogenda gute ku wuri wenyene aguye ata wundi ariho wo kumuvyura? Vyongeye, iyo babiri baryamanye, ntibabura gususuruka; mugabo uwuri wenyene yoguma asusurutse gute? Kandi nimba umuntu yonesha  umwe, babiri bari kumwe bomunanira. Kandi umugozi nyabutatu ntucika ningoga.”—Umusiguzi 4:9-12.

6 Ico canditswe ahanini kivuga ibijanye n’ivyiza vyo kugira umugenzi. Birumvikana ko abubakanye baba ari abagenzi badasanzwe. Nk’uko ico canditswe kivyerekana, ubwo bumwe burashobora gutuma umwe wese afasha uwundi, akamuhoza kandi akamukingira. Umubano w’ababiranye urakomera cane igihe udashingiye gusa ku bucuti abo babiri bafitaniye. Nk’uko ico canditswe kivyerekana, igitsibo c’imigozi ibiri coshobora gucika. Ariko imigozi itatu itsibiwe hamwe iragoye gucacura. Igihe umugabo n’umugore bashira imbere uguhimbara Yehova, umubano wabo uba umeze nk’ico gitsibo c’imigozi itatu. Uwo mubano urakomera cane kuko Yehova aba afise ikibanza gihambaye muri wo.

7, 8. (a) Ni impanuro iyihe Paulo yahaye abakirisu batarubaka bariko banyinyana n’inambu y’umubiri? (b) Bibiliya idufasha gute kubona umubano w’ababiranye mu buryo bubereye?

7 Mu mubano w’ababiranye kandi ni ho honyene umuntu ashobora kurangura amabanga y’abubatse mu buryo bwemewe kandi bikabonwa ko ari isôko ry’agahimbare. (Imigani 5:18) Naho umuntu atarubaka urwiwe yoba amaze kurengana ico Bibiliya yita “ishurika ry’ubuto,” kino kikaba ari ca gihe atangura kugira inambu y’umubiri ikomeye, yoshobora kuba akinyinyana n’inambu y’umubiri. Igihe ivyo vyipfuzo bidacungerewe neza, vyoshobora gutuma yigenza nabi. Paulo ahumekewe n’Imana yatanze impanuro igira iti: “Nimba bibananiye kwigumya, nibubake, kuko ari vyiza kwubaka kuruta kururumba inambu.”—1 Abakorinto 7:9, 36; Yakobo 1:15.

8 Imvo zituma umuntu yubaka zaba izihe, biraba vyiza abonye ibintu nk’uko biri koko. Nk’uko Paulo yabivuze, abubaka izabo “bazogira amakuba mu mubiri wabo.” (1 Abakorinto 7:28) Abubatse barashikirwa n’ingorane zidashikira abatubatse. Niba uhisemwo kurushinga, ushobora gute none kugabanya ingorane zogushikira maze ukironkera agahimbare mu mubano wawe? Intambwe ya mbere ni uguhitamwo neza uwo muzokwubakana.

 WOHITAMWO GUTE UWO MWOKWUBAKANA?

9. Paulo yagereranije n’iki akaga ko kwubakana n’umuntu tudasangiye ukwizera?

9 Paulo ahumekewe n’Imana yaranditse ingingo ngenderwako ihambaye cane dukwiye kwisunga igihe duhitamwo uwo tuzokwubakana. Yavuze ati: “Ntimuboherwe ku ngǒgo hamwe n’abatemera kandi bitajana.” (2 Abakorinto 6:14) Ico kigereranyo yakoresheje cari gishingiye ku kintu abarimyi bari bamenyereye. Mu gihe ibitungwa bibiri bitanganya inkomezi bibohewe ku ngǒgo imwe, vyose birahabonera. Muri ubwo buryo nyene, igihe umukirisu yubakanye n’uwo badasangiye ukwizera, nta gukeka ko hazobaho ibintu bituma baranda imitsi. Mu gihe umwe yipfuza kuguma mu rukundo rwa Yehova ariko uwundi akavyitaho buhoro canke ntanavyiteho, ntibazohuza mu vyo bashira imbere mu buzima, kandi birashobora gutuma bagira intuntu nyinshi. Ni co gituma Paulo yahimirije abakirisu kwubaka “mu Mukama gusa.”—1 Abakorinto 7:39.

10. Ni ibiki bikunze gushikira abirengagiza impanuro y’Imana ibuza kwubakana n’abo tudasangiye ukwizera?

10 Hari abakirisu babona ko bopfuma bubakana n’uwo badasangiye ukwizera aho kuguma bicwa n’irungu. Bamwebamwe barirengagiza impanuro Bibiliya itanga, maze bakubakana n’umuntu adakorera Yehova. Akenshi ivyo bivamwo ingaruka zibabaje. Abantu nk’abo basanga bubakanye n’umuntu badashobora guhuza mu bintu bihambaye kuruta ibindi mu buzima. Ivyo bituma bagira irungu riruta kure n’iyo iryo bari bafise batarashinga izabo. Igishimishije ni uko hariho abakirisu ibihumbi batarubaka izabo bizigira impanuro Imana itanga kandi bakazikurikiza badahemuka. (Soma Zaburi 32:8.) Naho bipfuza kurushinga umusi uri izina, barihangana gushika baronse uwo bubakana asenga Yehova.

11. Ni igiki cogufasha guhitamwo neza uwo muzokwubakana? (Raba kandi uruzitiro “ Ni ibiki niteze ku wo nipfuza ko twokwubakana?”)

11 Ariko ntiwumve, si ukuvuga ko umusavyi wa Yehova wese aca aba uwubereye ko mwokwubakana. Niba ushaka kwubaka urwawe, nurabe umuntu afise kamere wipfuza, muhuje  imigambi yo gukorera Imana kandi akunda Yehova nk’uko umukunda. Umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge yarasohoye ibiganiro vyinshi kuri ico kibazo, kandi vyoba vyiza urimbuye izo mpanuro zishingiye ku Vyanditswe ubijanisha n’isengesho, ukareka zikakuyobora mu gufata iyo ngingo ihambaye. *Soma Zaburi 119:105.

12. Ni umugenzo uwuhe ujanye n’ugushinga urugo ukurikizwa mu bihugu vyinshi, kandi ni akarorero akahe ko muri Bibiliya katuronsa ubuyobozi twokwisunga?

12 Mu bihugu vyinshi, hariho umugenzo w’uko abavyeyi ari bo bahitiramwo umwana wabo uwo bazokwubakana. Muri ivyo bihugu usanga vyemewe ko abavyeyi bagira iryo hitamwo rihambaye kuko ari bo baba bazi utuntu n’utundi. Imibano ishirwaho muri ubwo buryo akenshi iraroranirwa, nk’uko nyene vyari bimeze kera igihe Bibiliya yandikwa. Akarorero k’ukuntu Aburahamu yarungitse umusuku wiwe kuronderera Izahaki umukenyezi karimwo ivyigwa bihambaye ku bavyeyi ivyabo vyifashe gutyo muri iki gihe. Amahera canke ikibanza umuntu afise mu kibano si vyo vyari biraje ishinga Aburahamu. Yaragize akigoro gakomeye kugira aronderere Izahaki umukenyezi mu bantu basenga Yehova. *Itanguriro 24:3, 67.

INGENE WOKWITEGURIRA KURUSHINGA

13, 14. Ingingo ngenderwako yo mu Migani 24:27 yofasha gute umusore ategekanya kwubaka urwiwe?

13 Niba uriko uriyumvira kwubaka urwawe ata gufyina, vyoba vyiza wibajije uti: ‘Noba vy’ukuri ngeze?’ Inyishu y’ico kibazo ntihagaze gusa ku kuntu ubona ibijanye n’urukundo, amabanga y’abubatse, umubano w’ababiranye canke  ukuvyara abana. Ahubwo nyabuna, hariho amabanga atomoye uwo wese yimirije kwubaka urwiwe akwiye kuzirikanako.

14 Umusore ashaka kurushinga akwiye kuzirikana yitonze kuri iyi ngingo ngenderwako igira iti: “Tegura igikorwa cawe hanze, kandi ucitunganirize mu murima. Mu nyuma wubake n’urugo rwawe.” (Imigani 24:27) None ivyo bisobanura iki? Igihe ayo majambo yandikwa, umusore yipfuza kwubaka yabanza kwibaza ati: ‘Noba niteguriye gutunga umukenyezi wanje n’ibibondo dushobora kwibaruka?’ Yategerezwa kubanza gukora, akitwararika imirima yiwe. Iyo ngingo nyene irakora no muri iki gihe. Umusore ashaka kwubaka urwiwe arakwiye kwitegurira iryo banga. Igihe cose amagara azoba abimukundiye, ategerezwa gukura amaboko mu mpuzu. Ijambo ry’Imana rirerekana ko umugabo atitwararika ivyo abo mu rugo rwiwe bakeneye mu vy’umubiri, mu vy’inyiyumvo no mu vy’impwemu aba abaye mubi kurusha uwutagira ukwizera!—Soma 1 Timoteyo 5:8.

15. Ni igiki inkumi yokora kugira yitegurire kurushinga?

15 Inkumi ifashe ingingo yo kurushinga na yo nyene itegerezwa kwemera kubangira ingata amabanga atari make ahambaye cane. Bibiliya irashira ahabona ibikorwa n’inyifato umukenyezi akeneye gutsimbataza kugira ashigikire umunega wiwe yongere abungabunge urugo rwiwe. (Imigani 31:10-31) Imisore n’inkumi bihutira kwubaka batabanje kwitegurira amabanga bijanye, mu vy’ukuri baba bikunda kuko batazirikana ku vyo bashobora kuronsa uwo bimirije kwubakana. Ariko rero igihambaye kuruta vyose, abategekanya kwubaka izabo bakwiye kuba biteguriye gushira mu ngiro ingingo ngenderwako z’Imana zijanye n’umubano.

16, 17. Abitegurira kurushinga bakwiye kuzirikana ku ngingo ngenderwako izihe zo mu Vyanditswe?

16 Kwitegurira kwubaka urugo bisaba kuzirikana ku mabanga Imana yashinze umugabo n’umugore. Umugabo arakeneye kumenya ico bisobanura kuba serugo mukirisu. Iryo banga si uburenganzira aba ahawe bwo gutwaza umukazo. Ahubwo riho, ategerezwa kwigana uburyo Yezu akoresha ubukuru bwiwe.  (Abanyefeso 5:23) Umukenyezi mukirisu na we nyene arakeneye gutahura uruhara ruhambaye umugore ajejwe. Yoba azokwemera kuyoboka “itegeko ry’umugabo wiwe”? (Abaroma 7:2) Asanzwe agengwa n’itegeko rya Yehova n’irya Kristu. (Abagalatiya 6:2) Ubukuru umunega wiwe afise mu rugo ni irindi tegeko abwirizwa kwisunga. Yoba ashobora gushigikira ubukuru bw’umuntu adatunganye kandi akabuyoboka? Niba ico kintu kimutera ubwoba, vyoba vyiza abaye arabangira.

17 Ikigeretseko, umwe wese mu bubakanye akwiye kwama yiteguriye kuronsa mugenziwe ibintu akenera cane. (Soma Abafilipi 2:4.) Paulo yanditse ati: “Umwe wese muri mwebwe ku ruhande rwiwe akunde umugore wiwe nk’uko yikunda; umugore na we ategerezwa kugirira umugabo wiwe icubahiro kigera kure.” Paulo ahumekewe n’Imana, yarabonye ko umugabo akeneye cane ko umugore wiwe amwubaha bigera kure. Umugore na we arakeneye cane ko umugabo wiwe amukunda.—Abanyefeso 5:21-33.

Mu gihe c’ukureshanya, umusore n’inkumi biyubara barategekanya umuherekeza

18. Kubera iki umusore n’inkumi bakwiye kwigumya mu gihe co kureshanya?

18 Umusore n’inkumi bashimanye boshobora kuza baragenderanira kugira barabe ko bahuza. Ico si igihe c’ukwiryohera gusa. Ni igihe co kwiga ukuntu bokwitwararikana mu buryo bubereye, bakaraba niba vyoba ari vyiza ko babana. Ni igihe kandi co kwigumya! Boshobora kwumva bogaragarizanya igishika mu buryo budasanzwe, narirya baba biyumvanamwo. Ariko rero, nimba bakundana vy’ukuri, bazokwirinda ikintu cose cokwonona ubucuti bafitaniye na Yehova. (1 Abatesalonika 4:6) Ku bw’ivyo, niba hari uwo mureshanije, nimugaragaze ukwigumya. Iyo kamere irashobora kubafasha mu buzima bwanyu bwose, mwaba muhisemwo kwubaka canke kutubaka.

INGENE WOTUMA UMUBANO WANYU URAMBA

19, 20. Ukuntu umukirisu abona umubano w’ababiranye gutandukaniye he n’ukuntu benshi mw’isi bawubona? Tanga akarorero.

19 Kugira ngo abubakanye batume umubano wabo uramba,  barakeneye kubona mu buryo bubereye indagano bagiraniye. Inkuru ziganwa mu bitabu no mu masenema y’urukundo akenshi usanga zisozerera ku bugeni umusore n’inkumi baba biteganye umushasharo. Ariko rero mu buzima bwa misi yose, ubugeni si iherezo. Ahubwo ni intango y’ikintu Yehova yageneye kuramba. (Itanguriro 2:24) Ikibabaje, ukwo si ko benshi babibona muri iki gihe. Mu mico kama imwimwe, abantu bavuga yuko gushinga urugo ari cokimwe no “gupfundika ipfundo.” Hari aho batoba batahura ingene ico kigereranyo kidondora neza ukuntu abantu benshi babona umubano w’ababiranye. Uti gute? Naho ipfundo ryiza ari rirya ritipfundurura bidakenewe, ikindi kintu gihambaye kiranga ipfundo ryiza ni uko ryoroha gupfundururwa igihe bikenewe.

20 Abantu benshi muri iki gihe babona ko umubano w’ababiranye ari uw’igihe gito. Barihutira kwubaka kuko biyumvira ko bizotuma baronka ivyo bakeneye, mugabo bakitega ko bazoshobora gusambura uwo mubano igihe babonye ko usa n’uwubateye ingorane. Ariko rero, uribuka ko Bibiliya igereranya umubano w’ababiranye n’igitsibo. Ibitsibo bikoreshwa ku mato usanga bikozwe ku buryo biramba, ntivyigere bipfunduruka naho hoba ari mu gihuhusi gikaze gute. Umubano w’ababiranye na wo nyene ni uw’igihe kirekire. Uribuka ko Yezu yavuze ati: “Ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe, umuntu ntakagitanye.” (Matayo 19:6) Bishitse ukubaka urwawe, ukwiye kubona umubano wanyu muri ubwo buryo. None indagano nk’iyo yoba ituma umubano w’ababiranye uba umuzigo? Habe namba!

21. Yaba umugabo canke umugore, umwe wese akwiye kubona uwundi gute, kandi ni igiki cobafasha kubigenza gutyo?

21 Yaba umugabo canke umugore, umwe wese arakwiye kuguma abona uwundi mu buryo bubereye. Niba umwe wese yihatira kuguma yibanda kuri kamere nziza uwundi afise be no ku twigoro agira, uwo mubano uzoba isôko ry’umunezero n’ukuruhurirwa. None ntikwoba ari ukurenza urugero turavye ivyiza gusa mu muntu adatunganye? Yehova ntiyigera  arenza urugero. Yamara turizigira yuko aguma atubona mu buryo bwiza. Umwanditsi wa Zaburi yabajije ati: “Iyaba amakosa ari yo ugumizako ijisho, ewe Ya, ewe Yehova, ni nde yohagaze?” (Zaburi 130:3) Yaba umugabo canke umugore, umwe wese arakwiye kubona uwundi mu buryo bwiza kandi bakababarirana.—Soma Abakolosayi 3:13.

22, 23. Ni akarorero akahe Aburahamu na Sara basigiye abubakanye muri iki gihe?

22 Umubano w’ababiranye urashobora kuguma urushiriza  kuryoha uko imyaka irengana. Bibiliya iravuga ukuntu umubano wa Aburahamu na Sara wari umeze igihe bari bageze mu zabukuru. Ntiwibaze ko bari borohewe mu buzima canke ko ata ngorane bigera bagira! Iyumvire ukuntu Sara, uwushobora kuba yari ageze mu myaka 60, yumvise amerewe igihe yaheba inzu nziza babamwo mu gisagara gisagamvye c’i Uri, maze akaja kuba mu mahema mu myaka yose yari asigaje kubaho. Yamara yarayobotse ubukuru bw’umunega wiwe. Kubera ko yari umufasha akwiranye na Aburahamu, yaramushigikira abigiranye icubahiro kugira ngo ingingo yafata ziroranirwe. Ukuyoboka kwiwe ntikwari ukwo ku karimi gusa. “Imbere muri we” yavuga ko umugabo wiwe yari umukama wiwe. (Itanguriro 18:12; 1 Petero 3:6) Yarubaha Aburahamu bivuye ku mutima.

23 Ariko ntiwumve, ivyo ntibisobanura ko Aburahamu na Sara bama babona ibintu kumwe. Igihe kimwe Sara yaratanze iciyumviro ‘cababaje cane’ Aburahamu. Ariko rero, Aburahamu ahanuwe na Yehova, yarumviye yicishije bugufi ivyo umukenyezi wiwe yari yamubwiye, bikaba vyahavuye bituma umuryango wabo uhezagirwa. (Itanguriro 21:9-13) Abubakanye bo muri iki gihe, mbere n’abamaze imyaka mirongo barushinze, barashobora kwigira vyinshi kuri uwo mugabo n’umugore batinya Imana.

24. Urugo rutera iteka Yehova ruba rumeze gute, kandi ni igiki gituma ivyo bishoboka?

24 Ishengero rya gikirisu ririmwo ingo nyinshi cane zihimbawe, aho usanga umugore yubaha umugabo wiwe bigera kure, umugabo na we agakunda umugore wiwe kandi akamutera iteka, maze bompi bagasenyera ku mugozi umwe kugira bashire imbere ivyo Yehova agomba. Niba uhisemwo kwubaka urwawe, ese wocagura witonze uwo muzokwubakana, ukitegurira neza umubano wanyu, kandi ugakora ibishoboka ngo umubano wanyu urangwemwo amahoro n’urukundo, bitume Yehova Imana aterwa iteka! Niwabigenza gutyo, nta gukeka ko umubano wanyu uzogufasha kwigumiza mu rukundo rw’Imana.

^ ing. 11 Raba ikigabane ca 2 c’igitabu Akabanga ko kuronka agahimbare mu rugo, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

^ ing. 12 Abasavyi ba Yehova b’abizigirwa ba kera, nka Aburahamu na Yakobo, bari bafise abagore benshi. Yehova yarihojeje uwo mugenzo wo guharika. Naho atari we yawutanguje, yarashizeho amategeko awugenga. Ariko rero, abakirisu bakwiye kwibuka ko Yehova atacemera uguharika.—Matayo 19:9; 1 Timoteyo 3:2.

Raba n'ibindi

Nimwubake urugo rukomeye kandi rurangwa agahimbare

Nimukoreshe ibintu bitanu bituma umubano ukomera kandi urangwa agahimbare.

“Mugendere mu Rukundo”

Mu Bakorinto ba mbere harerekana uburyo 14 dushobora kugaragazamwo urukundo.