Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

“Mwigumize mu rukundo rw’Imana”

 IKIGABANE CA 2

Ingene wogumana ijwi ryo mu mutima ryiza

Ingene wogumana ijwi ryo mu mutima ryiza

“Mugire ijwi ryo mu mutima ryiza.”—1 PETERO 3:16.

1, 2. Ni gute imbwa ishobora kurokora umuntu, kandi ni kubera iki twoyigereranya n’ijwi ryo mu mutima?

HARI umugabo asinziriye umukondorazosi mw’ijoro. Sinzi ukuntu imbwa yiwe yumvise umuntu akomye ica itangura gukuga. Nya musuma aciye ahunga. Wa mugabo aravyuka ningoga akeraguza hanze maze akumva nta gakoma, agaca yiruhutsa. Vyari kugenda gute iyo nya musuma adasanga iyo mbwa igavye ngo ice ikuga? Wa mugabo yari kugira ingorane: bari kumwiba, bakamukomeretsa canke na ho bakamwica.

2 Abantu benshi baratunze imbwa zibararira. Igihe imbwa igumye igavye, irashobora kurokora umuntu. Imbwa yoshobora kugereranywa n’ijwi ryo mutima, rikaba ari ingabirano ntangere Yehova yaduhaye. (Yakobo 1:17) Hamwe twoba tudafise ijwi ryo mu mutima twogira ingorane zikomeye. Igihe rikoreshejwe neza, rirashobora kudukingira ingorane zodushikira mu buzima. Ku bw’ivyo rero, nimuze tubanze turimbure ico ari co ijwi ryo mu mutima be n’ingene rikora. Turaheza duce irya n’ino ivyiyumviro bikurikira: (1) Ukuntu twomenyereza neza ijwi ryo mu mutima, (2) igituma dukwiye kwubahiriza ijwi ryo mu mutima ry’abandi, (3) n’ukuntu ijwi ryo mu mutima ryiza rituzanira ivyiza.

IJWI RYO MU MUTIMA NI IKI KANDI RIKORA GUTE?

3. Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “ijwi ryo mu mutima” risobanura iki? Ni ubushobozi ubuhe abantu bisangije iryo jambo ryerekezako?

3 Muri Bibiliya, ijambo ry’ikigiriki rihindurwa ngo “ijwi  ryo mu mutima,” urudome ku rundi risobanura ngo “kwimenya.” Twebwe abantu turatandukanye n’ibindi biremwa vyose vyo kw’isi, kuko dufise ubushobozi twahawe n’Imana bwo kwimenya uko turi. Turashobora kwisuzuma maze tukicira urubanza ku bijanye n’inyifato yacu. Mu gukora nk’umucamanza ari muri twebwe, ijwi ryo mu mutima rirashobora gusuzuma ivyo dukora, inyifato yacu n’amahitamwo tugira. Ryoshobora kudufasha gufata ingingo nziza canke rikadukebura ngo ntidufate ingingo mbi. Mu nyuma, ryoshobora kuduhumuriza kubera twahisemwo neza canke na ho rigatuma twicuza kubera twahisemwo nabi.

4, 5. (a) Tuzi gute ko Adamu na Eva bari bafise ijwi ryo mu mutima, kandi kwirengagiza itegeko ry’Imana vyabakwegeye iki? (b) Ni uburorero ubuhe bwerekana ko abantu b’abizigirwa b’imbere y’ubukirisu bakoresha ijwi ryabo ryo mu mutima?

4 Umugabo n’umugore ba mbere baremanywe ubwo bushobozi. Yaba Adamu canke Eva, umwe wese yarerekanye ko yari afise ijwi ryo mu mutima. Ivyo birabonekera ku bimaramare bagize aho bamariye gucumura. (Itanguriro 3:7, 8) Ikibabaje, ico gihe amazi yari yamaze kurenga inkombe. Bari birengagije n’ibigirankana itegeko ry’Imana. Muri ubwo buryo, bari bahisemwo kugarariza n’ibigirankana, ni ukuvuga kurwanya Yehova Imana. Kubera yuko bari abantu batunganye, bakoze ico bazi, kandi ntibogarutse ku Mana.

5 Aho kwigana Adamu na Eva, abantu benshi badatunganye barumviye ijwi ryabo ryo mu mutima. Nk’akarorero, wa mugabo w’umwizigirwa Yobu yavuze ati: “Nagumije ugutungana kwanje, kandi sinzokurekura; umutima wanje [ntuzonyagiriza mu buzima bwanje bwose].” * (Yobu 27:6) Yobu  yarubaha ijwi ryiwe ryo mu mutima. Yararyumvira, akareka rikamuyobora mu vyo akora no mu ngingo afata. Ni co gituma yavuze atarya umunwa ko ijwi ryiwe ryo mu mutima ritamwagirije ngo ritume amaramara canke yiyagiriza. Raba itandukaniro ryari hagati ya Yobu na Dawidi. Igihe Dawidi yakora ikintu cerekana ko atubashe Sauli, umwami yarobanuwe na Yehova, “inyuma y’ivyo, umutima wa Dawidi [wa]guma umukubita.” (1 Samweli 24:5) Nta gukeka ko Dawidi yungukiye kuri iryo jwi ryo mu mutima ryariko riramucumita, rikaba ryaramwigishije kutongera gukora ikintu nk’ico cerekana ko atubaha umwami.

6. Ni igiki cerekana ko abantu bose bafise ijwi ryo mu mutima?

6 None iyo ngabirano y’ijwi ryo mu mutima yoba ifiswe gusa n’abantu bakorera Yehova? Raba amajambo intumwa Paulo yanditse ahumekewe, ati: “Igihe cose abanyamahanga badafise itegeko bakoze ivyo itegeko rivuga nk’uko bisanzwe bibarimwo, abo bantu, naho batagira itegeko, baba babaye itegeko kuri bo ubwabo. Ni bo nyene berekana ko ibiri mw’itegeko vyanditse mu mitima yabo, mu gihe ijwi ryo mu mutima ryabo rishinga intahe hamwe na bo, kandi mu vyiyumviro vyabo bararegwa canke mbere bakaregurwa.” (Abaroma 2:14, 15) Mbere n’abantu batarigera bumva amategeko ya Yehova, hari igihe ijwi ryabo ryo mu mutima ribahimiriza gukora bahuza n’ingingo ngenderwako z’Imana.

7. Ni ibiki bishobora gutuma ijwi ryo mutima rikora nabi?

7 Ariko rero, hari ibintu bimwebimwe bishobora gutuma ijwi ryo mu mutima rikora nabi. Uti ni nk’ibihe? Igihe imbwa itagumye igavye, nta co iba imaze. Canke na ho igihe ikuze mugabo nyeneyo ntavyiteho, birashobora kumukwegera akarambaraye. Muri ubwo buryo nyene, hamwe tutoguma tugavye ngo ivyipfuzo bibi ntivyoshe ijwi ryacu ryo mu mutima, nta co ryotumarira. Igihe na ho rituburiye ryisunze ubuyobozi bwo kwizigirwa buri mw’Ijambo ry’Imana ariko ntihagire ico dukora, vyodukwegera akarambaraye. Ntitwoshobora gutandukanya ikibi n’iciza mu bintu vyinshi  bihambaye. Mu vy’ukuri, kugira ngo ijwi ryacu ryo mu mutima rikore neza, turakeneye kuyoborwa n’impwemu nyeranda ya Yehova. Paulo yanditse ati: “Ijwi ryo mu mutima ryanje rishinga intahe hamwe nanje mu mpwemu nyeranda.” (Abaroma 9:1) Ariko none, twokora iki kugira ngo ijwi ryacu ryo mu mutima rikore rihuza n’impwemu nyeranda ya Yehova? Bisaba kurimenyereza neza.

INGENE TWOMENYEREZA IJWI RYO MU MUTIMA

8. (a) Ivyo twipfuza bishobora gukora iki kw’ijwi ryo mu mutima, kandi ni igiki dukwiye kwitwararika kuruta ibindi igihe dufata ingingo? (b) Kubera iki kugira ijwi ryo mu mutima ritakwagiriza bitama bihagije? (Raba akajambo k’epfo.)

8 None wofata ingingo gute wisunze ijwi ryawe ryo mu mutima? Bisa n’uko bamwe birabira gusa ukuntu biyumva maze bagaca bafata ingingo y’ico bokora. Boshobora rero guca bivugira bati: “Emwe, jewe numva bihuje n’ijwi ryanje ryo mu mutima.” Ivyipfuzo vyacu birashobora gukomera cane, gushika n’aho bikevya ijwi ryo mu mutima. Bibiliya ivuga iti: “Umutima ni umuhemu kuruta ikindi kintu cose kandi ni mubi cane. Ni nde yowumenya?” (Yeremiya 17:9) Ivyo umutima wacu wipfuza rero si vyo bikwiye kuza imbere y’ibindi igihe dufata ingingo. Ahubwo nyabuna, vyoba vyiza tubanje kurimbura ivyohimbara Yehova Imana. *

9. Gutinya Imana bisobanura iki, kandi bigira ico bikoze gute ku ngingo dufata?

9 Niba vy’ukuri ingingo kanaka twayifashe twisunze ijwi ryo mutima ryamenyerejwe neza, izokwerekana ko tuyoborwa n’ugutinya Imana aho kwisunga ivyipfuzo vyacu. Raba  akarorero kavyerekana neza: Buramatari w’umwizigirwa Nehemiya yari afise uburenganzira bwo kurihisha amahera no gutoza ikori abantu b’i Yeruzalemu, ariko ntiyabigize. Uti kubera iki? Yaranka ko yohava akora ibidahimbara Yehova mu guhahaza abasavyi b’Imana. Yavuze ati: “Sinagize gutyo kubera ugutinya Imana.” (Nehemiya 5:15) Gutinya Imana ata buryarya, ni ukuvuga gutinya cane gukora ibidahimbara Data wa twese wo mw’ijuru, ni ikintu gihambaye cane. Ico cubahiro kigera kure tumufitiye kizotuvyurira umutima wo kurondera ubuyobozi mw’Ijambo ry’Imana igihe tugomba gufata ingingo.

10, 11. Ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zijanye n’ukunywa inzoga, kandi ni gute tworeka Imana ikatuyobora igihe tuzishira mu ngiro?

10 Nk’akarorero, rimbura ibijanye n’inzoga. Igihe duhuriye hamwe n’abagenzi, benshi muri twebwe usanga babwirizwa gufata ingingo yuko bonywa canke batonywa. Imbere ya vyose, dutegerezwa kwigisha ijwi ryacu ryo mu mutima. Ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya zijanye n’ico kibazo? Mu vy’ukuri, Bibiliya ntibuza kunywa inzoga ku rugero. Irahimbaza Yehova kubona yararonkeje abantu umuvinyu. (Zaburi 104:14, 15) Ariko rero, Bibiliya iriyamiriza kunywa birenze urugero n’ukwidagadura kurimwo akaborerwe. (Luka 21:34; Abaroma 13:13) Vyongeye, akaborerwe Bibiliya igafata cokimwe n’ibindi vyaha bikomeye, nk’ubusambanyi n’ukurenga ibigo. *1 Abakorinto 6:9, 10.

11 Izo ngingo ngenderwako ziramenyereza ijwi ryacu ryo mu mutima kandi zigatuma ryama ryiteguriye kudukebura. Igihe rero dutegerezwa gufata ingingo yo kunywa canke kutanywa mu rubanza kanaka, twokwibaza utu tubazo: ‘Ni urubanza bwoko ki? Vyoba bizoshika ntirugume rucungerewe neza ku buryo abantu baja mu vyo kwidagadura baborewe? Mbona inzoga gute? Noba ndi kinyota, noba mbura  amahoro ntanyoye canke nkaba nywa kugira niyibagize ingorane? Noba nzi kwigerera mu kunywa?’ Igihe tuzirikana ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya be no ku bibazo zivyura, biraba vyiza dusavye Yehova ngo atuyobore akoresheje impwemu yiwe nyeranda. (Soma Zaburi 139:23, 24.) Gutyo, Yehova azodufasha kandi tuzoba turiko turigisha ijwi ryacu ryo mu mutima kwisunga ingingo ngenderwako z’Imana. Ariko rero, hariho ikindi kintu dukwiye kurimbura twitonze igihe dufata ingingo.

IGITUMA TWOKWUBAHIRIZA IJWI RYO MU MUTIMA RY’ABANDI

Ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya rirashobora kugufasha kumenya ko wonywa canke utonywa

12, 13. Kubera iki ijwi ryo mu mutima ridakora kumwe ku bakirisu bose, kandi iryo tandukaniro dukwiye kuribona gute?

12 Vyoshika ugatangazwa n’ingene ijwi ryo mu mutima ry’umukirisu umwe ritandukanye cane n’iry’uwundi. Umwe yoshobora kubona ko atokwihanganira umugenzo kanaka, uwundi na we ugasanga arawukunda akabona ko ata co utwaye. Nk’akarorero, ku bijanye n’inzoga, ushobora gusanga umwe aryoherwa no gusangira agacupa n’abagenzi bariko bariruhura; uwundi ugasanga ico kintu kiramubuza amahoro. Ni kubera iki none abo bantu batandukanye gutyo, kandi ivyo bikwiye kugira ico bikoze gute ku ngingo dufata?

13 Abantu baratandukanye bivuye ku mvo nyinshi. Ivyo bakuriyemwo biratandukanye cane. Nk’akarorero, bamwe usanga bazi ubugoyagoye kanaka barwanije kuva kera, kumbure n’ubu bakaba batarabutsinda. (1 Abami 8:38, 39) Abantu mwene abo boshobora kwiyubara cane ku bibazo bijanye n’inzoga. Bishitse umuntu mwene uwo akagutemberera, ijwi ryiwe ryo mu mutima ryoshobora kumubuza kunywa inzoga uramutse uyimuzimanye. None uzobabara? Uzomugobera ngo anywe? Habe namba. Waba uzi igituma yanse canke utakizi, akaba yoshobora kudashima kukivugira ng’aho, urukundo rwa kivukanyi ruzokuvyurira umutima wo kumwubahiriza.

14, 15. Ni ikibazo ikihe abagize ishengero ryo mu kinjana ca mbere batabona kumwe, kandi Paulo yabahanuye iki?

 14 Intumwa Paulo yarabonye ko abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari batandukanye cane mu kuntu ijwi ryabo ryo mu mutima ryakora. Ico gihe hari abakirisu babuzwa amahoro n’ibifungurwa bimwebimwe vyaba vyabanje gushikanirwa ibigirwamana. (1 Abakorinto 10:25) Ijwi ryo mu mutima rya Paulo ntiryamubuza gufungura mwene ivyo bifungurwa vyaheza bikagurishwa mu masoko. We yabona ko ibigirwamana ata co bimaze. Ibigirwamana ntivyashobora kugaba ibifungurwa bikomoka kuri Yehova akaba ari na we vyegukira. Ariko rero, Paulo yaratahura ko abandi batabona ico kibazo nk’uko we yakibona. Bamwe bashobora kuba bari baragize uruhara cane mu vy’ugusenga ibigirwamana imbere y’uko baba abakirisu. Ikintu cose cigeze kuba gifitaniye isano n’ugusenga ibigirwamana cari igitsitaza kuri bo. None ivyo vyatorewe umuti gute?

15 Paulo yavuze ati: “Mugabo, twebwe abakomeye, tubwirizwa kwikorera ubugoyagoye bw’abadakomeye, ntitwishimishe ubwacu. Kuko na Kristu atishimishije ubwiwe.” (Abaroma 15:1, 3) Paulo yatanze iciyumviro c’uko dukwiye gushira ivyo abavukanyi bacu bakeneye imbere y’ivyo ubwacu dukeneye, nk’uko na Kristu yabigize. Mu kiganiro Paulo yagize kijanye n’ivyo, yavuze ko yohitamwo kutarya inyama hako atsitaza intama y’igiciro kinini Kristu yari yarapfiriye.Soma 1 Abakorinto 8:13; 10:23, 24, 31-33.

16. Ni kubera iki abafise ijwi ryo mu mutima ribabuza ibintu bimwebimwe badakwiye gucira urubanza abandi?

16 Ku rundi ruhande, abafise ijwi ryo mu mutima ribabuza ibintu bimwebimwe ntibakwiye kunegura abandi, ngo bitege ko bose babona ibintu vyega ijwi ryo mu mutima nk’uko bo babibona. (Soma Abaroma 14:10.) Mu vy’ukuri, ni vyiza ko ijwi ryo mu mutima turikoresha mu kwicira urubanza, aho kurikoresha mu gucira urubanza abandi. Niwibuke amajambo ya Yezu agira ati: “Nimureke guca urubanza kugira  ntimuzocirwe urubanza.” (Matayo 7:1) Abagize ishengero twese turakwiye kwirinda kuvyura impari ku bintu vyega ijwi ryo mu mutima. Ahubwo riho, turarondera uburyo bwo kuremesha urukundo n’ubumwe, tukubaka abandi aho kubasenyura.—Abaroma 14:19.

IJWI RYO MU MUTIMA RYIZA RIRATUZANIRA IVYIZA

Ijwi ryo mu mutima ryiza rirashobora kutuyobora mu buzima, rigatuma tugira umunezero n’amahoro mu mutima

17. Abantu benshi basigaye bafise ijwi ryo mu mutima rimeze gute?

17 Intumwa Petero yanditse ati: “Mugire ijwi ryo mu mutima ryiza.” (1 Petero 3:16) Ijwi ryo mu mutima rityoroye imbere ya Yehova ni umuhezagiro ntangere! Ntirimeze nk’ijwi ryo mu mutima ry’abantu benshi b’iki gihe. Paulo yaravuze abantu usanga ‘ijwi ryabo ryo mu mutima rimeze nk’iryokeshejwe icuma kirungurije.’ (1 Timoteyo 4:2)  Icuma kirungurije kiraturira umubiri ugasigara ari inkovu kandi watimvye. Abantu benshi basigaye bafise ijwi ryo mu mutima rimeze nk’iryapfuye. Usanga ryaratimvye ku buryo ritakibaburira canke ngo ritume bamaramara kibure basogotwa mu mutima kubera ibibi bakora. Muri iki gihe abantu benshi basa n’abataciyumvamwo agatima ko kwiyagiriza.

18, 19. (a) Kwiyagiriza canke kumaramara bifise akamaro akahe? (b) Twokora iki nimba ijwi ryo mu mutima ribandanya kuducira urubanza kandi twaramaze kwigaya?

18 Mu vy’ukuri, ukwiyagiriza gushobora kuba ari uburyo ijwi ryacu ryo mu mutima rikoresha mu kutubwira ko twakoze ikintu kibi. Igihe ukwo kwiyagiriza gutumye uwacumuye yigaya, yoshobora guharirwa naho yoba yakoze icaha c’agacamutwe. Nk’akarorero, Umwami Dawidi yarakoze icaha gikomeye ariko yarahariwe, ahanini bikaba vyatumwe  n’uko yari yigaye bivuye ku mutima. Uwo mwami yaciye azinukwa ico kibi yari yakoze yongera ariyemeza kugamburuka amategeko ya Yehova. Ivyo vyatumye yibonera yuko Yehova ari ‘mwiza kandi yiteguriye kubabarira.’ (Zaburi 51:1-19; 86:5) Ariko none, twokora iki hamwe twoguma twumva ukwiyagiriza n’ibimaramare kandi twaramaze kwigaya no kubabarirwa?

19 Rimwe na rimwe, ijwi ryo mu mutima ryoshobora kurenza urugero mu kwagiriza umucumuzi, rikaguma rimucumita kandi yaramaze kwigaya. Muri ico gihe, hari aho twoba dukeneye gusubiriza umutima mu nda uwo muntu, tukamwereka ko Yehova aruta imitima yacu. Ubwacu turakeneye kwizigira no kwemera urukundo n’ikigongwe ciwe, nka kurya nyene turemesha abandi kubigira. (Soma 1 Yohani 3:19, 20.) Ijwi ryo mu mutima rityoroye riratuma twumva amahoro n’itekane, tukagira umunezero mwinshi. Abantu benshi bigeze gukora ivyaha bikomeye barironkeye ayo mahoro adasanzwe. Ubu basigaye bakorera Yehova bafise ijwi ryo mu mutima ritabagiriza ikibi.—1 Abakorinto 6:11.

20, 21. (a) Iki gitabu gifise intumbero iyihe? (b) Ni umwidegemvyo uwuhe twebwe abakirisu twifitiye, ariko dukwiye kuwukoresha gute?

20 Iki gitabu kigenewe kugufasha kuronka uwo munezero, ukagumana ijwi ryo mu mutima ryiza muri iyi misi ya nyuma idurumbanye y’isi ya Shetani. Ariko ntiwumve, ntigishobora guca irya n’ino amategeko yose n’ingingo ngenderwako zose zo muri Bibiliya ukeneye kuzirikanako no kwisunga mu bibazo vya misi yose. Vyongeye, ntiwitege ko uzoronka amategeko adoma urutoke ku co wokora n’ico utokora ku bintu biraba ijwi ryo mu mutima. Intumbero y’iki gitabu ni ukugufasha kwiga no gushira mu ngiro Ijambo ry’Imana mu buzima bwa misi yose. Ivyo bizomenyereza ijwi ryawe ryo mu mutima ku buryo rigufasha gutandukanye ikibi n’iciza. “Itegeko rya Kristu” ntirimeze nka ya mategeko Imana yaha Abisirayeli. Itegeko rya Kristu risaba abakirisu kwisunga canecane ijwi ryo mu mutima n’ingingo  ngenderwako, aho kwisunga amategeko yanditse. (Abagalatiya 6:2) Yehova rero yarahaye abakirisu umwidegemvyo udasanzwe. Ariko rero, Ijambo ryiwe riradukebura ngo ntidukoreshe uwo mwidegemvyo nk’“igitwikiro co gupfuka ububi.” (1 Petero 2:16) Uwo mwidegemvyo nyabuna uraturonsa akaryo keza igitangaza ko kugaragaza urwo dukunda Yehova.

21 Nurimbure ujanisha n’isengesho ukuntu worushiriza kubaho wisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya maze ushire mu ngiro ingingo ufata. Ivyo bizotuma uzobandanya ingendo ihambaye cane watanguye igihe wamenya Yehova. “Ububasha bwa[we] bwo gutegera” buzomenyerezwa “biciye ku gukoreshwa.” (Abaheburayo 5:14) Ijwi ryawe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya rizokugirira akamaro mu buzima bwawe bwose. Nka kumwe kwa ya mbwa ikuga kugira imenyeshe shebuja ko hari akaga, ijwi ryawe ryo mu mutima rizogukebura bitume ufata ingingo zihimbara So wawe wo mw’ijuru. Ubwo ni uburyo bwiza bugufasha kwigumiza mu rukundo rw’Imana.

^ ing. 5 Mu Vyanditswe vy’igiheburayo, nta jambo rihindurwa ngo “ijwi ryo mu mutima” ribonekamwo. Ariko rero, ako karorero ka Yobu biraboneka neza ko gafitaniye isano n’ijwi ryo mu mutima. Ijambo “umutima” akenshi ryerekeza ku muntu w’imbere. Muri ako karorero, biragaragara ko iryo jambo ryerekeza ku muce kanaka w’umuntu w’imbere, na wo ukaba ari ijwi ryo mu mutima. Mu Vyanditswe vy’ikigiriki, ijambo rihindurwa ngo “ijwi ryo mu mutima” ribonekamwo incuro nka 30.

^ ing. 8 Bibiliya irerekana yuko kugira ijwi ryo mu mutima ritakwagiriza bitama bihagije. Nk’akarorero, Paulo yavuze ati: “[N]ta co numva niyagiriza. Yamara muri ivyo simboneka ko ndi umugororotsi, ariko uwunsuzuma ni Yehova.” (1 Abakorinto 4:4) Hariho mbere n’abahama abakirisu nka kumwe kwa Paulo ariko ijwi ryabo ntiribagirize kubera biyumvira yuko Imana ishima ivyo bakora. Birahambaye cane ko ijwi ryacu ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi ariko kandi n’Imana ikaba ibona ko rityoroye.—Ivyakozwe 23:1; 2 Timoteyo 1:3.

^ ing. 10 Turakwiye kumenya ko abaganga benshi bavuga yuko kwigerera ari ikintu kidashoboka ku bantu biziziwe n’inzoga. Icoba ciza kuri bo ni ukuziheba burundu.

 

Raba n'ibindi

Nufate ingingo mu buryo buranga ubukerebutsi

Twokwiyemeza neza gute ko ingingo dufata zihuye n’ivyo Imana igomba? Ni igiki codufasha gushitsa ingingo tuba twafashe?