Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

“Mwigumize mu rukundo rw’Imana”

 IKIGABANE CA 5

Ingene twoguma twitandukanije n’isi

Ingene twoguma twitandukanije n’isi

‘Ntimuri ab’isi.’—YOHANI 15:19.

1. Ni igiki Yezu yashimitseko mw’ijoro rya nyuma yamaze kw’isi?

MW’IJORO rya nyuma Yezu yamaze kw’isi, yarerekanye ko yitwararika cane ko abayoboke biwe bomererwa neza. Yaranasenze ku bw’ico kintu mu kubwira Se wiwe ati: “Singusaba ngo ubakure mw’isi, ahubwo ngo ubarinde kubera wa mubisha. Si ab’isi, nk’uko nanje ntari uw’isi.” (Yohani 17:15, 16) Iryo sengesho rirerekana ko Yezu yakunda cane abayoboke biwe be n’uko amajambo yari yabwiye bamwe muri bo muri iryo joro ngo ‘ntimuri ab’isi,’ yari ahambaye. (Yohani 15:19) Emwe, Yezu yaripfuza cane ko abayoboke biwe baguma bitandukanije n’isi!

2. “Isi” Yezu yashaka kuvuga yari iyihe?

2 “Isi” Yezu yavuze yerekeza ku bantu bose bari kure y’Imana batwarwa na Shetani kandi babaye abaja b’agatima kiwe k’ubwikunzi n’ubwibone. (Yohani 14:30; Abanyefeso 2:2; 1 Yohani 5:19) Nkako, ‘kugiranira ubugenzi n’iyo si ni ukwankana n’Imana.’ (Yakobo 4:4) Ariko none, ni gute abantu bose bashaka kuguma mu rukundo rw’Imana bashobora kuba mw’isi mugabo bakaguma bitandukanije na yo? Tugira twihweze uburyo butanu twobishikako: (1) kuguma turi intahemuka ku Bwami bw’Imana butwarwa na Kristu no kutaja muri politike, (2) kunanira impwemu y’isi, (3) kwambara no kwitunganya rupfasoni, (4) kuguma tworoheje ubuzima, (5) kwambara umwambaro wacu w’ibirwanisho biva ku Mana.

 KUGUMA TURI INTAHEMUKA NO KUTAJA MURI POLITIKE

3. (a) Ni kubera iki Yezu ataja muri politike? (b) Kubera iki twovuga ko abayoboke ba Yezu barobanuwe baserukira Ubwami? (Raba n’akajambo k’epfo.)

3 Aho kuja muri politike yo mu gihe ciwe, Yezu yihebeye igikorwa co kwamamaza Ubwami bw’Imana, ya ntwaro yo mw’ijuru yohavuye aganza. (Daniyeli 7:13, 14; Luka 4:43; 17:20, 21) Ni co gituma Yezu yabwiye buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.” (Yohani 18:36) Abigishwa biwe b’abizigirwa barigana akarorero kiwe. Baguma ari intahemuka kuri Kristu no ku Bwami bwiwe bakongera bakabwamamaza mw’isi. (Matayo 24:14) Intumwa Paulo yanditse ati: “Turi rero abaserukira Kristu. . . . Mu kibanza ca Kristu, turabinginga duti: ‘Nimusubize hamwe n’Imana.’” *2 Abakorinto 5:20.

4. Abakirisu bose b’ukuri bagaragaje gute ko ari intahemuka ku Bwami bw’Imana? (Raba uruzitiro “ Abakirisu bo mu ntango ntibaja muri politike.”)

4 Abaserukira ibihugu vyabo mu makungu ntibisuka mu bintu vyega ibihugu bakoreramwo; ntibivanga muri politike. Ico bakora ni ukuvugira leta y’igihugu baserukira. Ukwo ni ko bimeze no ku bayoboke barobanuwe ba Kristu, abo “ubwenegihugu bwa[bo] buri mw’ijuru.” (Abafilipi 3:20) Nkako, kubera ko bamamaza Ubwami n’umwete, barafashije abantu amamiliyoni bo mu “zindi ntama” za Kristu ‘gusubiza hamwe n’Imana.’ (Yohani 10:16; Matayo 25:31-40) Abo bantu na bo barashigikira abavukanyi ba Kristu barobanuwe. Kubera ko abari muri iyo migwi yompi bagize ubusho bwunze ubumwe buburanira Ubwami burongowe na Mesiya, baririnda cane kuja muri politike.—Soma Yesaya 2:2-4.

5. Abakirisu muri iki gihe batandukaniye he n’Abisirayeli ba kera, kandi iryo tandukaniro ryigaragaza gute?

 5 Kuba intahemuka kuri Kristu si vyo vyonyene bituma abakirisu b’ukuri bataja muri politike. Abisirayeli baba mu gihugu kimwe bari barahawe n’Imana, ariko tweho tugize  umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose. (Matayo 28:19; 1 Petero 2:9) Ku bw’ivyo, hamwe twoja mu migambwe y’aho tubaye, vyotugora kuvugira Ubwami bw’Imana kandi ubumwe bwacu bwobangamirwa bimwe bikomeye. (1 Abakorinto 1:10) N’ikigeretseko, mu gihe c’intambara twosanga turiko turwanya abo dusangiye ukwizera kandi tubwirizwa kubakunda. (Yohani 13:34, 35; 1 Yohani 3:10-12) Ntibitangaje rero kubona Yezu yasavye abigishwa biwe gusubiza inkota mu rwubati. Yarabasavye mbere no gukunda abansi babo.—Matayo 5:44; 26:52; raba uruzitiro ruvuga ngo “ Noba nirinda kuja muri politike?”.

6. Kuba twariyeguriye Imana bigira ico bikoze gute ku vyo dukorera Sezari?

6 Twebwe abakirisu b’ukuri twiyeguriye Imana, ntitwiyeguriye umuntu, ishirahamwe ry’abantu canke igihugu na kimwe. Mu 1 Abakorinto 6:19, 20 havuga hati: “Ntimwigaba kuko mwaguzwe ikiguzi.” Ku bw’ivyo, naho abayoboke ba Yezu baha “Sezari” ivyiwe mu kumutera iteka, mu kuriha amakori no mu kugamburuka igihe bibereye, baraha ‘Imana ivy’Imana.’ (Mariko 12:17; Abaroma 13:1-7) Ivyo birimwo kuyisenga, kuyikunda n’umutima wabo wose no kuyigamburukira badahemuka. Bibaye ngombwa, baremera no gupfa hako bahemukira Imana.—Luka 4:8; 10:27; soma Ivyakozwe 5:29; Abaroma 14:8.

KUNANIRA “IMPWEMU Y’ISI”

7, 8. “Impwemu y’isi” ni iki, kandi “ikorera” gute mu bantu bagambarara?

7 Ubundi buryo abakirisu baguma bitandukanije n’isi, ni mu kunanira impwemu yayo mbi. Paulo yanditse ati: “Ntitwaronse impwemu y’isi, ahubwo twaronse impwemu iva ku Mana.” (1 Abakorinto 2:12) Abanyefeso na bo yababwiye ati: “Kera mwisunga ibintu vy’iyi si, mwisunga umutware w’ububasha bw’ikirere, ya mpwemu ubu ikorera mu bana b’ubugambarazi.”—Abanyefeso 2:2, 3.

 8 Ico “kirere” c’isi, ari yo mpwemu yayo, ni inguvu itaboneka ituma abantu bagambararira Imana ikongera igakabura “icipfuzo c’umubiri n’icipfuzo c’amaso.” (1 Yohani 2:16; 1 Timoteyo 6:9, 10) “Ubukuru” bw’iyo mpwemu buhagaze ku kuba ikwegēra umubiri munyacaha, kuba idashoka yibonekeza, kuba idatezura kandi ikaba ikwiye hose nka kurya kw’umuyaga. Vyongeye, iyo mpwemu “ikorera” mu bantu bagambarara mu kubatsimbatazamwo ingeso zidahimbara Imana, nk’ubwikunzi, ubwibone, umwina, agatima k’ukwigenga n’ubugarariji. * Muri make, impwemu y’isi igenda iratsimbataza mu bantu ingeso za Shetani.—Yohani 8:44; Ivyakozwe 13:10; 1 Yohani 3:8, 10.

9. Impwemu y’isi ishobora gute kwinjira mu mutima wacu?

9 None iyo mpwemu y’isi yoba ishobora gushinga imizi mu mutima wawe? Egome, ariko ivyo bishoboka gusa igihe uyihaye akaryo. (Soma Imigani 4:23.) Akosho kayo akenshi gatangura mu buryo bwihishije, kumbure biciye ku bagenzi basa n’abameze neza ariko badakunda Yehova. (Imigani 13:20; 1 Abakorinto 15:33) Iyo mpwemu mbi irashobora kandi kukwandukira biciye ku bitabu bitabereye, imihora ya internet yerekana ibiterasoni canke iy’abahuni, ukwinezereza kutabereye be n’inkino zirimwo uguhiganwa kurenze urugero, muri make, biciye ku muntu canke ikintu ico ari co cose kiremesha agatima ka Shetani canke k’isi yiwe.

10. Dushobora gute kunanira impwemu y’isi?

10 None twonanira gute iyo mpwemu y’isi iteye akaga maze tukigumiza mu rukundo rw’Imana? Ni mu kwungukira bimwe bishitse ku ntunganyo Yehova yashizeho no mu gushishikara gusenga dusaba impwemu nyeranda. Yehova araruta kure n’iyo Shetani n’iyi si mbi arongoye. (1 Yohani 4:4) Ese ingene rero bihambaye ko tuguma twiyegereje Yehova mw’isengesho!

 KWAMBARA NO KWITUNGANYA RUPFASONI

11. Impwemu y’isi yagize ingaruka izihe ku nyambaro?

11 Ukuntu umuntu yambara, yitunganya kandi yisukura ni co kintu dushobora kubona n’amaso kigaragaza impwemu imwosha iyo ari yo. Mu bihugu vyinshi, ibijanye n’inyambaro vyaratitutse cane ku buryo umugabo umwe ashikiriza ibiganiro kuri televiziyo yavuze ko vuba abamaraya batazoba bakironka impuzu zibatandukanya n’abandi.  Ikinyamakuru kimwe cavuze ko mbere n’udukobwa tukiri duto twamaze kwandukirwa n’impararo y’uguhakwa kugenda amenya. Ikindi kintu giharawe ni ugupfa uko wambaye, ivyo na vyo bikaba bigaragaza agatima k’ubugarariji, uguta ubuntu be n’ukutisonera.

12, 13. Ni ingingo ngenderwako izihe zikwiye kugenga uburyo twambara be n’uburyo twitunganya?

12 Abasavyi ba Yehova barihatira kuboneka neza, ivyo bikaba bisobanura ko bambara impuzu zibereye, zisukuye, zidatera ubuyega kandi zijanye n’ico bariko barakora. Igihe cose, ukuntu tuboneka gukwiye kugaragaza ‘urupfasoni n’ukurorana kw’umuzirikanyi.’ Igihe ivyo bifatanije n’“ibikorwa vyiza,” usanga bibereye abantu bose “bavuga ko batinya Imana,” baba abagabo canke abagore. Ariko ntiwumve, ikintu nyamukuru twitwararika si ukwiyerekana, ahubwo turondera ‘kwigumiza mu rukundo rw’Imana.’ (1 Timoteyo 2:9, 10; Yuda 21) Emwe, dushaka yuko ugushaza kwacu kuruta ukundi kwose kuba “wa muntu yihishije wo mu mutima . . . , ari wo w’agaciro kanini mu maso y’Imana.”—1 Petero 3:3, 4.

13 Turakwiye kandi kwibuka ko imideri y’inyambaro n’ukwitunganya ishobora kugira ico ikoze ku kuntu abandi babona ugusenga kw’ukuri. Igihe ijambo ry’ikigiriki rihindurwa ngo “urupfasoni” rikoreshejwe mu bijanye n’inyifato runtu, riserura iciyumviro c’ukwubaha n’ukwubahiriza ukuntu abandi biyumva canke ivyiyumviro vyabo. Ku bw’ivyo, dukwiye kubona ko ijwi ryo mu mutima ry’abandi rihambaye kuruta ivyo twiyumvira ko dufitiye uburenganzira. Ikiruta vyose, dushaka gutera iteka Yehova n’abasavyi biwe be no kwishimagiza nk’abasuku b’Imana mu gukora “vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana.”—1 Abakorinto 4:9; 10:31; 2 Abakorinto 6:3, 4; 7:1.

Ukuntu mboneka kwoba gutera iteka Yehova?

14. Ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza ku bijanye n’ukuntu tuboneka be n’ukuntu tugira isuku?

14 Inyambaro yacu, ukuntu twitunganya be n’ukuntu  tugira isuku biranarushiriza kuba ibihambaye igihe turiko turamamaza canke turi ku makoraniro. Niwibaze uti: ‘Ukuntu mboneka be n’ukuntu ngira isuku vyoba bituma mbonwa ko niyerekana birenze urugero? Vyoba bitera ubuyega abandi? Noba mbona ko ivyo mfitiye uburenganzira muri iyo mice bihambaye kuruta kuba uwubereye guterwa uduteka tw’umurimo mw’ishengero?’—Abafilipi 4:5; 1 Petero 5:6.

15. Ni kubera iki Ijambo ry’Imana ritadushingira urutonde rw’amategeko ajanye n’inyambaro, ukwitunganya be n’isuku?

15 Bibiliya ntishingira abakirisu urutonde rw’amategeko ajanye n’inyambaro, ukwitunganya be n’isuku. Yehova ntiyipfuza kutubuza umwidegemvyo dufise wo kwihitiramwo canke ngo atubuze gukoresha ubwenge bwacu. Ahubwo riho, ashaka ko tuba abantu bahumuye bazi kuzirikana ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya, abo “ububasha bwabo bwo gutegera bumenyerezwa gutandukanya iciza n’ikibi, biciye ku gukoreshwa.” (Abaheburayo 5:14) Ikiruta vyose, ashaka ko tuyoborwa n’urukundo dukunda Imana na bagenzi bacu. (Soma Mariko 12:30, 31.) Naho biri ukwo, turashobora kwambara no kwitunganya mu buryo butandukanye cane. Ivyo umuntu arashobora kubibonera mu masinzi y’abasavyi ba Yehova, abo usanga bambaye impuzu zibereye ijisho zitandukanye kandi banezerewe aho baba bakoraniye hose kw’isi.

 KUGUMA TWOROHEJE UBUZIMA

16. Impwemu y’isi itandukaniye he n’inyigisho za Yezu, kandi ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza?

16 Impwemu y’isi irahenda abantu amamiliyoni ikongera ikabosha ngo baronderere agahimbare mu mahera no mu bintu vy’umubiri. Yamara rero, Yezu yavuze ati: “No mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze.” (Luka 12:15) Naho Yezu atashigikiye ivy’uko umuntu abaho yibabaza, yigishije yuko “abazi ko bakeneye ivy’impwemu” be n’abaguma baroheje ubuzima bakaguma bitwararika ubucuti bafitaniye n’Imana, ari bo baronka ubuzima n’ubuhirwe nyakuri. (Matayo 5:3; 6:22) Niwibaze rero uti: ‘Noba vy’ukuri nemera ivyo Yezu yigishije, canke noba ndiko ndoshwa n’umwe “se w’ikinyoma”? (Yohani 8:44) Ivyo mvuga, imigambi mfise, ivyo nshira imbere y’ibindi  be n’ukuntu mbayeho vyoba bihishura iki?’—Luka 6:45; 21:34-36; 2 Yohani 6.

17. Nuvuge ivyiza bimwebimwe abaguma baroheje ubuzima bironkera.

17 Yezu yavuze ati: “Ubukerebutsi bwerekanwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabwo.” (Matayo 11:19) Rimbura gatoyi ivyiza bimwebimwe abaguma baroheje ubuzima bironkera. Bararonkera ukuruhurirwa nyakuri mu murimo w’Ubwami barangura. (Matayo 11:29, 30) Baririnda kwiganyira bidakenewe, gutyo bakaba bikingiye ibintu vyinshi bishusha umutwe kandi bivuna umutima. (Soma 1 Timoteyo 6:9, 10.) Kubera ko babumbwa n’ukuba bafise ivyankenerwa mu buzima, baramarana umwanya wiyongereye n’abagize umuryango wabo be n’abakirisu bagenzi babo. Ivyo bituma biryamira bagasinzira. (Umusiguzi 5:12) Baratanga mu buryo bwose bashoboye, bigatuma bagira agahimbare kenshi. (Ivyakozwe 20:35) Vyongeye, ‘baragwira mu cizigiro’ kandi bakagira amahoro yo mu mutima n’umunezero. (Abaroma 15:13; Matayo 6:31, 32) Emwe, iyo mihezagiro ni iy’agaciro koko!

KWAKIRA “UMWAMBARO UKWIYE W’IBIRWANISHO”

18. Bibiliya idondora gute umwansi wacu, uburyo butandukanye akoresha be n’ubwoko bw’intambara turwana?

18 N’ikindi kandi, abigumiza mu rukundo rw’Imana barakingirwa Shetani mu buryo bw’impwemu, uno akaba adashaka gusa kubuza abakirisu kwironkera agahimbare ubu, ariko kandi akaba ashaka kubabuza kuzokwironkera ubuzima budahera. (1 Petero 5:8) Paulo yavuze ati: “Dufise intambara yo kunigana, atari ukunigana n’abantu b’amaraso n’inyama, ahubwo tunigana n’intwaro, n’ubukuru, n’abatware b’iyi si y’umwiza, n’ibinyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha mu bibanza vyo mw’ijuru.” (Abanyefeso 6:12) Imvugo ngo “intambara yo kunigana” yerekana ko ari intambara y’ukunyinyana dufatanye. Ikigeretseko, imvugo ngo “intwaro,” “ubukuru” be n’“abatware b’iyi si” zerekana ko  ibitero vy’amadayimoni biba vyatunganijwe neza kandi bikagirwa ku giharuro.

19. Dondora umwambaro w’ibirwanisho biva ku Mana umukirisu akwiye kuba afise.

19 Ariko rero, naho turi abantu bafise ubugoyagoye kandi turi n’aho tugeza, turashobora gutsinda iyo ntambara. Uti gute? Mu kwakira “umwambaro ukwiye w’ibirwanisho biva ku Mana.” (Abanyefeso 6:13) Mu kudondora uwo mwambaro, mu Banyefeso 6:14-18 hagira hati: “Muhagarare mushikamye rero, mukenyeje ukuri mu mafyinga, mwambaye ubugororotsi nk’igikingirizo c’igikiriza, ibirenge vyanyu na vyo vyambaye inkuru nziza y’amahoro nk’inkweto. Hejuru ya vyose, mutore inkinzo yagutse y’ukwizera, ari yo izobashoboza kuzimya imyampi yose yaka umuriro ya wa mubisha. Vyongeye, mwakire inkofero y’ubukiriro, be n’inkota y’impwemu, ni ryo jambo ry’Imana, mubandanye gusenga mukoresheje ubwoko bwose bw’amasengesho n’intakambo igihe cose mu mpwemu.”

20. Twebwe dutandukaniye he n’abasoda basanzwe?

20 Kubera ko uwo mwambaro w’ibirwanisho uva ku Mana, nitwaguma tuwambaye nta co tuzoba. Abakirisu ntibameze nk’abasoda basanzwe, abo usanga boshobora kumara igihe batariko bararwana. Bobo bari mu ntambara y’ugupfa n’ugukira idatezura, izohagarara igihe gusa Imana izoba yakuyeho isi ya Shetani kandi yatereye amadayimoni yose mu nyenga. (Ivyahishuwe 12:17; 20:1-3) Ku bw’ivyo, ntutane n’akabando niba uriko uranyinyana n’ubugoyagoye canke ivyipfuzo bibi, kuko twese dutegerezwa ‘gukubitagura’ umubiri wacu kugira tugume turi abizigirwa kuri Yehova. (1 Abakorinto 9:27) Nkako, igihe tutariko turarwana iyo ntambara ni ho dukwiye guhagarika umutima.

21. Dutegerezwa gukora iki kugira dutahukane intsinzi mu ntambara yacu?

21 N’ikindi kandi, ntidushobora gutsinda iyo ntambara dukoresheje inguvu zacu bwite. Ni co gituma Paulo atwibutsa  yuko dukeneye gusenga Yehova “igihe cose mu mpwemu.” Turakwiye kandi kwumviriza Yehova mu kwiyigisha Ijambo ryiwe no mu kwifatanya n’‘abasoda’ bagenzi bacu igihe cose bishoboka, kubera ko iyo ntambara tutariko tuyirwana twenyene! (Filemoni 2; Abaheburayo 10:24, 25) Abaguma ari abizigirwa muri iyo mice yose ntibazotahukana intsinzi gusa, ariko kandi bazoshobora kuburanira bimwe bikomeye ukwizera kwabo igihe kugeramiwe.

NIWAME WITEGURIYE KUBURANIRA UKWIZERA KWAWE

22, 23. (a) Kubera iki dutegerezwa kwama twiteguriye kuburanira ukwizera kwacu, kandi ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza? (b) Ni igiki twihweza mu kigabane gikurikira?

22 Yezu yavuze ati: “Kubera ko mutari ab’isi, . . . isi i[ra]banka.” (Yohani 15:19) Ku bw’ivyo, abakirisu bategerezwa kwama biteguriye kuburanira ukwizera kwabo kandi bakabigirana icubahiro n’ubwitonzi. (Soma 1 Petero 3:15.) Niwibaze uti: ‘Noba ntahura igituma rimwe na rimwe Ivyabona vya Yehova bafata ingingo zitandukanye n’uko abandi babona ibintu? Mbega igihe mpanganye no gufata ingingo mwene iyo, noba nemera ntakeka ko ibivugwa na Bibiliya be na wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge ari ivy’ukuri? (Matayo 24:45; Yohani 17:17) Vyongeye, ku bijanye no gukora ibigororotse mu nyonga za Yehova, noba ntemera gusa kuboneka ko ntandukanye n’abandi ariko kandi nkaba ndavyishimira?’—Zaburi 34:2; Matayo 10:32, 33.

23 Ariko rero, akenshi usanga icipfuzo dufise co kuguma twitandukanije n’isi kigeragezwa mu buryo butibonekeza cane. Nk’akarorero, nk’uko twamaze kubivuga, Shetani aragerageza gukwegakwegera abasavyi ba Yehova mw’isi abicishije ku kwinezereza. None twohitamwo gute uburyo bwiza bwo kwinezereza buzotuma twumva turuhuriwe kandi tukagumana ijwi ryo mu mutima ryiza? Ico kibazo kirarimburwa mu kigabane gikurikira.

^ ing. 3 Kuva kuri Pentekoti yo mu 33, Yezu yarabaye Umwami w’ishengero ryiwe rigizwe n’abayoboke barobanuwe bari kw’isi. (Abakolosayi 1:13) Mu 1914, Kristu yarimitswe ngo aganze “ubwami bw’isi.” Ni co gituma abakirisu barobanuwe bo muri iki gihe na bo nyene baserukira Ubwami burongowe na Mesiya.—Ivyahishuwe 11:15.

^ ing. 8 Raba igitabu Comment raisonner à partir des Écritures, urupapuro rwa 140-143, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Raba n'ibindi

UBWAMI BW’IMANA BURAGANZA!

Intwaro y’Imana ni yo yonyene dushigikira tudahemuka

Rwa “ruzi” rugereranya uruhamo rwarutswe ku Vyabona vya Yehova kubera batagira aho bahengamiye mu vya politike rwaramizwe n’ikintu kitari citezwe.

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA)

Dutegerezwa kuba beranda mu ngeso zacu zose

Kwirinda kudohoka, guha Yehova ivyo dushoboye vyose no kwihereza ibifungurwa vy’impwemu bigumye bihuriye ku ki?

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA)

Niwumve ijwi rya Yehova aho uri hose

Raba ukuntu bihambaye kwumviriza ijwi rya Yehova no guseruranira na we akari ku mutima. Iki kiganiro kiradufasha kubona ukuntu twokwirinda ko Shetani n’impengamiro zacu zo gukora igicumuro bidusamaza ngo ntitwumvirize ijwi rya Yehova.