Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGIHIMBA CA 8

Mesiya aseruka

Mesiya aseruka

HACIYE imyaka irenga 500 Daniyeli amenyesheje ibizoba, Gaburiyeli umumarayika w’Imana yarabonekeye umwigeme umwe w’isugi yitwa Mariya, uno akaba yakomoka ku Mwami Dawidi. Gaburiyeli yamubwiye ati: “Amahoro, wewe uwagiriwe ubutoni budasanzwe; Yehova ari kumwe nawe.” (Luka 1:28) Ariko rero, Mariya yaragize ubwoba. Mbega iyo ndamukanyo ya Gaburiyeli yasobanura iki?

Gaburiyeli yabwiye Mariya ko yovyaye Mesiya

Gaburiyeli yasiguye ati: “Ntutinye, Mariya, kuko wagize ubutoni ku Mana; kandi, ehe uzosama inda uvyare umuhungu, kandi uze umwite Yezu. . . . Yehova Imana azomuha intebe y’ubwami ya Dawidi se wiwe, kandi . . . ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo.” (Luka 1:30-33) Mbega inkuru nziza! Mariya yovyaye Mesiya, uno akaba ari we rwa “ruvyaro” rwari rumaze igihe kirekire rurindiriwe!

Umwaka wakurikiye, Yezu yaravukiye i Betelehemu. Muri iryo joro, umumarayika yamenyesheje abungere bo muri ako karere ati: “Ehe ndabamenyesha inkuru nziza y’akanyamuneza kenshi . . . kuko uno musi Umukiza yabavukiye, akaba ari Kristu Umukama, mu gisagara ca Dawidi.” (Luka 2:10, 11) Mu nyuma, umuryango wa Yezu warimukiye i Nazareti, akaba ari ho yakuriye.

Mu mwaka wa 29 G.C., wa mwaka nyene Mesiya yategerezwa kuboneka, Yezu yaratanguye gukorera Imana ari intumwa yayo, igihe yari afise “imyaka nka mirongo itatu.” (Luka 3:23) Abantu benshi bahavuye batahura yuko yari yarungitswe n’Imana. Bavuze bati: “Umuhanuzi akomeye yahagurukijwe muri twebwe.” (Luka 7:16, 17) Ariko none Yezu yigishije iki?

Yezu yarigishije abantu gukunda Imana no kuyisenga: Yavuze ati: “Yehova Imana yacu ni Yehova umwe, kandi utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose n’inkomezi zawe zose.” (Mariko 12:29, 30) Yavuze kandi ati: “Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda.”—Luka 4:8.

Yezu yarahimirije abantu ngo bakundane: Yavuze ati: “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.” (Mariko 12:31) Yavuze kandi ati: “Ibintu vyose . . . mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira; nkako, ico ni co Itegeko n’Abahanuzi bisobanura.”—Matayo 7:12.

Yezu yarabwiye abandi ibijanye n’Ubwami bw’Imana abigiranye umwete: Yavuze ati: “Ntegerezwa kumenyesha . . . inkuru nziza y’ubwami bw’Imana, kubera ko ico ari co natumwe.” (Luka 4:43) Ni kubera iki Ubwami bw’Imana buhambaye gutyo?

Ivyanditswe vyigisha yuko Ubwami bw’Imana ari intwaro yo mw’ijuru izotegeka isi. Yezu we Mesiya ni we Mwami wabwo yagenywe n’Imana. Daniyeli intumwa y’Imana yarabonye imbere y’igihe yuko Imana yohaye Mesiya “ubutware n’iteka n’ubwami” mw’ijuru. (Daniyeli 7:14) Ubwo Bwami buzotuma isi yose iba Iparadizo bwongere buhe abasavyi b’Imana impera y’ubuzima budahera. None iyo si yo nkuru nziza kuruta izindi zose?