Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

“Mwigumize mu rukundo rw’Imana”

 IKIGABANE CA 15

Nubone ivyiza biva mu gikorwa cawe

Nubone ivyiza biva mu gikorwa cawe

‘Umuntu wese nabone ivyiza biva mu gikorwa ciwe c’ubutame.’—UMUSIGUZI 3:13.

1, 2. Abantu benshi babona gute akazi bakora? (b) Bibiliya ituremesha kubona akazi gute?

ABANTU benshi muri iki gihe babona ko gukora ata gahimbare namba bibazanira. Gukora amasaha n’ayandi bari ku kazi batiyumvamwo bituma bumva barambiwe no kwama batonda ku kazi imisi yose. None ni igiki cofasha abantu mwene abo gukunda akazi no kukaronkeramwo umunezero?

2 Bibiliya iduhimiriza gukora cane. Ivuga ko igikorwa n’ivyiza bivamwo ari umuhezagiro. Salomo yanditse ati: ‘Umuntu wese akwiye kurya, akanywa, akabona iciza ku bw’igikorwa ciwe cose c’ubutame. Ni yo ngabirano y’Imana.’ (Umusiguzi 3:13) Yehova aradukunda kandi yama atwipfuriza ineza. Ashaka ko turonkera agahimbare mu gikorwa dukora kandi tukinovora ivyiza biva mu butame bwacu. Kugira twigumize mu rukundo rwiwe, turakeneye kubona akazi nk’uko akabona kandi tukisunga ingingo ngenderwako ziwe zijanye n’akazi.—Soma Umusiguzi 2:24; 5:18.

3. Ni ibibazo ibihe tugira twihweze muri iki kigabane?

3 Muri iki kigabane, tugira twihweze ibibazo bine bikurikira: Dushobora gute guhimbarwa n’akazi dukora? Ni ubuzi nyabaki abakirisu b’ukuri badakwiye gukora? Dushobora gute kubangikanya akazi ka misi yose n’imirimo ijanye n’ugusenga? Vyongeye, ni igikorwa ikihe gihambaye kuruta ibindi vyose dukwiye gukora? Ariko rero, reka tubanze twihweze  akarorero duhabwa n’abakozi babiri bahambaye kuruta abandi bose, ari bo Yehova Imana na Yezu Kristu.

WA MUKOZI RUHETA NA WA MUKOZI W’UMUHANGA

4, 5. Bibiliya yerekana gute ko Yehova ari umukozi akora bigashimwa?

4 Yehova ni we Mukozi ruheta. Mw’Itanguriro 1:1 havuga hati: “Mu ntango Imana yaremye amajuru n’isi.” Igihe Imana yasozera ibikorwa vyayo vy’irema vyo kw’isi, yavuze ko vyari “vyiza cane.” (Itanguriro 1:31) Mu yandi majambo, yarahimbawe cane n’ibikorwa vyiwe vyose vyo kw’isi. Nta gukeka ko Yehova “ya Mana ihimbawe” yagize umunezero mwinshi cane kubera ko ari umukozi akora bigashimwa.—1 Timoteyo 1:11.

5 Ya Mana yacu y’umwete ntiyigera ireka gukora. Inyuma y’igihe kirekire ibintu biboneka vyo kw’isi bimaze kuremwa, Yezu yaravuze ati: “Dawe yagumye akora gushika n’ubu.” (Yohani 5:17) None Se wiwe yagumye akora iki? Mw’ijuru aho avyagiye, nta gukeka ko yagumye akorana umwete mwinshi mu kuyobora abantu no mu kubitwararika. Yararemye “ikiremwa gishasha,” ni ukuvuga abakirisu bavyawe n’impwemu bazofadikanya na Yezu kuganza bari mw’ijuru. (2 Abakorinto 5:17) Yagumye akora kugira umugambi afitiye abantu uranguke, na wo ukaba ari uw’uko abantu bamukunda baronka ubuzima budahera mw’isi nshasha. (Abaroma 6:23) Yehova ategerezwa kuba ahimbarwa cane n’ibiva muri ico gikorwa. Abantu amamiliyoni barakiriye neza ubutumwa bw’Ubwami. Imana yarabakwegereye maze baragira ivyo bahinduye mu buzima kugira bagume mu rukundo rwayo.—Yohani 6:44.

6, 7. Ni igiki cerekena ko Yezu yamye akora atiziganya?

6 Kuva kera na rindi, Yezu yamye akora atiziganya. Imbere y’uko aba umuntu nkatwe, yari “umukozi w’umuhanga” w’Imana igihe ibintu vyose vyo “mw’ijuru no kw’isi” vyaremwa. (Imigani 8:22-31; Abakolosayi 1:15-17) Igihe Yezu yari ng’aha  kw’isi, yagumye akora atiziganya. Akiri muto, yarize umwuga wo kwubaka, bituma amenyekana ko ari “umubaji.” * (Mariko 6:3) Uwo mwuga wasaba inguvu nyinshi n’ubuhanga butandukanye, narirya muri ico gihe hatari bwaboneke inganda basaturiramwo imbaho, imangazini z’ibikoresho vyo kwubaka be n’ivyuma bikoreshwa n’umuyagankuba. Woba ushobora kwiha ishusho Yezu ubwiwe agiye kurondera ibiti vyo kwubaka, kumbure mbere ariko aricira ibiti yongera akirana n’ibigiga abijana aho ariko arakorera? Woba ushobora kwiha ishusho ariko arubaka amazu, ni ukuvuga ategura yongera amanika amatanga y’inzu, akora imiryango eka mbere abaza ibikoresho bimwebimwe vyo mu nzu? Nta gukeka ko Yezu ubwiwe yiboneye agahimbare kazanwa n’ugukora atiziganya abigiranye ubuhanga.

7 Yezu yakorana umwete udasanzwe mu busuku bwiwe. Yamaze imyaka itatu n’igice afatiriwe cane n’ico gikorwa gihambaye rwose. Kubera ko yipfuza gushikira abantu benshi bashoboka, ntiyatakaza umwanya. Yavyuka hakiri kare maze agakora gushika ijoro ryitereye. (Luka 21:37, 38; Yohani 3:2) Yaragira ingendo “ava mu gisagara aja mu kindi, ava mu kigwati aja mu kindi, yamamaza yongera amenyesha inkuru nziza y’ubwami bw’Imana.” (Luka 8:1) Yezu yaragenze ibilometero amajana, akagenda n’amaguru mu mabarabara y’ivu, ashiriye abantu ubutumwa bwerekeye inkuru nziza.

8, 9. Yezu yiboneye gute ivyiza biva mu gikorwa ciwe?

8 Yezu yoba yarabonye ivyiza biva mu gikorwa kitoroshe yaranguye? Egome! Yarabivye imbuto z’ukuri kwerekeye Ubwami, maze asiga imirima yeze igeze kwimburwa. Gukora igikorwa c’Imana vyarakomeza cane Yezu ku buryo yemera guheba n’ibifungurwa kugira akirangure. (Yohani 4:31-38) Zirikana ku gahimbare ategerezwa kuba yaragize ariko  arasozera igikorwa ciwe co kw’isi igihe yabwira Se wiwe ati: “Narakuninahaje kw’isi, nkaba ndangije igikorwa wampaye ngo nkore.”—Yohani 17:4.

9 Ata gukeka, Yehova na Yezu ni bo burorero ntangere bw’abahimbarwa n’igikorwa cabo. Urukundo dukunda Yehova ruratuvyurira umutima wo ‘kumwigana.’ (Abanyefeso 5:1) Urukundo dukunda Yezu na rwo ruratugobera ‘gukurikira neza intambuko ziwe.’ (1 Petero 2:21) Reka ubu na ho twihweze ingene na twebwe dushobora guhimbarwa n’igikorwa dukora.

INGENE TWOHIMBARWA N’IGIKORWA CACU

Gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya biragufasha kuronkera umunezero mu gikorwa cawe

10, 11. Ni igiki codufasha kubona akazi mu buryo bwiza?

10 Akazi karafise ikibanza mu buzima bw’abakirisu b’ukuri. Turipfuza kuronkera agahimbare mu kazi dukora no kubumbwa ku rugero runaka n’ibikavamwo, ariko ivyo birashobora kuba urugamba rukomeye mu gihe twoba dukora akazi tutiyumvamwo. None bishoboka gute ko duhimbarwa n’igikorwa dukora ibintu vyifashe ukwo?

11 Mu kubona ibintu mu buryo bwiza. Ntivyama bishoboka ko duhindura uko ivyacu vyifashe, ariko turashobora guhindura ingene tubona ibintu. Kuzirikana ku kuntu Imana ibona ibintu birashobora kudufasha kubona akazi mu buryo bwiza. Nk’akarorero, niba uri serugo, niwibuke ko akazi ukora gatuma uronsa umuryango wawe ivyankenerwa, naho koba gasa n’akagayitse. Ku bw’ivyo, kwitwararika abawe si ikintu ata co kivuze mu nyonga z’Imana. Ijambo ryayo rivuga ko uwutaronkeje umuryango wiwe ivyo ukenera “aba abaye mubi kurusha uwutagira ukwizera.” (1 Timoteyo 5:8) Kumenya yuko akazi ukora kagufasha gushitsa ibanga Imana yakujeje birashobora gutuma kaguhimbara kandi bikaguha ingoga abo mukorana badafise.

12. Kubera iki ari vyiza kuba abanyamwete n’imvugakuri mu kazi?

12 Mu kuba abanyamwete n’imvugakuri. Igihe dukora tugatama kandi tukiga ingene tworushiriza gukora neza akazi kacu  birashobora kuturonsa ivyiza. Abakozi b’abanyamwete kandi bakorana ubuhanga usanga bashimwa cane n’abakoresha babo. (Imigani 12:24; 22:29) Abakirisu b’ukuri kandi turirinda kwiba umukoresha wacu amahera, ibikoresho canke umwanya. (Abanyefeso 4:28) Nk’uko twabibonye mu kigabane c’imbere y’iki, kuba imvugakuri birazana impera. Umukozi azwi ko ari imvugakuri arashobora kwizigirwa. Vyongeye, naho umukoresha wacu atomenya ko turi intangakarorero mu gukora cane, twebwe turashobora guhimbarwa n’uko dufise “ijwi ryo mu mutima rigororotse” be n’uko turiko turahimbara ya Mana dukunda.—Abaheburayo 13:18; Abakolosayi 3:22-24.

13. Ni ivyiza ibihe vyoshobora kuva ku karorero keza dutanga ku kazi?

 13 Mu kwibuka ko inyifato yacu ishobora kuninahaza Imana. Igihe twifata rukirisu ku kazi, abandi ntibabura kubibona. Ivyo none bivamwo iki? Vyoshobora gutuma “[dushariza] inyigisho y’Umukiza wacu, Imana.” (Tito 2:9, 10) Mu vy’ukuri, inyifato nziza tugira irashobora gutuma abandi bashima ugusenga kwacu, bigatuma barushiriza kugukunda. Iyumvire umunezero wogira hamwe uwo mukorana yokwakira neza ukuri kubera akarorero keza utanga ku kazi! N’igihambaye kuruta vyose, zirikana kuri iki kibazo: Hari iyindi mpera yoza iruta kumenya ko inyifato yawe nziza ininahaza Yehova kandi igatuma umutima wiwe unezerwa?—Soma Imigani 27:11; 1 Petero 2:12.

NUKORESHE UGUTAHURA IGIHE UHITAMWO AKAZI

14. Ni igiki codufasha igihe duhitamwo akazi?

14 Bibiliya ntitanga urutonde rw’ubuzi twokora n’ubwo tutokora. Ivyo ntibisobanura yuko dushobora gupfa kwemera akazi ako ari ko kose tutabanje kuraba ico kadusaba. Ivyanditswe birashobora kudufasha guhitamwo akazi kabereye kandi gahimbara Imana, maze tukirinda akazi katayihimbara. (Imigani 2:6) Igihe duhitamwo akazi twokora, hariho ibibazo nyamukuru bibiri dukwiye kurimbura.

15, 16. Igihe dufata ingingo zijanye n’akazi, ni ibibazo bihambaye ibihe twokwibaza?

15 Ako kazi koba kiyamirizwa na Bibiliya? Ijambo ry’Imana ririyamiriza ata guca ku ruhande ukwiba, ukubesha n’ugusenga ibigirwamana. (Kuvayo 20:4; Ivyakozwe 15:29; Abanyefeso 4:28; Ivyahishuwe 21:8) Turakwiye kwamirira kure akazi ako ari ko kose kodusaba gukora mwene ivyo bintu. Kubera yuko dukunda Yehova, ntitwokwemera gukora akazi gatuma turenga ku mategeko yiwe.—Soma 1 Yohani 5:3.

16 Gukora ako kazi vyoba bituma nshigikira canke ndemesha abandi gukora ibintu biteye kubiri n’Ivyanditswe? Reka dufate akarorero: Gukora akazi ko kwubaka ubwavyo si  bibi. Ariko tuvuge iki mu gihe umukirisu ahawe akazi ko kwubaka urusengero? Ego ni ko, ako kazi ntikomusaba gushigikira neza na neza ugusenga kw’ikinyoma. Yamara none, ubwo kwubaka urwo rusengero ntivyoba bifasha gukwiragiza inyigisho ziteye kubiri n’Ijambo ry’Imana? (Ivyahishuwe 18:4) Kubera yuko dukunda Yehova, ntidushaka gukora akazi na kamwe gafitaniye isano rya hafi n’ibintu Ivyanditswe vyiyamiriza.

17. (a) Ni ibiki dushobora kurimbura twitonze igihe duhitamwo akazi twokora? (Raba uruzitiro “ Noba nkwiye kwemera kano kazi?”) (b) Ni ryari ijwi ryacu ryo mu mutima rizodufasha gufata ingingo zihimbara Imana?

 17 Ibibazo vyinshi vyerekeye akazi turashobora kubironkera inyishu mu gusuzuma twitonze inyishu z’ivyo bibazo bibiri nyamukuru vyabajijwe mu ngingo ya 15 n’iya 16. Vyongeye, hariho ibindi bintu bimwebimwe vyoba vyiza turimbuye twitonze igihe duhitamwo akazi. * Ntitwokwitega ko umushumba w’umwizigirwa ashinga amategeko twokwisunga ku kantu ako ari ko kose koshobora gushika. Aho ni ho biba bikenewe ko dukoresha ugutahura. Nk’uko twavyize  mu kigabane ca 2, turakeneye kumenyereza ijwi ryacu ryo mu mutima mu kwiga ukuntu twoshira mu ngiro Ijambo ry’Imana mu buzima bwa misi yose. “Ububasha bwa[cu] bwo gutegera” nitwabumenyereza “biciye ku gukoreshwa,” ijwi ryacu ryo mu mutima rizodufasha gufata ingingo zihimbara Imana kandi zituma twigumiza mu rukundo rwayo.—Abaheburayo 5:14.

NUBONE AKAZI MU BURYO BUBEREYE

18. Ni kubera iki bitoroshe kwama dufata ingingo zihimbara Imana?

18 Ntivyoroshe kwama dufata ingingo zihimbara Imana muri iyi “misi ya nyuma” irangwamwo “ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” (2 Timoteyo 3:1) Kuronka akazi no kukagumamwo bishobora kuba ari urugamba rukomeye. Abakirisu b’ukuri barazi ko bihambaye gukora cane kugira baronse imiryango yabo ivyo ikenera. Ariko hamwe tutokwiyubara, imyitwarariko yo ku kazi canke agatima k’ino si ko guhahamira amaronko birashobora kunigira mu menshi imirimo ijanye n’ugusenga. (1 Timoteyo 6:9, 10) Reka twihweze ivyodufasha kubona ibintu mu buryo bubereye. Kugira ngo ivyo tubishikeko, bisaba ko tumenya “ibihambaye kuruta ivyo ari vyo.”—Abafilipi 1:10.

19. Kubera iki Yehova abereye ko tumwizigira duherejeko, kandi ivyo bidufasha kwirinda iki?

19 Niwizigire Yehova uherejeko. (Soma Imigani 3:5, 6.) None ivyo ntibibereye? Nkako, aratubabara. (1 Petero 5:7) Arazi neza ivyo dukeneye kuruta uko tubizi, kandi ukuboko kwiye ntikwigera kuba kugufi. (Zaburi 37:25) Ku bw’ivyo, biraba vyiza twumviye Ijambo ryiwe igihe ritwibutsa riti: “Uburyo bwanyu bwo kubaho ntibubemwo urukundo rw’amahera, mu gihe mubumbwa n’ibintu vy’iki gihe. Kuko [Imana] yavuze iti: ‘Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye.’” (Abaheburayo 13:5) Abasavyi b’Imana bari mu murimo w’igihe cose barashobora kwemeza yuko Imana ishoboye kuturonsa ibintu vyankenerwa mu buzima. Nimba twizigiye tudakeka yuko Yehova atwitwararika, tuzokwirinda kwiganyira  birenze urugero ku bijanye n’ukuronsa umuryango wacu ivyo ukenera. (Matayo 6:25-32) Ntituzoreka ngo akazi gatume dufata minenegwe imirimo ijanye n’ugusenga, nk’ukwamamaza inkuru nziza n’ukwitaba amakoraniro.—Matayo 24:14; Abaheburayo 10:24, 25.

20. Bisobanura iki kuguma ufise ijisho riremuruye, kandi ushobora gute kuguma ubona ibintu muri ubwo buryo?

 20 Nugume ufise ijisho riremuruye. (Soma Matayo 6:22, 23.) Kugira ijisho riremuruye bisobanura kuguma tworoheje ubuzima bwacu. Umukirisu afise ijisho riremuruye yitunira ku mugambi umwe utarenga nturenguke, uwo na wo ukaba ari ugukora ivyo Imana igomba. Niba ijisho ryacu ryituniye ku kintu kibereye, ntituzotwarwa n’ivyo kwiruka inyuma y’akazi k’umushahara munini cane be n’ubuzima buhanitse. Ntituzogwa mu mutego wo kwama turondera ibintu vy’umubiri bigezweho kandi vyizavyiza abahaya ibidandazwa bagerageza kutujijura yuko dukeneye kugira duhimbarwe. Ushobora gute none kuguma ufise ijisho riremuruye? Niwirinde kwiremereza amadeni adakenewe. Niwirinde gutunga ibintu vyinshi vyogusaba umwanya munini n’uburyo bwinshi bwo kubibungabunga. Niwumvire impanuro Bibiliya itanga idusaba kubumbwa n’“ivyo kurya n’ivyo kwambara.” (1 Timoteyo 6:8) Nurondere kworosha ubuzima bwawe uko bishoboka kwose.

21. Ni kubera iki dukeneye gushinga ibiza imbere y’ibindi, kandi ni ibiki bikwiye kuza imbere y’ibindi mu buzima bwacu?

21 Nushire ivy’Imana imbere, kandi ugume uvyumiyeko. Kubera ko dufise vyinshi ducurumbamwo, turakeneye gushinga ibiza imbere y’ibindi. Tutabigize gutyo, twohava dusanga ibintu bidahambaye cane bidutwaye umwanya twari gukoresha mu kwitwararika ibintu bihambaye. Ni ibiki bikwiye kuza imbere y’ibindi mu buzima bwacu? Abantu benshi bo mw’isi usanga bashira imbere ukwiga amashure ahanitse kugira baze baronke akazi k’amahera menshi. Ariko rero, Yezu yahimirije abayoboke biwe ‘kuguma babanza kurondera ubwami.’ (Matayo 6:33) Emwe, twebwe abakirisu b’ukuri dushira imbere Ubwami bw’Imana mu buzima bwacu. Uburyo tubayeho, ni ukuvuga amahitamwo tugira, imigambi twishingira be n’imirimo turangura, bukwiye kugaragaza ko ivy’Ubwami be n’ivyo Imana igomba ari vyo tubona ko bihambaye kuruta ibintu vy’umubiri.

 TWAMAMAZE TUTIZIGANYA

Turashobora kwereka Yehova ko tumukunda mu gushira imbere igikorwa co kwamamaza

22, 23. (a) Ni igikorwa nyamukuru ikihe abakirisu b’ukuri bakora, kandi twokwerekana gute ko gihambaye kuri twebwe? (Raba uruzitiro “ Ingingo nafashe yatumye ndonka umunezero mwinshi.”) (b) Wiyemeje iki ku bijanye n’akazi ka misi yose?

22 Kuba tuzi yuko twegereje cane umuhero, bituma tuguma twituniye kuri ca gikorwa nyamukuru abakirisu b’ukuri barangura, na co kikaba ari ukwamamaza no guhindura abantu abigishwa. (Matayo 24:14; 28:19, 20) Nka kumwe kwa Yezu we Karorero kacu, twipfuza gufatirwa cane n’ico gikorwa kirokora ubuzima. Twokwerekana gute ko ico gikorwa gihambaye kuri twebwe? Abasavyi b’Imana benshi cane barihebera ico gikorwa co kwamamaza n’umutima wabo wose bakakirangura ari abamamaji mw’ishengero. Hari abo usanga baratunganije ivyabo kugira babe abatsimvyi canke abamisiyonari. Kubera ko abavyeyi benshi bazi akamaro ko kwishingira imigambi ijanye no gukorera Imana, bararemesheje abana babo kuja mu murimo w’igihe cose. Abamamaji b’Ubwami b’abanyamwete boba bahimbarwa n’igikorwa kitoroshe barangurira Imana? Ego cane! Gukorera Yehova n’umutima wacu wose ni bwo buryo bwiza bwo kwironkera umunezero, ugushira akanyota n’imihezagiro idaharurwa.—Soma Imigani 10:22.

23 Abenshi muri twebwe usanga dutegerezwa kumara amasaha menshi turiko dukora akazi kugira turonse umuryango wacu ivyo ukenera. Uribuka ko Yehova ashaka yuko duhimbarwa n’igikorwa kitoroshe dukora. Igihe agatima tugaragaza be n’ivyo dukora bihuje n’ukuntu abona ibintu be n’ingingo ngenderwako ziwe, turashobora kuronkera agahimbare mu gikorwa dukora. Ariko rero, nimuze twiyemeze kutigera tureka ngo akazi ka misi yose katubuze gukora ca gikorwa nyamukuru twashinzwe co gutangaza inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana. Nitwashira imbere ico gikorwa mu buzima bwacu, tuzoba tweretse Yehova ko tumukunda kandi tuzoguma mu rukundo rwiwe.

^ ing. 6 Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “umubaji” bivugwa ko “ryerekeza muri rusangi ku muntu akoresha ibiti, haba mu kwubaka amazu, mu guhingura ibikoresho vyo mu nzu canke ibindi bintu bikozwe mu biti.”

^ ing. 17 Niba wipfuza amakuru yiyongereye ajanye n’ivyo worimbura igihe uhitamwo akazi, raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Ndamukiza 1999, urupapuro rwa 28-30.

Raba n'ibindi

Ingene wororanirwa vy’ukuri

Ibintu bitanu bishobora gutuma uroranirwa vy’ukuri.