Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Hitamwo ururimi Ikirundi

Ubona gute kazoza?

Ubona gute kazoza?

Iyi si yoba . . .

  • izoguma gutya?

  • izorushiriza kumera nabi?

  • izomera neza?

 IVYO BIBILIYA IVUGA

“Imana . . . izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.”Ivyahishuwe 21:3, 4, Bibiliya y’isi nshasha.

ICO VYOKUMARIRA

Uzogira igikorwa c’ingirakamaro kandi gishimishije.Yesaya 65:21-23.

Ntuzosubira kurwara canke gushikirwa n’imibabaro iyo ari yo yose.Yesaya 25:8; 33:24.

Uzobaho uhimbawe kandi ibihe bidahera uri kumwe n’umuryango be n’abagenzi.Zaburi 37:11, 29.

 TWOBA VY’UKURI DUSHOBORA KWEMERA IVYO BIBILIYA IVUGA?

Egome, kubera n’imiburiburi imvo zibiri:

  • Imana irashoboye gushitsa ivyo yasezeranye. Muri Bibiliya, Yehova Imana ni we wenyene yitwa “Mushoboravyose,” kuko afise ububasha butagira aho bugarukira. (Ivyahishuwe 15:3) Ku bw’ivyo, arashoboye rwose gushitsa ivyo yasezeranye ko azohindura iyi si ikamera neza. Nk’uko Bibiliya ibivuga, “ku Mana vyose birashoboka.”Matayo 19:26.

  • Imana iripfuza gushitsa ivyo yasezeranye. Nk’akarorero, Yehova ‘arashashaye’ kuzura abapfuye.Yobu 14:14, 15.

    Bibiliya irerekana kandi yuko Umwana w’Imana ari we Yezu yakijije indwara. Yabitumwe n’iki? Yabitumwe n’uko yabishaka. (Mariko 1:40, 41) Cokimwe na Se wiwe, Yezu yaripfuza gufasha abari n’ivyo bakeneye.Yohani 14:9.

    Turashobora rero kwemera tudakeka ko Yehova na Yezu bashaka kudufasha kuzobaho duhimbawe muri kazoza!—Zaburi 72:12-14; 145:16; 2 Petero 3:9.

 ZIRIKANA KURI IBI BINTU

Ni gute Imana izohindura iyi si ikamera neza?

Bibiliya irishura ico kibazo muri MATAYO 6:9, 10 no muri DANIYELI 2:44.