Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

“Mwigumize mu rukundo rw’Imana”

 IKIGABANE CA 7

Woba uha agaciro ubuzima nk’uko Imana ibigira?

Woba uha agaciro ubuzima nk’uko Imana ibigira?

“Iwawe hari isôko ry’ubuzima.”—ZABURI 36:9.

1, 2. Ni ingabirano iyihe twahawe n’Imana idufitiye akamaro kadasanzwe muri iki gihe, kandi kubera iki?

UMUVYEYI wacu wo mw’ijuru yaraduhaye ingabirano y’agaciro ntangere, na yo ikaba ari ingabirano y’ukubaho turi abantu bafise ubwenge bashobora kwigana kamere ziwe. (Itanguriro 1:27) Kubera yuko dufise iyo ngabirano y’agaciro, turashoboye kuzirikana ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Kuzishira mu ngiro bituma tuba abantu bakunda Yehova kandi bafitaniye na we ubucuti bukomeye, abo “ububasha bwabo bwo gutegera [bwamenyerejwe] gutandukanya iciza n’ikibi.”—Abaheburayo 5:14.

2 Ubwo bushobozi bwo kuzirikana ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya burahambaye canecane muri iki gihe, kuko isi isigaye igoye cane ku buryo ata mategeko, naho yoba angana gute, yoshobora kugenga ibibazo vyose duhura mu buzima. Ubuhinga mu vy’ubuvuzi burerekana neza ico kintu, na canecane ku bijanye n’imiti be n’ubuhinga bwo kuvura bisaba gukoresha amaraso. Uwo ni umuce w’inkoramutima kuri abo bose bipfuza kugamburukira Yehova. Yamara rero, nitwatahura ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zijanye n’ico kibazo, tuzoshobora gufata ingingo ziranga ubukerebutsi zihuza n’ijwi ryacu ryo mu mutima kandi zituma twigumiza mu rukundo rw’Imana. (Imigani 2:6-11) Rimbura zimwezimwe muri izo ngingo ngenderwako.

UBUZIMA N’AMARASO NI VYERANDA

3, 4. Iciyumviro c’uko amaraso ari meranda catanguye kuvugwa ryari muri Bibiliya, kandi gishingiye ku ngingo ngenderwako iyihe?

3 Inyuma y’aho Kayini yiciye Abeli, Yehova yarahishuye ko  ubuzima n’amaraso bifitaniye isano rya hafi cane, mbere ko ari vyeranda. Imana yabwiye Kayini iti: “Umviriza! Amaraso ya mwene wanyu ariko asemererera mu butaka antakambira.” (Itanguriro 4:10) Mu nyonga za Yehova, amaraso ya Abeli yagereranya ubuzima bwiwe, ubwo Kayini yari yakuyeho bunyamaswa. Ni nk’aho amaraso ya Abeli yariko arasemerera atakambira Imana asaba guhorwa.Abaheburayo 12:24.

4 Inyuma ya rya Segenya ryo mu gihe ca Nowa, Imana yararekuriye abantu kurya inyama z’ibikoko, ariko amaraso bakayagira umuziro. Imana yavuze iti: “Gusa, inyama zirimwo ubuzima bwazo, ari bwo maraso yazo, ntimuze muzirye. Vyongeye, amaraso yanyu, ari bwo buzima bwanyu, nzoyishuza.” (Itanguriro 9:4, 5) Iryo tegeko rirerekeye abantu bose bakomotse kuri Nowa gushika n’ubu. Rirerekana ko ivyo Imana yari yarabwiye Kayini, yuko ubuzima bw’ikiremwa cose bugereranywa n’amaraso ari ukuri. Rirerekana kandi ko Yehova we Sôko ry’ubuzima azohana abantu bose badaha agaciro ubuzima n’amaraso.—Zaburi 36:9.

5, 6. Amategeko Imana yahaye Abisirayeli yerekana gute ko amaraso ari ikintu ceranda kandi c’agaciro? (Raba kandi uruzitiro “ Niwubahe ubuzima bw’ibikoko.”)

5 Ivyo bintu bibiri bihambaye vyarigaragaza muri ya mategeko Imana yaha Abisirayeli. Mu Balewi 17:10, 11 havuga hati: “‘Umuntu wese . . . azorya amaraso y’ubwoko na bumwe, emwe, nzoshinga igitsure canje uyo muntu arya amaraso, kandi nzomurandura koko mu bantu b’iwabo. Kuko ubuzima bw’umubiri buri mu maraso, nanje nkaba nayashize ku gicaniro ku bwanyu kugira mutangirwe impongano, kuko amaraso ari yo atuma haba impongano biciye ku buzima buri muri yo.” *—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Amaraso aratuma tubabarirwa ibicumuro,”.

6 Igihe amaraso y’igikoko cabazwe ataba ari ayakoreshwa ku gicaniro, yategerezwa guseswa hasi. Ni nk’aho ubuzima bwaba busubiye kuri nyene kubutanga. (Gusubira mu vyagezwe 12:16)  Ariko rero, urabona ko Abisirayeli batasabwa kugerageza vyanse bikunze gukura icitwa iraso cose mu nyama z’ico gikoko. Igihe igikoko caba cakerewe kandi bakareka amaraso yaco agaseseka, Umwisirayeli yarashobora kurya inyama zaco ata co yiyagiriza, kuko Umuremyi yaba yahawe icubahiro abereye.

7. Dawidi yerekanye gute ko yubaha ubweranda bw’amaraso?

7 Dawidi, uno akaba yari “umuntu ahimbara umutima” w’Imana,  yaratahura ingingo ngenderwako iri muri iryo tegeko ry’Imana ryerekeye amaraso. (Ivyakozwe 13:22) Umusi umwe igihe yari anyotewe cane, batatu mu ngabo ziwe barihevye barinjira mw’ikambi y’abansi babo, maze bavoma amazi mw’iriba, baraheza barayamuzanira. None Dawidi yabibonye gute? Yabajije ati: “Mbega nywe amaraso y’aba bantu bagiye, bakemera gushira ubuzima bwabo mu kaga?” Dawidi yabona ko kunywa ayo mazi ari cokimwe no kunywa amaraso y’izo ngabo ziwe. Ni co gituma yaciye “ayasuka imbere ya Yehova” naho yari anyotewe.2 Samweli 23:15-17.

8, 9. Ukuntu Imana yabona ubuzima n’amaraso kwoba kwarahindutse igihe ishengero rya gikirisu ryashingwa? Sigura.

8 Inyuma y’imyaka 2.400 Nowa ahawe rya tegeko, hakaba kandi hari haciye imyaka 1.500 hagizwe rya sezerano rishingiye ku mategeko Imana yahaye Abisirayeli, Yehova yarahumekeye inama nyobozi y’ishengero rya gikirisu ryo mu ntango kwandika iti: “Impwemu nyeranda na twebwe ubwacu dushimye kutabongerako uwundi muzigo, kiretse ibi bintu vya nkenerwa: kuguma mwirinze ivyashikaniwe ibigirwamana, n’amaraso, n’ibinizwe, n’ubusambanyi.”Ivyakozwe 15:28, 29.

9 Biraboneka rero ko inama nyobozi yo mu ntango yatahura ko amaraso ari meranda kandi ko kuyakoresha nabi ari icaha kingana n’ugusenga ibigirwamana canke ubusambanyi. Abakirisu b’ukuri muri iki igihe babona ibintu gutyo nyene. Vyongeye, kubera yuko bazirikana bisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, barashobora guhimbara Yehova igihe bafata ingingo zijanye n’ikoreshwa ry’amaraso.

GUKORESHA AMARASO MU VY’UBUVUZI

Nosigurira gute umuganga ingingo nafashe ku bijanye n’ikoreshwa ry’uduhimba dutoduto tw’amaraso?

10, 11. (a) Ivyabona vya Yehova babona gute uguterwa amaraso yose uko yakabaye canke ibihimba vyayo nyamukuru? (b) Ni mu bintu ibihe bijanye n’amaraso abakirisu boshobora kutabona ibintu kumwe?

10 Ivyabona vya Yehova baremera icese ko ‘kwirinda amaraso’ bisobanura kutemera kuyaterwa canke kuyatanga canke kubikisha amaraso yabo bwite kugira baze bayaterwe ikindi gihe. Kubera yuko bubaha itegeko ry’Imana, ntibemera kandi guterwa vya bihimba bine nyamukuru vy’amaraso: utugingo ngengabuzima  dutukura, utugingo ngengabuzima twera, ivyo bita plaquettes be n’ivyitwa plasma.

11 Muri iki gihe, ivyo bihimba birakunze guhingurwamwo utundi duhimba dutoduto dukoreshwa mu buryo butandukanye. None umukirisu yoba akwiye kwemera guterwa mwene utwo duhimba? Yoba atubona ko ari amaraso ubwayo? Umwe wese akwiye kwifatira ingingo kuri ico kibazo. Ukwo ni ko bimeze no ku bijanye n’ubuhinga bwo kuvura busaba gukoresha amaraso bwite y’umurwayi nka bumwe bwo kuyacisha mu mashini ikora nk’amafyigo (hémodialyse), ubwitwa hémodilution hamwe no kugarukana amaraso aseseka (récupération du sang épanché), ayo maraso agakira gusa kuba atabanje kubikwa.—Raba amakuru y’inyongera “Uduhimba dutoduto tw’amaraso n’ubuhinga bukoreshwa mu kubaga.”

12. Dukwiye kubona gute ibibazo vyega ijwi ryo mu mutima, kandi twovyifatamwo gute?

12 None ibibazo bisaba ko umuntu yifatira ingingo vyoba bidahambaye  kuri Yehova? Oya, kubera ko yitwararika cane ivyiyumviro vyacu be n’igituma dukora ibintu. (Soma Imigani 17:3; 24:12.) Rero, tumaze kugira ubushakashatsi tubijanisha n’isengesho ku bijanye n’imiti be n’uburyo bwo kuvura bikoreshwa, turakwiye kwumvira ijwi ryacu ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya. (Abaroma 14:2, 22, 23) Abandi si bo bakwiye kudufatira ingingo bisunze ijwi ryabo ryo mu mutima, eka kandi ntidukwiye kubabaza ngo “Iyaba ari wewe wari gukora iki?” Muri ivyo bibazo, umukirisu wese akwiye “[kwikorera] umutwaro wiwe bwite.” *Abagalatiya 6:5; Abaroma 14:12; raba uruzitiro ruvuga ngo “ Noba mbona ko amaraso ari meranda?” .

AMATEGEKO YA YEHOVA ARAGARAGAZA KO ARI UMUVYEYI ADUKUNDA

13. Amategeko ya Yehova be n’ingingo ngenderwako ziwe bihishura iki ku bimwerekeye? Bitangire akarorero.

13 Amategeko n’ingingo ngenderwako dusanga muri Bibiliya birahishura ko Yehova adushingira amategeko abigiranye ubukerebutsi akaba n’Umuvyeyi yuzuye urukundo yitwararika cane ineza y’ibibondo vyiwe. (Zaburi 19:7-11) Naho itegeko ryo ‘kwirinda amaraso’ ritatanzwe bwa bwirizwa rigenga amagara y’abantu, riradukingira ingorane ziva ku guterwa amaraso. (Ivyakozwe 15:20) Kukaba nkako, abaganga benshi babona ko kubaga hadakoreshejwe amaraso ari bwo buryo bwiza kuruta ubundi bwose bwo kuvura mu bihe vya none. Abakirisu b’ukuri babona ko ayo materambere mu vy’ubuvuzi ari ikintu gusa cemeza ubukerebutsi bw’akaburarugero bwa Yehova be n’urukundo rwiwe rwa kivyeyi.—Soma Yesaya 55:9; Yohani 14:21, 23.

14, 15. (a) Ni amategeko ayahe yagaragaza ko Imana ikunda abasavyi bayo? (b) Wokurikiza gute ingingo ngenderwako ziserurwa muri ayo mategeko ajanye n’ugukinga impanuka?

14 Menshi mu mategeko Imana yari yaratanze yaragaragaza ko yitwararika ineza y’abasavyi bayo bo muri Isirayeli ya kera. Nk’akarorero, yarasavye ko inzu z’Abisirayeli ziba zifise igitangirizo  gikikuje igisenge kugira birinde impanuka, narirya ibisenge vyari ibibanza bikorerwamwo ibintu vyinshi. (Gusubira mu vyagezwe 22:8; 1 Samweli 9:25, 26; Nehemiya 8:16; Ivyakozwe 10:9) Imana yarategetse kandi ko inka zica ziguma zicungerewe. (Kuvayo 21:28, 29) Kwirengagiza ivyo bintu Imana yasaba vyaragaragaza ko umuntu atitaho na gato ineza y’abandi, kandi vyarashobora gutuma yagirwa n’amaraso.

15 None woshira mu ngiro gute ingingo ngenderwako ziri muri ayo mategeko? Zirikana kuri ibi bintu: Icuma ukoresha mu kwiyunguruza cifashe gute? Mbega ugitwara gute? Woba ucungera ibitungwa vyawe? Inzu yawe n’aho ukorera bimeze gute? Winezereza mu buryo bumeze gute? Mu bihugu bimwebimwe, amasanganya ni yo ahanini ahitana abakiri bato, kubera bakunda kwita mu kaga bitari ngombwa. Ariko rero, abakiri bato bipfuza kuguma mu rukundo rw’Imana baraha agaciro ubuzima maze bakirinda kwinezereza mu buryo buteye akaga. Ntibihenda bibwira ngo uwukiri muto nta comukonya. Ahubwo riho, barahimbarirwa ubuto bwabo mu kwirinda ibintu vyobakwegera ingorane.—Umusiguzi 11:9, 10.

16. Ni ingingo ngenderwako iyihe yo muri Bibiliya yerekeye ugukorora inda? (Raba n’akajambo k’epfo.)

16 Mbere n’ubuzima bw’umwana akiri mu nda ni ubw’agaciro mu nyonga z’Imana. Muri Isirayeli ya kera, bishitse umuntu agaca ku mugore yibungenze maze bigatuma uwo mugore canke uwo mwana yibungenze apfa, Imana yabona ko uwo muntu yagirwa n’icaha c’ukwica, akaba ari co gituma yategerezwa kuriha “ubuzima ku bundi.” * (Soma Kuvayo 21:22, 23.) Ibaze rero intuntu Yehova agira aravye inda zidaharurwa zikororwa n’ibigirankana buri mwaka, nyinshi muri zo zikaba zikororwa kubera benezo batipfuza abo bana canke bipfuza kubandanya kwiberaho mu buhumbu.

17. Wohumuriza gute umuntu yigeze gukorora inda imbere y’uko amenya ingingo ngenderwako z’Imana?

 17 Ariko none, tuvuge iki ku bijanye n’umugore yigeze gukorora inda imbere y’uko amenya ukuri kwo muri Bibiliya? Yoba  atabereye imbabazi z’Imana? Habe namba! Nkako, umuntu yigaye vy’ukuri arashobora kwizigira kubabarirwa na Yehova hishimikijwe amaraso ya Yezu. (Zaburi 103:8-14; Abanyefeso 1:7) Kanatsinda, Kristu ubwiwe yavuze ati: “Sinaje guhamagara abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abacumuzi ngo bigaye.”—Luka 5:32.

NIWIRINDE URWANKO!

18. Bibiliya iserura gute ikintu nyamukuru gituma amaraso menshi aseseka?

18 Uretse ko Yehova adashaka ko tugirira abandi nabi, aranashaka ko turandurana n’imizi mu mutima wacu ikintu nyamukuru gituma amaraso menshi aseseka, na co kikaba ari urwanko. Intumwa Yohani yanditse ati: “Umuntu wese yanka mwene wabo ni umwicanyi.” (1 Yohani 3:15) Umuntu nk’uwo ntaba yanka gusa umuvukanyi wiwe, ariko kandi aba amwipfuriza gupfa. Urwo rwanko rwoshobora kugaragarira mu kumwambika ibara canke mu kumwagiriza ibintu bitari vyo vyotuma Imana imucira rubi. (Abalewi 19:16; Gusubira mu vyagezwe 19:18-21; Matayo 5:22) Ese ukuntu rero bihambaye ko dukora ibishoboka vyose ngo turandurane n’imizi inzigo yose yoba yatse indaro mu mitima yacu!—Yakobo 1:14, 15; 4:1-3.

19. Umuntu ayoborwa n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya abona gute ivyanditswe nka Zaburi 11:5 n’Abafilipi 4:8, 9?

19 Abaha agaciro ubuzima nk’uko Yehova abigira kandi bakaba bipfuza kwigumiza mu rukundo rwiwe, baririnda kandi ubukozi bw’ikibi bw’uburyo bwose. Muri Zaburi 11:5 hagira hati: “Uwo wese akunda ubukazi umutima [wa Yehova] uramwanka koko.” Ico canditswe ntigishaka kutwereka gusa ukuntu Imana imeze; kirimwo ingingo ngenderwako ituyobora mu buzima. Kiratuma abakunda Imana birinda uburyo bwose bwo kwinezereza buhayagiza ubukozi bw’ikibi. Amajambo avuga ko Yehova ari “Imana y’amahoro” na yo nyene aratuma abasavyi biwe buzuza imizirikanyi yabo be n’imitima yabo ibintu bikundwa, bibereye be n’ingeso nziza, bino bikaba biremesha amahoro.—Soma Abafilipi 4:8, 9.

 NUGUME WITANDUKANIJE N’AMASHIRAHAMWE YAGIRWA N’AMARASO

20-22. Ni impagararo iyihe abakirisu bahitamwo kugira ku bijanye n’isi, kandi kubera iki?

20 Mu nyonga z’Imana, isi yose ya Shetani yagirwa n’amaraso. Inzego z’ivya politike zo mw’isi, izo Bibiliya igereranya n’ibikoko vy’inkazi, zarishe abantu amamiliyoni adaharurwa, ushizemwo n’Ivyabona vya Yehova benshi. (Daniyeli 8:3, 4, 20-22; Ivyahishuwe 13:1, 2, 7, 8) Kubera ko abadandaza be n’abahinga basenyera ku mugozi umwe n’izo ntwaro zigereranywa n’ibikoko, barahinguye ibirwanisho ruhonyanganda kuruta ibindi vyose bibaho, bakaba babikuramwo inyungu z’umurengera. Emwe, nta woharira ko “isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha”!—1 Yohani 5:19.

21 Kubera ko abayoboke ba Yezu ‘atari ab’isi,’ ntibaja muri politike no mu ntambara. Ivyo bituma umwe wese ukwiwe canke uko bagize umugwi birinda kwagirwa n’amaraso. * (Yohani 15: 19; 17:16) Vyongeye, barigana Kristu mu kutagirira nabi abariko barabahama. Ahubwo barakunda abansi babo, mbere bakabasabira.—Matayo 5:44; Abaroma 12:17-21.

22 Ikiruta vyose, abakirisu b’ukuri baririnda kwifatanya na “Babiloni Akomeye,” ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma ikaba ari na yo yagirwa n’amaraso kuruta ibindi vyose. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Iwe ni ho habonetse amaraso y’abahanuzi n’ay’aberanda n’ay’abishwe kw’isi bose.” Rero duhabwa iyi mburizi igira iti: “Nimuve iwe, bantu banje.”—Ivyahishuwe 17:6; 18:2, 4, 24.

23. Kuva muri Babiloni Akomeye bisobanura iki?

23 Guheba Babiloni Akomeye ntibigarukira gusa ku gufutisha izina ryacu mu rutonde rw’abari muri yo. Birimwo no kwanka urunuka ibikorwa bibi idini ry’ikinyoma rirenzako uruho rw’amazi canke rishigikira izuba riva, nk’ubushegabo, kuja muri politike n’uguhahamira ubutunzi. (Soma Zaburi 97:10; Ivyahishuwe 18:7, 9, 11-17) Ese ukuntu ivyo bikorwa ari vyo bikunze gutuma amaraso aseseka!

24, 25. (a) Igihe umuntu yagirwa n’amaraso yigaye, Imana yishimikiza iki kugira imubabarire? (b) Ivyo bitwibutsa intunganyo iyihe yo mu bihe vya Bibiliya?

24 Imbere y’uko twiyegurira Imana maze tukabatizwa, umwe wese muri twebwe yarashigikiye isi ya Shetani mu buryo bumwe canke ubundi, bituma yagirwa n’amaraso ku rugero runaka. Ariko rero, kubera yuko twahinduye inyifato, tukizera inkuka y’incungu ya Kristu tukongera tukegurira Imana ubuzima bwacu, Imana yaratugiriye imbabazi kandi iradukingira ibintu vyokwonona ubucuti dufitaniye na yo. (Ivyakozwe 3:19) Ukwo gukingirwa kuratwibutsa vya bisagara vy’ubuhungiro vyo mu bihe vya Bibiliya.—Guharūra 35:11-15; Gusubira mu vyagezwe 21:1-9.

25 None iyo ntunganyo yakora gute? Bishitse Umwisirayeli akica uwundi atabishaka, yategerezwa guca ahungira muri kimwe mu bisagara vy’ubuhungiro. Abacamanza babishoboye bamaze kwihweza ico kibazo, uwo yaba yishe uwundi atabishaka yabwirizwa kuguma aba muri ico gisagara c’ubuhungiro gushika umuherezi mukuru apfuye. Ico gihe yarashobora kuba aho ashatse hose. Mbega akarorero keza kagaragaza imbabazi z’Imana be n’agaciro gakomeye iha ubuzima bw’abantu! Ivyo  bisagara vy’ubuhungiro birasa n’intunganyo Imana yashizeho ishingiye ku nkuka y’incungu ya Kristu, kugira ntiducirwe urwo gupfa bitumwe n’uko twarenze tutabishaka itegeko ry’Imana rijanye n’ubweranda bw’ubuzima n’amaraso. Woba uha agaciro iyo ntunganyo? Ivyo ushobora kuvyerekana gute? Uburyo bumwe wobigira ni mu gutumira abandi kugira bemere intunganyo yo gukingirwa Imana yashizeho, narirya ya “makuba akomeye” yegereje cane.—Matayo 24:21; 2 Abakorinto 6:1, 2.

NUHE AGACIRO UBUZIMA MU KWAMAMAZA UBUTUMWA BW’UBWAMI

26-28. Ni mu buryo ubuhe ivyacu vyifashe nk’uko ivy’umuhanuzi Ezekiyeli vyari vyifashe, kandi dushobora gute kwigumiza mu rukundo rw’Imana?

26 Uko ivy’abasavyi b’Imana vyifashe muri iki gihe biratwibutsa uko ibintu vyari vyifashe mu gihe c’umuhanuzi Ezekiyeli, uwo Yehova yashinze kuburira inzu ya Isirayeli. Imana yavuze iti: “Utegerezwa kwumva ijambo ryo mu kanwa kanje, uheze ubampere imburi.” Iyo Ezekiyeli afata minenegwe ico gikorwa yari yashinzwe, amaraso y’abapfuye igihe Yeruzalemu yishura ivyo yakoze yari kuja ku gatwe kiwe. (Ezekiyeli 33:7-9) Yamara Ezekiyeli yaragamburutse bituma atagirwa n’amaraso.

27 Muri iki gihe, twimirije iherezo ry’isi yose ya Shetani. Ku bw’ivyo, Ivyabona vya Yehova babona ko gutangaza “umusi w’ukwihora” w’Imana babijanishije n’ubutumwa bw’Ubwami ari ibanga kakaba n’agateka. (Yesaya 61:2; Matayo 24:14) Woba ugira uruhara bimwe bishitse muri co gikorwa gihambaye cane? Intumwa Paulo ntiyafashe minenegwe igikorwa co kwamamaza yashinzwe. Ni co gituma yashoboye kuvuga ati: “N[da]cuna ku maraso y’abantu bose, kuko ataho naretse kubabwira inama yose y’Imana.” (Ivyakozwe 20:26, 27) Mbega akarorero keza dukwiye kwigana!

28 Ariko ntiwumve, kugira twigumize mu rukundo rw’Umuvyeyi wacu Yehova, hari n’ibindi dutegerezwa gukora uretse kubona ubuzima n’amaraso nk’uko abibona. Turakeneye kandi kuguma tutanduye, ni ukuvuga turi beranda mu nyonga ziwe, nk’uko tuza kubibona mu kigabane gikurikira.

^ ing. 5 Ku bijanye n’ayo majambo Imana yavuze ngo “ubuzima bw’umubiri buri mu maraso,” ikinyamakuru kimwe (Scientific American) kivuga giti: “Ayo majambo ni ay’ukuri, naho umuntu yokwihoza insobanuro yayo y’ikigereranyo: agahimba ako ari ko kose mu tugize amaraso karakenewe kugira ubuzima bushoboke.”

^ ing. 12 Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruheshi 2004, ku rupapuro rwa 19-24, wasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

^ ing. 16 Abahinga mu vy’imvugo zikoreshwa muri Bibiliya bavuga yuko “bigaragara ko [amajambo y’igiheburayo] yo muri ico canditswe adashobora kuba yerekeza ku ngorane zashikiye uwo mugore wenyene.” Urabona kandi ko Bibiliya ata na hamwe ivuga ko Yehova yaca urubanza afatiye ku gihe iyo mbanyi yaba imaze.

^ ing. 21 Raba ikigabane ca 5 kivuga ngo “Ingene twoguma twitandukanije n’isi.”

^ ing. 70 Niba ukeneye ibindi vyiyumviro, raba amakuru y’inyongera “Uduhimba dutoduto tw’amaraso n’ubuhinga bukoreshwa mu kubaga”.

Raba n'ibindi

Igituma dutegerezwa kuba beranda

Vyoba bimaze gushika igitabu c’Abalewi kikakugora gutahura canke kikakurambira? Ibintu vy’agaciro biri mu gitabu c’Abalewi birashobora kugufasha kuba mweranda mu bijanye no gusenga.